PEACE AND LOVE ubatumiwe muzoze muri benshi kuri”LE CRISTAL”uzoshira ahabona”VIDEO 2 “mu kutibagirwa BOBO PEACE


Umurwi w’abaririmvyi PEACE AND LOVE ukomeye cane gose muvy’umuziki w’uburundi usanzwe uririmba indirimbo ziryohera abantu benshi inyuma yo kubura umwe mu baririmvyi  yitwa JEAN BOSCO NIGANZE yarazwi cane kw’izina rya”BOBO PEACE“nkuko barimutazira kandi yakomeye cane gose yabica bigacika mu kuririmba neza akabiryoshe mundirimbo nyinshi yaririmba eka yanezereza aba fans buwo murwi ari benshi ari kumwe n’umuvukanyi wiwe VIANNEY,bamutazira VICHOU LOVE.

Nkuko mubizi neza y’uko uwo muririmvyi abamukunda cane ukuntu yakora ibikorwa vy’umuziki barababaye cane kumutima mu kumvako yamaze gupfa atarigihema nuko aheruka kwitaba umuremyi ahitanywe n’urupfu rw’isanganya ry’umuduga hari kw’igenekerezo rya 07/06/2016 hanyuma bamushingurana iteka ridasanzwe mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda kw’igenekerezo rya 15/07/2016 niho bamusezera iryanyuma ariko rero umurwi Peace and Love bakunda cane ukuntu ukora indirimbo ziryoshe kumviriza no kuraba,aho benshi bari baziko ugiye guharika ibikorwa vy’umuziki w’uburundi.

11221650_795960110521980_4064304351775942934_n
NYAKWIGENDE Bobo Peace NUWO MUBONA MUGUFI HAMA Vichou Love NUWO ATANGURA MUREMURE

Nkuko bavyibaza Kubona havuyemwo umwe muribo akitaba uwamuremye”IMANA“nyakwigendera Bobo Peace kare bahora ari abaririmvyi babiri bapfatanya mu kuririmba indirimbo zigezweho zifise akanovera karyoshe kumviriza nubwo ngo atakiriho ntibazomwibagira kandi ibikorwa bizobandanya ukuri kwamye nkuko vyamenyeshejwe na Vianney awusigaranye arumwe uwo murwi aracabandanya ategura na Karaoke arumwe akabateramisha aba fans babo kukabare ka Peace and Love.

Guhera uno munsi rero abanywanyi mu muziki w’uburundi,aba fans b’umurwi w’abaririmvyi PEACE AND LOVE,urabamenyesha ko ibikorwa vyabo vyabandanyije mu gukora umuziki ukuri kwamye kandi baracari kumwe na nyakwigendera Bobo Peace barabifashanya kubikorana ngo nabwo bari kumwe muvy’umubiri ariko bari kumwe muvy’umutima rero ngo bagiye kuzobica bigacika mu kubateramisha mu karyoherwa cane gose kuko bariko barabategurira igiteramo kidasanzwe cane kuzoba ari LIVE nkuko vyamye aho hambere ntibizokwigera bihinduka ngo Vianney rero aravuga ko vuba cane mwotangura kwitegura mu kuzoza mugateramishwa muryoherwe.

13767373_2152475301697689_5626529772120417833_oPEACE AND LOVE uririmba neza cane usanzwe ukomeye cane muvy’umuziki w’uburundi nuko wabateguriye akataraboneka itariki 04/08/2016 wabateguriye ico giteramo kidasanzwe hazokwaka umuriro mu kubateramisha mundirimbo zitandukanye aho bazoba baramutse bashira ahabona ama Video 2 aryoshe cane kuraba kuko bayakoreye indirimbo mukunda cane zabaryoheye amajambo arimwo y’urukundo kandi mwazisigiwe na nyakwigendera Bobo Peace mu gihe yazikoranye na Vichou Love bagize umurwi wabo Peace and Love nizo bazoshira k’umugaragaro gushika mwiyumvako muri kumwe icamaso na Bobo Peace muga muri kumwe kumutima.

Izo Video nshasha z’umurwi w’abaririmvyi Peace And Love bo mu Burundi bazoshobora kuzishira k’umugaragaro kwiyo tariki zisanzwe ar’indirimbo zibiri,imwe yitwa“WOMBEGA” iyindi”NDICUZA“aho batumiye aba fans wabo ntabari aba fans babo mu kuwushigikira bidasanzwe kizobera ahitwa LE CRISTAL musabwe kuzohashika hakiri kare cane ibirori ntibizobacike mwateguriwe nkuko muzoshobora kuzibonera n’amaso yanyu kuwo munsi nyene nkuko zasizwe zikoze nyakwigendera Bobo Peace akiri muzima ari kumwe na Vichou Love bapfadikanije mukuzikora.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s