J.MARIE MUCO n’umurundi aba Zambia yatewe iteka atumirwa mugiteramo gihimbaza Imana mugihugu ca Tanzania


Umuririmvyi J.MARIE MUCO wumurundi aririmba indirimbo zihimbaza Imana,asanzwe aba mugihugu ca Zambia ariho akorera ibikorwa yahawe n’Imana vyo kuririmba agahezagira abantu bashoboye kumva ubutumwa abaha mundirimbo ziwe akora kandi ubu yimirije gusohora indirimbo yiwe nshasha yakoranye numwe mu bihangange vy’umuziki w’uburundi ariko batari basanzwe baririmba ibijanye nizo ndirimbo,benshi bamuzi kw’izina ry’uburirimvyi MKOMBOZI niyo birije kuzosohora vuba cane ikaba yitwa ”MANA DUTABARE

Ubu abarundi benshi bayirindiranye igishika cinshi kugira bazoshoboye kumviriza na canecane mu kumva imistari y’amajambo agizwe n’ubutumwa bw’Imana J.Marie Muco aririmba indirimbo zihimbaza Imana zifasha abantu benshi bazumviriza nuko muri iyi indwi yashoboye guterwa iteka ridasanzwe mu muziki wa East Africa ukora abaririmvyi ba Gospel bagize akarere k’Africa y’ubuseruko aho bafise igiteramo kidasanzwe kizoba kirimwo imigisha myinshi n’imihezagiro hamwe n’ubutumwa bwiza bw’Imana muzohavugirwa.

13754655_2151332958478590_6760435014741942631_nBizoba biriko bibera mugihugu ca Tanzania ni ukwezi kuza kw’icenda uno mwaka wa 2016 niho bazotangura guteramisha abantu bazoba bashitse mukibanza kizoba biberamwo ico giteramo kidasanzwe yatumiwemwo J.MARIE MUCO ari umurundi umwe gusa akora umuziki w’uburundi muri Gospel,akaba yavyakiriye neza agashimira cane abantu bose bashoboye kumusengera kuko Imana iriko iramwereka imigisha mu bikorwa yamutumye ayirangurire vyo gukwiragiza ubutumwa bwayo mundirimbo akora mubihugu vyose biri kw’isi.

Ubu rero ashoboye kubona ikiganza c’Imana kimujanye gihugu ca Tanzania guteramisha abantu baho ,akamenyesha y’uko azotangura urugendo rumushikanayo avuye mugihugu ca Zambie,guhera itariki 08/09/2016 azoba yamaze kurutangura akazoshikayo bukeye bwaho umuririmvyi J.Marie Muco akavuga ko bidasanzwe cane kubona yaratumiwe mugiteramo gikomeye cane kigiye kuzobera mugihugu ca Tanzania kizoba itariki 11/09/2016 ahamagarira abarundi musanzwe mubayo ko muto kwirengagiza kukizamwo kugira bazoharonkera imigisha n’imihezagiro.

13718703_1761805757399276_743018151374501519_n

Bizohakorera akabemerera ko azobateramisha bakaryoherwa cane gose kuko yatanguye kubategurira indirimbo zitandukanye azobaririmbira zihimbaza Imana bikunze akazoshobora no kuririmba indirimbo yiwe nshasha ataramenyesha igihe azoyisohorerako bizoba bidasanzwe muri icogiteramo ati n’imwe yakoranye n’igihangange c’umuziki w’uburundi ariwe Mkombozi irindiranye igishika n’abarundi benshi nkuko bayise Mana Dutabare.

Kandi ngo abari Tanzania mwumvise akamo yabateye ko kwitabira mukuza abaryohere mundirimbo ziwe nuko ngo igiteramo yatumiwemwo kizobera mugisagara ca”MOROGORO“hanyuma ntavyokurihisha bizobamwo mu kwinjira azoba ari ku buntu nt’amaharanga bazotangisha aho hazoba hariho aba Artist ba Gospel bashika cumi na babiri bose hamwe nibo bazoshobora kubateramisha nabwo bavuka mugihugu kimwe basinzwe amavuta y’Uhoraho.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s