Iradiyo n’imboneshakure y’uburundi”RTNB”ihagaritse burundu indirimbo z’abaririmvyi b’igihugu c’urwanda


Bigiye kutazokoroha cane mu barundi bakunda kumviriza indirimbo canke kuziraba z’abaririmvyi bavuka mugihugu c’urwanda bahora babikurikirana k’w’iradiyo n’inemboneshakure y’uburundi benshi bazi kw’izina rya “RTNB”ibihano vyabaye vyinshi mu gufatirwa abaririmvyi b’abanyarwanda barya bose bahora ar’ibihangange bafise indirimbo nama Video bigezweho nuko ubu indirimbo zabo ntizizosubira kuvuzwa canke kwerekanwa burundu ntizigisubira buca kuri iyo radiyo n’imboneshakure y’igihugu c’uburundi.

Rikaba ar’itegeko ryamaze gusohoka kandi ryemejwe eka abakozi bayikorera ntibazokwirahira barirengeko,iryo tegeko ryemeza kutazosubira kuvuza indirimbo z’abaririmvyi b’abanywarwanda zahora zishishwa kw’iradiyo n’imboneshakure y’igihugu c’uburundi”RTNB”zahagaritswe zose harimwo n’indirimbo zisanzwe ziririmba abaririmvyi bo mu rwanda bahimbaza Imana kuva uno mwaka wa 2016 kubandanya imyaka yose iyo radiyo n’imboneshakuru y’igihugu.

arton10713Ntizosubira kuzishishaho mu kuzivuza canke mu kuzerekana nkuko vyahora babigenza mu gihe hasohotse indirimbo nshasha y’umuririmvyi w’umunyarwanda batashobora kuyirerangiza kuyivuza harimwo na Video bakayerekana rero ubu ntizigisubiriye kuhaca vyahagaritse burundu bazifatiye ibihano bikomeye cane gose mugihugu c’uburundi zirasezewe kuri RTNB nkuko mubiziko ar’iradiyo n’imboneshakure y’igihugu”Radio Television Nationale du Burundi”ikomeye cane ntibisanzwe ntagato.

Nkuko twashoboye gutohora ay’amakuru avuga ibijanye n’ibihano vyafatiwe abaririmvyi bo mugihugu c’urwanda kudasubira kuvugirizwa indirimbo canke ama Video yabo haba kw’iradiyo canke k’umuneshakuru y’igihugu c’uburundi nuko itegeko ryafashe umukuru wavyo aho yamenyesha abamenyeshamakuru n’abamenyeshamakuru bayikorako mu kutazovuza indirimbo nimwe yerekeye abanywarwanda nawe subwundi n’umushingantahe Jérôme Nzokirantevye,aho yatanze iryo tegeko mu gutegeka ngo adakeneye gusubira kumva indirimbo y’abaririmvyi bo mu Rwanda ivugijwe haba no kwerekanwa.

6867_1029750053743447_6118785638954327902_nMbega munywanyi mu muziki w’uburundi wumvise itegeko ryasohotse ritanzwe n’umukuru w’iradiyo n’imboneshakuru “RTNB”mugufata ingingo ikomeye cane mu kuvugako ata ndirimwo y’umuririmvyi wo mugihugu c’urwanda ntaho azoba yakoze iyimeze gute ikaryohera amatwi canke kurabwa ntizoshobora kuhacaho bayivuze kubwawe uvyakiriye gute kumva ingingo nkiyo bafatiwe abaririmvyi b’abanyarwanda haba bageze kurwego rukomeye mwarimumenyereye canke abaryohera mu gihe basohora indirimbo na Video bagaca kw’iradiyo n’imboneshakuru y’igihugu c’uburundi?

Advertisements

One thought on “Iradiyo n’imboneshakure y’uburundi”RTNB”ihagaritse burundu indirimbo z’abaririmvyi b’igihugu c’urwanda

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s