SHIKILIA Media Tour yabandanije kw’iradiyo ISANGANIRO menya ico NATACHA abamenyesha kugira muzobone Video yiwe SHIKILIA


Igihangange c’umuziki w’uburundi awukora neza mugashima ariwe Umuririmvyi NATACHA yabandanije nigikorwa ciwe yitiriye “SHIKILIA Media Tour“aho yaguma amenyekanisha indirimbo yiwe nshasha iguma ibica bigacika mu barundi n’abarundikazi benshi bayumvirije buri umwanya ariyo yise”SHIKILIA“akaba yabandanije ico gikorwa kw’iradiyo ISANGANIRO agikoreye mukiganiro citwa Ijumatano Msanii,gisanzwe kiremeshwa umumenyeshamakuru yitwa MEDARD GEANT MG kuva igihe c’isaha umunani gushika igihe cisaha umunani nigice hari k’umunsi wa gatatu igenekerezo rya 03/082016.

Natacha akaba yamenyesheje y’uko Video nshasha y’indirimbo Shikilia,mukindiranye igishika nco kuzoyiraba muri abantu benshi canecane aba fans biwe ngo mushobra kuguma hafi cane ubu Video yiwe y’indirimbo Shikilia,yamushikiliye ivuye mugihugu ca Tanzania aho yafashwe amashusho yakoze umuhinyanyuzi w’umutanzania adasanzwe yitwa PABLO kandi ko bayarungitse babicishije kuri DH ikindi yatumenyesheje y’uko aracari kukivi kandi vuba agiye kubereka igikorwa kidasanzwe kizobashimisha cane nko kuraba iyo Video ikozwe kurwego rurangiranwa izobatangaza cane.

13876135_2156048218007064_7630452730751645848_nAbamenyesha ko yemera ikintu ntayaga amasigara cicaro aragishitsa nkuko yemereye Boris kabizi hamwe na Idelfonse ko agiye kubaha umubonano bivanye n’indirimbo yiwe bakoreye aka Video Comedy mwarayiboneye nubu iguma ibaryohera kuraba ibatwenza cane kandi uwo mubonano agiye kuwubaha kuruyu munsi wa kane kw’igenekerezo rya 04/08/2016 yavuze ko igikorwa bakoze kirashimishije cane mbere vyanatumye abandi batari bake batangura kwigana ico gikorwa cabo.

Umuririmvyikazi Natacha akaba nabo abashimira caaane abo bantu batanguye kwigana igikorwa catanguwe na Kabizi Boris hamwe na Idephonse kuko bakoze bakitanga ariko akamenyesha y’uko bose ntiyoja arabaha umubonano canke abasubize amahera bakoresheje mugukora izo Video zitwenza abantu baziravye batamba indirimbo yiwe” Shikilia”yabandanije abamenyesha y’uko abo babaye abambere kandi bakoze igikorwa camukozeko cane kumutima yasanzwe abona babigira kubandi baririmvyi bakomeye cane kandi bo mubihugu vyo hanze.

13882264_2156048271340392_9010616563653907367_nNatacha arabamenyesha mwese abanywanyi b’indirimbo ziwe nama Video mu kurikirana cane ibikorwa vyiwe akora n’uko kuva  k’umunsi wa gatandatu itariki 06/08/2016 niho muzotangura kuraba Video nshasha yiwe y’indirimbo SHIKILIA muzoyibona ubwambere mukiganiro citwa Home Flavour  gikunzwe cane c’umuziki w’uburundi gica ku mboneshakure Salama kikaremeshwa n’umumenyeshamakuru Dj Rapha inyuma yaho ngo muzosubira kuyibona mukiganiro  Au dela du Son mukunda cane kuraba ku muboneshakuru y’igihugu c’uburundi bwabibarutse.

Kiremeshwa n’umumenyeshamakuru  Paul Emile BAKUNDUKIZE hamwe muzoguma muryoherwa izosubira kwerekanwa iyo Video SHIKILIA ya NATACHA mukiganiro mwamenyereye cane gica kuri iyo mboneshakure y’igihugu citwa Zina zo pendwa kikaremeshwa n’umumenyeshamakurukazi Fanny  kandi ngo muuzoyikurikirana no ku mboneshakuru REMA “TV”no kuri YOU TUBE agasaba abarundi n’abarundikazi bose ko bokwama bayiraba na canecane kuri You Tube kugira ironke ama Views menshi cane akaba yarangije abashimira bose bazobikora n’umutima ukeye.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s