NATACHA yururiye indege imushikana mugihugu ca Ugandan,kurondera VISA y’umukozi wiwe wo munzu (UMUYAYA)yitwa ALINE


Igihangange mu muziki w’uburundi benshi mumenyereye cane abaryohera aheruka kubereka Video yiwe nshasha y’indirimbo SHIKILIA ikozwe k’urwego rukomeye ariwe Umuririmvyikazi NATACHA nuko k’umunsi wakane iyi indwi  kw’igenekerezo rya 11/08/2016 yaraye yuriye indege imukuye mugihugu c’uburundi bwamwibarutse  imushikana mugihugu ca UGANDAN neza na neza mugisagara ca KAMPALA.

Aho twaganira nawe akiri kukibuga c’indege ca Bujumbura yavuze ko atakindi gikorwa nyamukuru kimujanyeyo nuko agiyeyo kurondera igitabo c’inzira bita” VISA “gitanga uburenganzira bwokuja mubihugu bitandukanye biri hanze y’uburundi akavuga ko izoba ari y’umukonzi wiwe wo munzu wiwe yitwa Aline (UMUYAYA) asanzwe akurikiranira hafi umwana wiwe w’umuhungu yitwa Julio kandi kubwa Natacha ngo uwo Aline aramufasha cane kugira atunganye ibikorwa vyiwe vyo kuririmba zirya ndirimbo nama Video ahora abashikiriza k’umugaragaro bikabashimisha.

1471001094535Kuko kenshi ngo Aline niwe amusigaranira umwana wiwe Julio kubera bikamufasha kugira akore ibikorwa vyiwe vy’umuziki w’uburundi   yisanzuye kandi atankomazi rero kubw’umuririmvyikazi Natacha arabishimangira y’uko Aline yamubereye nk’incuti kandi nico gituma nawe nyene amufata neza nk’umuvukanyi wiwe yasavye aba Fans biwe kumuterera ibisabisho kugira azoronke VISA  yuwo mukonzi wiwe wo munzu izomufasha kugenda mugihugu ca ITALIE nkuko bazojana mukaruhuko.

NATACHA akavuga ko ayo amasengesho yanyu y’ibisabisho vy’Uhoraho azogira ico amufashijije kuko yaragerageje m’umwaka wa 2015 uheze ntivyakunze kwayironka Visa ya Aline ariko yizeye ko uno mwaka 2016 azoyironka kandi hamwe aramutse ajanye na Aline muri Italie bizomufasha gutegura neza ibikorwa bikomeye vyumuziki mugihugu cubutaliyano naramuka agenda nuyo mukozi wiwe kuko azomufasha gutegura abana biwe no kubakurikirana igihe cose bazoba bari murico gihugu nawe bimuhe inguvu zogukora ibindi bikorwa vyiwe bijanye n’umuziki.

1471001010330

Nayo kubwa Aline ngo afise umunezero ntangere kuko yaronse umukoresha  mwiza ariwe mabuja wiwe Natacha amufata neza nka batoyi biwe akaba yaryohewe cane nkuko mumubona mumafoto ariko aratwenga n’ibijigo bikaboneka ngo ribaye ubwa kabiri yurira indege nkuko bagiye bajanye mugihugu ca Ugandan kandi  kuva avuka n’icuro yakabiri yicara munda y’indege ivyo vyose ngo ni kubera umuririmvyikazi Natacha rero Imana imuhezagire kandi arashaka cane kuja mugihugu ca Italie niyashikayo azoryama adakuye ibirato akomeua asaba Imana imufashe cane bizokunde namwe ngo mumusengere niko Aline yatumenyesheje.

Umuririmvyikazi Natacha yariye ko yatumenyesheje ko ariko arategura Festivale Ikomeye cane yitiriwe amahoro ngo iryo sabukuru ry’amahoro rizobera kuri Stade Prince Louis Rwagasore kw’igenekerezo rya 21 ukwezi kwa myandagaro kandi rizoba ririmwo abaririmvyi n’abaririmvyikazi barenga mirongwitatu kuko rifise intumbero yo kwerekana ko mu Burundi amahoro ashoboka uko bimeze kwose kandi biciye mukuririmba bizoba ari ibirori bidasanzwe ntimuzobicike.

1471000959720

Hama Umuririmvyikazi Natacha yasozereye amenyesha ko yabuze umusaza wiwe yitwa Roger-Zeze yahora aba mugihugu ca Afrika yepfo akaba yamazeyo imyaka 15 ubu bakaba barafashe ingingo yo kumushingura muri icogihugu nyene yari umuhungu w’impfura munda ya Maman wabo yitwa Valerie Ngendabanka akaba yarangije ashimira abaje kumugarukako mu bihe bigoye barimwo.

KURIKIRANA MU KURABA AYANDI AMAFOTO YABO ABAGARAGAZA BAGIYE MUGIHUGU CA Ugandan ,UMURIRIMVYIKAZI Natacha NA Aline UMUKOZI WIWE WO MUNZU

1471000909250 1471001884720 1471001783429
FYONDA HANO====>>>RABA VIDEO NSHASHA ORIGINAL / NATACHA – Shikilia

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s