SHIKILIA MEDIA TOUR ya NATACHA ibandanya kumaradiyo menshi yo mu Burundi abateguza muzoraba muri benshi”Video SHIKILIA”


Ntivyorosha uno mwaka wa 2016 ntahagarika aguma akora azotangaza abenshi,yarabitanguye kubatangaza abaririmvyi n’abaririmvyikazi bakora umwuga umwe w’umuziki w’uburundi ubashimisha mwese muwukunda mu gihe basohoye indirimbo bakazikorera Video nubwo kenshi bidakunze kuboneka cane mugihugu c’uburundi ariko wewe arabikora bitamugoye kenshi birasiga ubwenge abantu benshi ni Umuririmvyikazi Natacha abandanya amenyekanisha indirimbo yiwe nshasha imenyekanye cane kw’izina rya“SHIKILIA” aguma ayikwiragiza kubimenyeshamakuru bitandukanye vyo mu Burundi canecane amaradiyo.

Inyuma yaho indirimbo Shikilia ya Natacha ikomeza gukundwa cane n’abarundi eka n’abarundikazi benshi bakayikundira uburyo ikozwemwo n’ukuntu y’ayiririmvye birabaryohera ikitibagiwe usanga batangura no kuyitamba nkuko vyagaragaye muba Comediens b’abarundi baherutse kuyikorera aka Video gatwenza bazwi nka Kabizi Boris hamwe na Iidephonse le comedien rero iyo ndirimbo yayishize k’umugaragaro kw’igenekerezo rya 6 ukwezi kwa Mukakaro uy’umwaka rero arabandanya nico ciswe”SHIKILIA MEDIA TOUR”.

13686493_2155242194754333_490758732020846134_nAho gushika ubu amaze kugendera amaradiyo atandukanye menshi cane yo mu Burundi bwamwibarutse kugira amenyeshe iyo ndirimbo yiwe ariyo” SHIKILIA “ubu isigaye ikunzwe caaaane naba fans biwe eka n’abanywanyi benshi bakurikirana cane umuziki w’uburundi haba abari mu Burundi cangwe hanze y’uburundi gushika kino gihe umuririmvyikazi Natacha amaze kugendera iradiyo y’igihugu Radio Frequence Menya (RFM),radiyo Nderagakura,Radiyo Rema Fm,Radiyo Culture,Radiyo Colombe FM.

Radiyo Colombe FM ikaba yari iramukiwe kuruwu wa kabiri kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro yari aramutse atumiwe mukiganiro URUGENDO RW’UMUZIKI INDUNDI kisanzwe kiremeshwa na Thierry Nzisabir kandi murico kiganiro akaba yagarutse kumigambi mikurumikuru yiwe akoramwo umuziki w’uburundi mu kubashimisha abaryohera aho yamenyesheje y’uko ashaka kuba umuririmvyikazi rurangiranwa kandi ko indirimbo yiwe ‘ Shikilia,yakiriwe neza cane naba fans wiwe eka abarundi n’abarundikazi bose hamwe n’abanyamahanga.

13903245_2155243038087582_6060404731666914348_nNatacha akaba yaciye aboneraho akaryo ko kumenyesha y’uko Video yiwe nshasha y’indirimbo Shikilia yamaze gusohoka kandi ko yatanguye kwerekanwa ku mboneshakure zo mugihugu ca Tanzania aho iyo ndirimbo yakorewe muri Studio Wasafi Records icobatangaza ikaba yatanguye kwerekanwa mukiganiro citwa BEAT AGENDA kiremeshwa na VJ Bavon kirengana ku mboneshakure y’igihugu yo muri Tanzania “TBC” hamwe n’imboneshakure CLOUDS TV yo muri cogihugu nyene isanzwe ariyo yambere muguteza imbere umuziki muri Tanzania.

Ico twobamenyesha n’uko iyo ndirimbo igiye kwerekanwa mumboneshakure zo mu gihugu zose zikorera mugihugu c’uburundi bwamwibarutse kuva mumpera za ino ndwi  tugiye gutangura eka abatazoba baronse akaryo ko kuyiraba kuri izo mboneshakure zo mu Burundi turavuga nkabari mumahanga n’ahandi bazoca bayisanga bayirabire kurubuga rukomeye cane kw’isi yose rurambwa  Tube.

Uno muririmvyikazi Natacha  atariko avyorosha mu gukora umuziki w’uburundi agomba gushika kurwego rukomeye muri Africa yose muvy’umuziki yatumenyesheje y’uko yizera neza ko Video y’indirimbo yiwe “ SHIKILIA “igiye kumushira kuntambwe ikomeye caaane mumuziki wiwe akorera mugihugu c’uburundi izomushikana kurwego rukomeye rwa East Africa yose.

NTUTANGWE KURABA AMAFOTO MENSHI YEREKANA UKUNTU VIDEO NSHASHA Y'INDIRIMBO Shikilia YA Natacha YEREKANWE KU MBONESHAKURE ZIKOMEYE Z'IGIHUGU CA TANZANIA NTIWIBAGIRE KURABA NIY'IGIHE YARARI KW'IRADIYO Colombe MURI Shikilia Media Tour

13920661_2155243151420904_3552034829784030226_n

13879326_2155243178087568_3481717166675559966_n

13925318_2155243414754211_6583189581343399043_n

13920675_2155243508087535_2979058504500371086_n

13879238_2155243308087555_5577017713066928503_n 13886884_2155243094754243_8531907860674982887_n 13892354_2155243241420895_1208312061460246416_n 13895065_2155243008087585_7337946722622220176_n 13895206_2155243284754224_32333237922263519_n 13901414_2155242284754324_686995031660828208_n (1) 13901414_2155242284754324_686995031660828208_n 13901509_2155242951420924_1979515665941090225_n 13902663_2155243121420907_4920524605658682307_n 13902663_2155243121420907_4920524605658682307_n 13906784_2155242984754254_5815721887428636144_n 13924887_2155242931420926_2182799762518421540_n 13925093_2155243484754204_5697852379393582512_n 13925391_2155243061420913_4393405450124462049_n 13932689_2155243214754231_876342945475308357_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s