Ca gihangange c’umuziki w’uburundi ariwe Umuririmvyikazi NATACHA nkuko umwaka wa 2016 ugutangura yerekanye ibikorwa bidasasnzwe vy’umuziki muguhera kubashikiriza k’umugaragaro Video y’indirimbo “UNANIONGOPEA“nkuko yayikoranye n’umurwi Yamoto Band ,bakomeye cane bo mugihugu ca Tanzania uravye nubu akomeua gushika kurwego rukomeye haba mu Burundi canke mukarere ka East Africa mubijanye n’umwuga wiwe wo kuririmba.
Amakuru agezweho mu muziki w’uburundi adushikiriye ubunyene nuko Umuririmvyikazi Natacha araryohewe cane bimwe bidasasnzwe kandi bivuye kumutima aho yabonye aba comediens babiri bitwa KABIZI BORIS hamwe na IIDEPHONSE LE COMEDIE aho bakoze aka video agatenza cane gose batamba indirimbo yiwe nshasha ahetutse gusohora iriko irabica bigacika mu bantu benshi bakomeza kuyumviriza kuko ifise uburyoheye budanzwe yitwa”SHIKILIA“yayikoreye muri Studio Wasafi Records yo mugihugu ca Tanzania ikomeye cane muvy’umuziki wa East Africa.
Umuririmvyikazi Natacha akibona aka Video kabo bariko batamba indirimbo Shikilia,yatwenze cane gushika naho amosozi amutembana mumaso kubera umunezero mwinshi udasanzwe bamushimishije bikomeye kuko ngo mubisanzwe arakunda caane ibikorwa vyaba comediens kandi naho yoba afise ikibazo canke Stress ikintu kimuryohera nikuraba comedies zitwenza akaba yaryohewe kubona aba comediens b’abarundi bariko baratera intambwe ikomeye cane mugukunda ibikorwa vy’abarundi ndetse bakanabisubiramwo.
Natacha aravuga ko ari mbonekarimwe mu Burundi kubona aba Comedies b’abarundi ,Kabizi Boris na Iidephonse le comedien bagaraje igikorwa nkico batamba indirimbo yise Shikilia bagakora aka Video kayo bayisubiramwo kuko ngo ivyo n’ibikorwa vyama biriko birasubirwamwo aba Comedies babanya Tanzania,Kenya, Uganda canke mubindi bihugu ariko mugihugu c’uburundi bwamwibarutse ntivyari bwaboneke kubona aba comediens baja hamwe ndetse bagashiramwo n’uburyo kugira basubiremwo igikorwa c’umuririmvyikazi wiwabo mu Burundi.
Umuririmvyikazi Natacha yavuze ati Kabizi Boris na Iidelphonse le Comedien abamenyesheje y’uko yabashimiye cane naho atarababona ngo birerekana ko bamukundira cane ibikorwa vyiwe akora mu muziki w’uburundi na East Africa,nawe akaba akunda cane abantu bamukunda na canecane abakunda ibikorwa vyiwe vy’umuziki.
Natacha akaba yemeye cane y’uko bakoze igikorwa ciza kimushimisha agiye kubasubiza amafaranga yabo yose boba barakoresheje mugukora ako ka Video k’indirimbo Shikilia,yiwe batamvye ikindi yabemereye nuko vuba azobaha umubonano udasanzwe kugira basangire hamwe ico n’ikimenyetso nco kubashimira kukigoro berekanye ko bamukunda kandi bamwitayeho kandi yatumenyesheje y’uko Kabizi Boris na Ildephonse le Comedien nimba bariko bakurikirana ay’amakuru abashimira ngo nibanyaragase baterefone umumenyeshamakuru DJ RAPHA asanzwe akurikirana hafi ibikorwa vyiwe kugira abahe gahunda ijanye nivyo yabemereye bomuterefona kuri 79570196.
Uno muririmvyikazi Natacha adasanzwe mugukora umuziki w’uburundi yama abashimisha mubikorwa vyiwe ngo asubiye gushimira ubugira kabiri abo ba comediens kugikorwa ciza bakoze agashimira n’abandi bose bama bariko baramushigikira mubikorwa vyiwe vy’umuziki atibagiye n’umumenyeshamakuru FRANCK PRO, atagira imbibe yama yitanga mu kumenyekanisha ibikorwa vyiwe kenshi,yahejeje atumenyesha y’uko Video SHIKILIA igiye gusohoka vuba rero aba fans biwe bayirindiranye nigishika cinshi izoba yakataraboneka izomushikana kure cane mu rwego mpuzamakungu.
FYONDA URABE HANO==>> Shikilia By Natacha ( COMEDY VIDEO 2016 BURUNDI)