Isabukuru y’amavuko ya MKOMBOZI itumye aheba kunwa inzoga burundu akwije imyaka 28 ayihimbarije mu Rwanda


MKOMBOZI asanzwe ari igihangange mu muziki w’uburundi muri Hip Pop ikorwamwo Rap mugushimisha abarundi benshi bazumviriza aho yaramaze iminsi abamenyesha y’uko yimirije kuzohimbaza Isabukuru y’amavuko yiwe ko azoyisangira hamwe n’abarundi bengenzi biwe yavuze ngo uno mwaka 2016 ntanzoyisangira n’abanyamahanga kuko azoyisangira n’abarundi ivyo yabimenyesheje hasigaye umunsi umwe gusa afate urugendo niho yashoboye gushika mugihugu ca Ugandan avuyeyo bukeye bwaho aca abandanyiriza mugihugu kibanyi c’urwanda ahari abarundi bagenzi biwe yashaka ko azoyisangira.

Umuririmvyi Mkombozi rero nuko yamaze yatanguye isabukuru nziza y’amavuko yiwe ayihimbarije mu Burundi ari kumwe n’abarundi bavuka mugihugu kimwe c’uburundi baryohewe baranwa barasubira nkuko nkuko yabimenyeshe ko izoba itariki 24/07/2016 ubu yamaze kugera afise umunezro mwinshi cane gose kubona yahimbaje umunsi udasanzwe w’amavuko kuriwe mu kwibuka igihe Imana yamurema kw’isi gushika nubu ikibandanya kumuzigama nubwo yayihimbaje n’abagenzi biwe b’abarundi ikindi yashoboye kubonana nuwahoze ari umuririmvyikazi INARUNYONGA war’umunezero mwinshi kuri bo nkuko mubabona kw’ifoto.

13731656_679783518826932_2284798889424789093_nIsabukuru y’amavuko y’igihangange mu muziki w’uburundi uno muririmvyi Mkombozi rurangiranwa mu kuririmba imistari y’amajambo y’inkoramutima akoresha mundirimbo ziwe zikaryohera abantu bazumvirije arabamenyesha ko habaye igitangaza cane kuriwe,guhera kuruwu w’Imana itariki 24/07/2016,niho ayihimbariza mugisagara ca Kigali mu Rwanda ayisangira n’abarundu hamwe n’abarundikazi banyoye inzoga nyinshi baramfungura  vyari biryoshe cane gose biramuhimbaye cane gose kubona bakaryoherwa agashimira Imana yamushikanye kwiyo tariki imwibutsa ivuka ryiwe ridasanzwe mubuzima

Hakoretse igitangaza kw’isabukuru ya Mkombozi,ngo ntazosubira kugufata inzoga azishire mukanwa kiwe azinywe yazihevye burundu nkuko yaduhaye ikiganiro aho yarahejeje gusangira no kunwa nabo barikumwe mu Rwanda bagaheza bagataha umwe wese yaciye ataha ariko ntaraheza azoca abandanyiriza mw’ikambi y’impunzi y’abarundi iri ahitwa “IMAHAMA“ahonyene mu Rwanda azoba agiyeyo kuyaga n’abarundi bagenzi biwe bongere basangire bahimbaza Isabukuru y’amavuko yiwe ibaye itariki 24/07/2016 ashoboye gukwiza imyaka 28 y’amavuko,tubambwire ko afise umwana umwe w’umukobwa yitwa”ANTIVIRUS.”

13726749_1178339968872238_3122494353558421793_nMkombozi twamubajije igituma ahisemwo guheba kunwa inzoga burundu k’umunsi w’Isabukuru idasanzwe y’amavuko yiwe akwije imyaka 28,aremeza neza ko ntazosubira kuzinwa yavuze ngo inzoga yanwa zi 2 gusa arengeje zikaba zi 3, ubu kuva uy’umunsi w’itariki 24/07/2016,arazihevye burundu ntazosubira kuzikorako nkuko yahevye kudya inyama agififise imyaka 5 y’amavuko nubu ntazidya kandi ngo agize ubugeni “MARRIAGE“niho nzosubira kudya inyama kandi izo nzoga yahoranwa ashobora gusubirakuzinwa mu gihe umwansi Satani asubiriye kumukoroga ariko arizera ntibaza ko azomunshobora uwo Satani.

Usanzwe muri abanywanyi mu muziki w’uburundi mukunda ibikorwa bikorwa n’umuririmvyi Mkombozi wumuraperi ushobora kumwereka urukundo umukunda ruvuye kumutima mugutangura kumubarira isabukuru nziza y’amavuko yiwe ahimbaje kuruyu w’Imana itariki 24/07/2016 uheze ushikirize iciyumviro cawe mu kumvako ahevye inzoga kuzinwa burundu ntazozisubira wwumva yoba yafashe umugambi mwiza mbega ubivuze kwiki?

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s