K’umunsi wa gatanu aba SWAGG TEAM+257 bazogusukamwo indirimbo nshasha ikaze cane bise”UMUSHUSHO”ntuzotangwe


Umurwi SWAGG TEAM+257 w’abaririmvyi hamwe n’umuririmvyi umwe baramaze iminsi baguteguza wewe munywanyi mu muziki w’uburundi kurindirana igishika cinshi indirimbo yabo nshasha bise“UMUSHUSHO”nkuko nawe wabemereye ko uyirindirire kumva ivyo bashatse kuririmba kubera wumvise izina bayise rero ngo barazi neza kuyishashaye kuyumviriza ubu barakumenyesheje ko k’umunsi w’ejo wa gatatu bazoyisohora mutanguranwe kuyumva ukuri kwamye usanzwe uri umunywanyi w’indirimbo bakora ntizokujane.

Aba SWAGG TEAM+257 baremeza neza ko aba fans babo mwagumye muyibasaba bayinyarutse kuyisohora kugira muyumve nuko rero ejo uraba mu bambere bazoyumviriza kubera bazoyigusukamwo amasaha y’igitondo tuzoba twamaze kuyibazanira ngaha kukinyamakuru canyu muyumve icuro yanyu yambere isanga ni k’umunsi wa gatanu iyi indwi nyene turimwo nkuko bashoboye kubikumenyesha umenye umunsi bateguteguriye uryoherwe mu kumva akanovera k’umudiho n’amajambo bizoryohera amatwi yawe ejo.

13731465_522227354649155_2432260099297401696_nUzoryoherwa ukazoyumva gute ijambo ryambere uzohita ushaka kudaheza kuyiva imbere ihere kuko  ntisanzwe bashizemwo amajambo adasanzwe rero abaravuga ko mushaka gusobanukirwa neza mukamenya ico bashatse kuririmba uribera uwambere kuyumva kuko ntibavyoroheje ukuntu bayikoze muzohava muyikunda cane gose kurusha izo bamaze gukora aho bamaze kuyikwemerera ko izoshobora bukeye neza uraba uri hafi kub’uwambere kuyumviriza.

Swagg Team+257 bakaba bashoboye kugirako berekana kimwe mubiranga ikimenyetso c’indirimbo yabo nshasha ikaze cane mukuyita UMUSHUSHO aho bakoresheje bimwe bita COVER mu kudashirako ifoto yabo iberekana ivyo bikaba biri mubintu bishobora ngo mushobora kwibaza igituma bakoresheje ifoto mubona y’uwo mukobwa ataboneka mumaso bamwerekanye igice,ivyo bikaba bigaragaza inyinshu nyinshi ziranga iyo ndirimbo kuba yumviriza ejo kuwa gatanu niyo isango bazoyisohorera ntuzokwibagire rero kuyumva.

13921042_527742594097631_3603480172635602867_nTwashoboye kuyaga n’umurwi SWAGG TEAM+257 w’abaririmvyi hamwe n’umuririmvyikazi umwe bakunda kubaryohera cane mundirimbo zabo bakunze gusohora nuko twashoboye kubabaza igituma batashizeko ifoto yabo ibaranga kuri Cover y’indirimbo UMUSHUSHO buca mwumviriza bavuze ko arivyo bashimye kubwabo kuko barabizi neza ko abanywanyi mu muziki w’uburundi muhava mwibaza ibibazo vyinshi kubera mubonye ifoto bakoresheje atari iyabo igituma bayishizeko.

Niho muza kugira uburoho bwogushaka kuyumviriza muri abantu benshi cane gose iyo ndirimbo bagomba kurekura k’umugaragaro kuko ngo amafoto yabo mwaramaze kuyamenyera nkuko mushoboye kubishikirizwa na Swagg Team+257 bamaze kuyibemerera aba fans babo n’abandi bose muzoyumva aho buza gukera k’umunsi w’ejo bazogusukamwo iyo ndirimbo nshasha yabo ikaze cane bise”UMUSHUSHO“ntimuzotangwe kuyumviriza.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s