Mbega MKOMBOZI asigaye afise MANAGER yahoze ariwa SAT-B yitwa TAKIS barabe muri Studio bahuriye mu Rwanda?


Igihangange gikora umuziki w’uburundi kikanezereza abantu benshi mu gihe gisohoye  indirimbo zikabaryohera cane kumviriza amajambo y’imistari ni umuririmvyi MKOMBOZI,kino gihe ari murugendo rudasanzwe mugihugu kibanyi c’urwanda aho aherutse kuhahimbariza imyaka 28 y’amavuko rero ubu ngo yahakomeje kuhakorera ibikorwa vy’umuziki.

Kuno kwezi gushasha kumanani twatanguye uno munsi rero amakuru agezweho mu muziki w’uburundi yariko aravurwa hirya no hino nay’igihangange MKOMBOZI akora umuziki w’uburundi hamwe nuwahoze amufata mumugongo umuririmvyi SAT-B nkuko mubizi babita MANAGER azwi kw’izina rya TAKIS yarafise Studio ikomeye cane yari mugisagara ca Bujumbura yitwa AFRICA SOUND RECORDS muga kuva igihugu c’uburundi gitanguye kutabonekamwo amahoro yahise ayugaza iyo Studio hari umwaka uheze wa 2015.

FB_IMG_1470071716120

Nkuko muvyibuka ko Manager TAKIS yahoze afasha cane SAT-B mu kumufata mumugango mubikorwa yakora mu muziki w’uburundi yarashoboye kumushikana kurwego rukomeye bakorana muri Studio Africa Sound kandi yahakoreye indirimbo zitarinkeya zagiye zirahitinga nk’iyitwa SATURA AMABAFLE ,WEZERE izo ndirimbo zarabiciye biracika mu barundi benshi bazumviriza mwuwo mwaka ariko munyuma baje gutandukana ubutagisubira kumufata mumugongo.

Nkuko uwo muririmvyi yaciye aja mugihugu ca Kenya agarutse ashika amutera akagera yigendera gufashwa na Manager wiwe mushasha yitwa IKORICIZA HARUNA bakoranye muri Studio IKOH nawe ntibamaranye igihe kirekire inyuma yo kumuha Umuduga hama akawumwaka amaze kugenda Umuririmvyi Sat-B mugihugu c’urwanda baratandukana burundu.

Amakuru ariko aravurwa cane nuko ngo Umurirmvyi MKOMBOZI yoba yamaze kuronka umu Manager mushasha azoza amufasha muburyo butandukanye bw’ibikorwa vy’umuziki w’uburundi akora nawe ni Manager Takis yahoze ari Management wa Sat-B ivyo biriko biravurwa cane mu Rwanda aho bashoboye guhurira mugisagara ca Kigali bagahita ngo bayaga niho kwerekeza muri Studio ikoreramwo umuhinyanyuzi PASTOR P wumunyarwanda yakorera muri Africa Sound Records mu Burundi.

Ninawe yahinyanyuye indirimbo WEZERE ya Sat-B ari kumwe na Big Fizzo ngo ukubonana kwabo koba kwavuyemwo ibiyago bidasanzwe.

FB_IMG_1470071721928

MKOMBOZI na Manager TAKIS ngo birirwanye umunsi wose bari muri Studio ahakorera indirimbo indirimbo nshasha nkuko yashoboye kubimenyesha aba fans biwe avuga ko ari mugikoni ari kumwe nabahinga babiri aribo Manager Takis na Pastor ariko ntiyashimye kuvuga izina ryayo ikindi kiriko kiravurwa nuko boba bagiye gukorana cane babashimisha mubikorwa nkuko uwo Manager w’umuzungu yabikoze mu gihe yafasha cane Sat-B ariko rero turacamurondera Mkombozi atange umuco kubiriko biramuvurwa ko kwasigaye afise Manager mushasha yahoze ariwa Sat-B vuba cane tubamenye ico yabivuzeko tubibutse ko yimirije gusohora indirimbo nshasha yise KUKI? yakoranye n’Abamarayika b’ijuru.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s