G-BO yasapotinzwe na BIG FIZZO mundirimbo yiwe “SIONI”murabe yifotoye apfutse ijisho


Inyuma yaho umuririmvyi G-BO asohoye indirimbo yiwe nshasha yise“SIONI”igakundwa naba fans biwe benshi ndetse n’abanywanyi mu muziki w’uburundi bose bamaze iminsi bayumviriza nuko rero yaciye atanguza igikorwa kidasanzwe nco kuza araraba abantu boba barashimishijwe niyo ndirimbo yiwe agaca basaba bakomeze kuyimenyekanisha babiciyeshije muburyo bwo kwifotoza ifoto imwe hama bapfuka ijisho rimwe irindi rigasigara ribona bisobanura ngo“SIONI“uravye hiryo no hono bikomeye ntivyoroshe.

G-BO ashoboye kuronka akanya Akaganira naba fans biwe haba abaririmvyi n’abandi abantu benshi batandakanye arabasaba y’uko boshobora kumwereka urukundo bamufitiye mu gukunda cane indirimbo yiwe nshasha”Sioni” bakifotoza ifoto bazibiye ijisho rimwe ivyo birabandanya vyibonekeza henshi nuko hasoboye kuboneka imwe mw’ifoto y’igihangange mu muziki w’uburundi yemerwa cane n’abantu benshi kubera indirimbo ziwe zibaryohera cane kumviriza ariwe Umuririmvyi Big Fizzo nuko yagaraye akoze ivyo uwo muririmvyi yashaka.

13709904_1213913115319863_7065388520731758498_nUbu bikaba biriko birabonekako abaririmvyi bakora umuziki w’uburundi bariko barashigikirana mubikorwa vyabo bakora hagati yabo nkuko vyashoboye kwerekanwa n’umuririmvyi Big Fizzo mu kumwereka urukundo rudasanzwe umuririmvyi mugenzi wiwe ariwe G-BO atarashobora kuba igihanganga aracari “Underground”bikaba ar’ibintu bidakunze kuboneka cane mu baririmvyi b’abarundi mugushikirana mu gihe umwe wese abayasohoye indirimbo akabikora bivuye kumutima mu kwerekana ko amusapotinze.

Big Fizzo akaba arumwe mu bihangange bikora umuziki w’uburundi yashoboye gutangura kumenyekanisha indirimbo nshasha yiswe SIONI y’umuririmvyi G-BO mumaze iminsi mwumviriza mubinyamakuru bitandukanye vy’amaradiyo akorera mu Burundi utibagiwe urubuga rwa You Tube naho nyene uyisangayo nuko rero yashoboye kumurungikira ifoto iragaragaza ukumenyekanisha iyo ndirimbo akaba y’ayifotoye apfutse ijisho rimwe bikaba vyashimishije uwo muririmvyi kubona mukure wiwe yamutanguriye umuziki ashoboye kumufasha.

13879191_2157501287861757_4574355761043062854_nKuyimenyekanisha abiciye mu kwifotora ifoto apfutse ijisho rimwe kandi arahamagarira n’abandi abaririmvyi babikore mu kubandanya bamushigikira mugikorwa ciwe yatanguje ciyo ndirimbo yiwe nshasha ikomeza gukundwa n’abantu benshi nabo babikore nkuko Big Fizzo asanzwe ari igihangange mu muziki yamurungiye ifoto yifotoje mu gushikira nokumwereka urukundo amufitiye mu gikorwa yakoze c’indirimbo Sioni mbega munywanyi w’umuziki w’uburundi uvyakiriye gute kubona Big Fizzo yaramushikiye G-BO ?

Advertisements

One thought on “G-BO yasapotinzwe na BIG FIZZO mundirimbo yiwe “SIONI”murabe yifotoye apfutse ijisho

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s