IRY TINA amenyesha kw’agarutse gukora umuziki ahereye kuri Video Nsisitira na Collabo yakoranye na SAT-B,afise Manager mushasha yitwa DJ HEARTS


Yaramaze amezi menshi atumvika mu gukora umuziki w’uburundi mu gihe yahora ashimisha aba fans biwe cane gose mundirimbo ziwe hamwe nama Video uwo suwundi ni Umuririmvyikazi IRY TINA benshi bari bamukumbuye gusubira kumubona mukibuga c’uziki w’uburundi ahangana n’abandi baririmvyikazi bagenzi ndetse n’abaririmvyi bose ariko ngo guhera uno munsi wa mbere itariki 25/07/2016,aragarutse gukora umuziki atagusubira kuja mugacerere ivyo vyose ngo vyatumwe nuko yahuye n’ingorane nyinshi zitandukanye mubijanye n’igisata cumu Manager wiwe yitwa FRED RUKUNDO w’umunyarwanda bahoze bakorana cane nkuko mwagiye murabona ubu ntakiri umu Namager wiwe.

Umuririmvyikazi IRY TINA nkuko asanzwe atavyorosha mu gukora umuziki w’uburundi yitanga cane gose mu gushimisha aba fans biwe abaha ibikorwa bishasha vy’umuziki nk’indirimbo na Video zayo nshasha bikabashimisha cane gose rero aravuga ko ubu abamenyesha y’uko yagarutse kandi azananye ibikorwa bishasha inyuma y’uguhura nizo ngorane zitandukanye yagiraniye na Manager wiwe yahora amufata mumugongo mwarimuziko aje atavyorosha ntawuzoshobora kumwegera uko tumubona ivyo abazaniye ntibisanzwe bizoshobora kubashimisha cane.

13423984_1722095034713573_9023168215993542416_nKandi ngo nuko yamaze kuronka MANAGER mushasha yitwa DJ HEARTS bizotuma asubira gukora neza ibikorwa vyiwe vy’umuziki atangorane bimutera mu gukomeza aryohera abanywanyi mu muziki w’uburundi yabandaniye abamenyesha ko ukugaruka kwiwe mu muziki w’uburundi avuye mugacerere akuzanyemwo indirimbo nyinshi nama Video zirimwo na Collabo yakoranye n’abandi baririmvyi vyose bizoshobora kubashimisha niyamara kubishira k’umugaragaro kandi hatarenze k’umunsi w’ejo wa kabiri aratangura kubibashikiriza.

Iry Tina agarutse adasanzwe mu gukora umuziki w’uburundi ngo agomba kubamara inkumbu nyinshi mwarimumufitiye mugushaka ko yo kora indirimbo na Video bibaryohera nawe aravuga ko yarabakumbuye cane gose ubu arashima ko ibintu vyose bigiye kumera neza kubera yaronse Manager mushasha adasanzwe avuka mu gihugu ca Ugandan vyongye numu star akomeye cane muri icogihugu nkuko ariho uwo muririmvyikazi akorera umuziki w’igihugu c’uburundi mu kuwumenyekanishamwo kubera ibikorwa ahakorera bibashimisha nabagandan batari bakeya,ashaka kubabwira aba fans biwe agarutse  abazaniye ibikorwa bishasha.

13417504_1720200918236318_5710091305034025126_nBizobashimisha cane nkuko abikora mu muziki w’uburundi bigizwe n’indirimbo nshasha harimwo ama Collabo hamwe nama Video yazo aho azohera kubashikirira k’umugaragaro ya Video yiwe nshasha mwagumye murindiranye ibigisha cinshi co kuyiraba niy’indirimbo yise NSISITIRA akabirya rero akandi abazaniye mu kubamara inkumbu muminsi iza azoshobora gusohora indirimbo yiwe nshasha ya Collabo izobaryohera cane gose akavuga y’uko yayikoranye n’umuririmvyi SAT-B bayikoreye mugihugu ca Kenya nayo ngo muyiteguriye n’igishika cinshi vuba cane irabashikira muzoyumva.

Uno muririmvyikazi Iry Tina yakomeje abamenyesha aba fans biwe ko ubu yagatutse gukora umuziki arabemereye y’uko agiye kubashimisha bikomeye muzoryoherwa yaje ari mushasha kubera asigaye afise Manager DJ HEARTS ,ni mushasha azokwama amufata mumugongo bazokwama babashimisha mu kubaha indirimbo ziryoshe ,ibiteramo,ama Video eka azobica bicike ntakuryama bizobamwo canke ngo asubire mugacerere kuko agomba gukomeza atera intambwe ikomeye mu gukora umuziki w’uburundi bikabaryohera yongera akomeza kuwuteza imbere mugihugu abamwo kigize akarere k’Africa y’ubuseruka”EAST AFRICA” arico Ugandan.

13782266_2151668095111743_478076976761094633_n
   UWO NIWE MNAGER WIWE MUSHASHA W’UMURIRIMVYIKAZI Iry Tina BAGIYE GUKORANA
Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s