OLGA ambwira aba fans biwe nta zobamaramaza agomba kubakorera indirimbo nziza izobaryohera inyuma y’indirimbo yakoranye na BIG FIZZO


OLGA ntavyorosha mu kuririmba indirimbo ziryoshe cane na canecane bakunda kumutazira“SEXY VOICE”kubera ubuhinga afise budasanzwe bw’ijwi bushimisha abantu benshi bakunze kumwumviriza iyo asohoye indirimbo canke amfashije abandi baririmvyi mu gukora indindirimbo,aramaze gukorana,na benshi harimwo niyo yafashije ,yitwa“NAJUA“y’igihangange c’umuziki w’uburundi, Umuririmvyi Lolilo bari kumwe n’igihangange c’umuziki wa Tanzania n’Africa yose,ariwe DIAMOND PLAMNUZ,hari mu myaka iheze ninaho iryo zina ryatanguriye arihamagarwa nabo baririmvyi harimwo naba fans biwe bose.

Umuririmvyikazi Olga murazi ko ukwezi kwa gatatu yashoboye gukora indirimbo yiwe nshasha ayifashijwemwo n’igihangange c’umuziki w’uburundi benshi muzi kw’izina ry’uburirimvyi BIG FIZZO,iyo ndirimbo yitwa” ME AND YOU” mwarabonye kuva akiyosohora yabiciye biracika mu ba fans biwe hamwe n’abanywanyi bakunda umuziki w’uburundi bari mu bihugu bitandukanye kandi ninayo ndirimbo yatanguriye ko gusohora  uno mwaka wa 2016.

Ikomejwe gukundwa cane ikindi igiye mumahiganwa ya Top Music Burundi iratorwa cane ikaza mu kibanza cambere ntayindi indirimbo yigera iyija imbere.

Olga,y’abashimishije cane gose  ba fans biwe, naba Big Fizzo mwaryohewe cane mwumvirije indirimbo“ME AND YOU”bakoranye  ibarwa neza kumutima mu kavuga ko ibaruhura cane atayindi ndirimbo mubona ko  iyisumba ubu naho ngo mutangure kwitegura yagarutse inyuma yiyo ndirimbo yiwe yakoranye nico gihangange aho uwo muririmvyikazi atavyorosha mu kuririmba mu kunda cane ijwi ryiwe ryiza ukuntu mwumvise nk’indirimbo ziwe abariko abaririmba mu ryoherwa cane nkuko yabibakoreye mundirimbo”Me and You”.

13507184_10153755792958131_5287443597315077157_nYaramaze amezi menshi ari mugacerere mu kubarindira muheze kuryoherwa niyo ndirimbo ariko abonako bikomeza kubarenza rero ngo agomba abongereremwo ibindi birungo biryoshe cane mu gukora cane mu muziki w’uburundi mu kubagaragariza uburyo abakundamwo na canecane aba fans biwe bakunda kumutera intege ntagihe kirekire asigaje yinjire muri Studio kuhakorera indirimbo nshasha ariko ntiyashimye kuvuga izina ryayo naho azoyikorera kimwe gusa yayibemereye ko vuba cane azokwinjirayo kuyikora hama azoheza ayibashikirize k’umugaragaro.

Umuririmvyikazo Olga ngo yagarutse adasanzwe mukubategurira indirimbo yiwe nshasha vuba cane gose agomba kuzoyikora izoba ije inyuma y’indirimbo “ME AND YOU” yakoranye n’umuririmvyi Big Fizzo nkuko iguma ibaryohera buri umwanya wose muyumvirije aho yongeye arabemerera ko muzoshobora kuryoherwa cane niyamara kwinjira muri Studio kuhakorera iyindi indirimbo yiwe nshasha akavuga ko atazokwigera abamaramaza mu kubaha ibibaryohera muri iyo ndirimbo nshasha.

Agomba gukora nubwo atashimye kubamenyesha izina uko izoba yitwa kandi aremeye naba fans biwe abambwira ngo ntazobamaramaza ahubwo azobakorera ivyo mwamusavye kugira bibaryohere ntimwamara kuyumva akagira abamenyesha ko abakunda cane agashimira cane abantu bamuhora hafi buri iminsi yose.

13241390_10153680722988131_105693595793546056_nUmuririmvyikazi Olga twamubajije ibijanye no gusohora iyo ndirimbo yiwe nshasha avuga ko izoba idasanzwe izobaryohera cane abantu bose bazoyumva nyaburya ababimusavye ari benshi cane,ategerezwa gukora iyizobaryohera kumutima atibagiye gushiramwo ibirungo vy’ijwi ryiwe rikunda kubaruhura nkuko bamutazira”SEXY VOICE“,mur’ibuka abamaze kumva indirimbo yise”Me and You”y’arashoboye kurihamagarwa na Big Fizzo turangize tubamenyesha aba fans biwe n’abanywanyi mu muziki w’uburundi murindiranye igishika cinshi nco kuzokumviriza indirimbo yiwe nshasha yabemereye tuzogerageza kuguma tumubaza aho ibikorwa vyayo bigeze muzoheza mumenye izina ryayo n’igihe izosohokera ko nkuko yabitwiganiye ko ubu ariko yitegura kwinjira munzu y’ubuhinyanyuzi“STUDIO”

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s