Imiyabaga y’uburundi isanzwe ikina bimwe vyo guntwenza“COMEDY“abantu benshi babiciye mu bikino bakina ,bariko barazamuka mu bikorwa nkivyo basanzwe bazwi kumazina yabo antwenza nka BORIS KABIZI na GITORO hamwe na IDEPHONSE abo barabica bigacika mu dukino twabo bakunda gukina canke muvyo bandika bintwenza nkuko abarundi benshi bakunze kubikurikirana cane bikabaryohera ubu rero iyo miyabaga ibiri igeze ahantu hadasanzwe muntwenza binjiye muvyogufata indirimbo z’abaririmvyi n’abaririmvyikazi bakazikorera Video intwengeje cane mu gutamba indirimbo zabo aho bashoboye kubitangura kandi vuba ngo murabibona.
BORIS KABIRI na GITORA hamwe na IDEPHONSE,bahora mu myiteguro idasanzwe cane gose aho bariko barabategurira abantu b’abarundi ntabatari abarundi musanzwe mu kunda ibikino vyo gutwenza bimwe bita COMEDY bariko barakora Video nshasha izobantwenza cane nkuko babigaraza mumashusho azobonekamwo bakaba bafashe umugambi wo gutamba imwe mundirimbo zigezweho mu muziki w’uburundi yitwa SHIKLIA y’umuririmvyikazi NATACHA yakoreye muri Studio Wasafi Records yo mugihugu ca Tanzania aho ikomeza kuryohera abantu benshi bayumvije kandi iratambika cane k’umudiho wayo yakoresheje.

Abo bakomedi batatu bakamenyesha aba fans b’umuririmvyikazi Natacha hamwe naba fans babo ko bagomba kuyibazanira Video nshasha y’indirimbo Shikilia,bariko barayitamba bakwirikije amajambo yaririmvye uwo muririvyikazi rurangiranwa ntibazovyorosha barashizemwo itambo zintwengeje barambara impuzu zigezeza hejuru nkuko mubibona kurayo aamashusho azobaranga bariko barayitamba bakemenyesha y’uko iyo Video barahejeje kuyitegura neza cane barashizemwo intambo zidasanzwe zizobaryohera cabe abantu bazobabona ukuntu bayitavye birantwengeje cane ngo mube murategura imbavu zanyu hakiri kare.
Ntizizohave zimeneka kubera uguntwenga cane gose,bizoba bidasanzwe cane muri iyo Video nshasha bariko baratamba indirimbo Shikilia y’igangange c’umuziki w’uburundi,umuririmvyikazi Natacha nkuko BORIS KABIZI yantanguye kubimenyesha aba fans biwe bakunda ibikino vyiwe vyo guntwenza mu gihe babiravye muma Video bicwa n’agantwengo kenshi arabemerera ko bazoryoherwa cane bazontwenga n’imbavu zime bariko baraba intambo ziwe atambisha IDEPHONSE niwe ari umukobwa ntibisanzwe mugiye kuzoryoherwa cane barashizemwo ubuhinga bukwiye bubereka neza.

Bizobantwenza cane ubu bimirije kuzoyisohora k’umugaragaro ,aravuga ati bakunzi banje namwe mukunda komedi zanje nabo dukorana ntituruka no kuguma tubazanira bishasha bishasha navyo bikaba bikiri mu gikoni aha rero twariko dutamba indirimbo ikunzwe caane y’umudiho utambika yakorewe kuri”WCB”studio nayo ni Shikilia y’umuririmvyikazi wahano iwacu NATACHA LA NAMBA LA BAMBAAA muyirindirane igishika cinshi caaane.”ivyo bikaba bibamenyesheje umukomedi Boris Kabizi arabateguza kuyitegura muzomurabe ari kumwe nabo bayitambanye aribo Gitoro na Idephonse mbega munywanyi mu muziki w’uburundi woba witeguye kubaraba ukuntu batamba indirimbo Shikilia By Natacha?
NTUTANGWE KURABA AMASHUSHO AZOBONEKAMWO YABO BAKOMEDI BATAMBA INDIRIMBO Shikilia By Natacha AHO BAGOMBA KUZOKWEREKA VIDEO YABO URAGUMA HAFI.

Bizb bishsh vrmnt
LikeLiked by 1 person