Azobemeza abantu abenshi aho abazaniye Video,n’igihangange mu muziki w’uburundi benshi muziki nk’umuririmvyi LOLILO LIZZO,ntazavyorosha ntagato yaramaze iminsi ari mumyiteguro idasanzwe yo gukora Video nshasha y’indirimbo MAKWEREKWERE yigeze gushimisha benshi bayumvirije Audio yayo hari umwaka wa 2015,uheze yabaguye neza kumutima ngo uno mwaka wa 2016 nawo agomba aberekeko atawoza amushikira mugukora Video nziza cane zigezweho z’urwego rukomeye cane akoreshejemwo ubuhinga abandi abaririmvyi batarigera berekana nivyo bigiye kuzoboneka muri iyo Video yiwe nshasha yiyo ndirimbo.
Ico gihangange c’umuziki w’uburundi akaba amenyesha ko Video y’indirimbo MAKWEREKWERE,yamaze kuyiheza mbega murashaka kuzoyiraba?aho turambwira aba fans biwe hamwe ntabatari aba fans biwe azananye umuriro mwinshi udasanzwe ntawuzomukira ngo arayibazaniye vuba cane muzoshobora kuyiraba muzoryoherwa bikomeye cane nkuko yashoboye kuba arabereka amwe mumashusho azoba ayigeze murabonako ari umuririmvyi yakoze ukwashoboye kose kugira izobashimishe abazariraba nkuko mubona kuri ayo mashusho ayiranga.
LOLILO LIZZO,araje adasanzwe mugukora umuziki w’uburundi ntankeka azobemeza abanywanyi b’indirimbo ziwe ntabari abanywanyi biwe kuko ngo izoba imara cane gose Video yiwe yashimye gukora y’indirimbo Makwerekwere aho yafashe ashiramwo abantui benshi cane asha n’isinzi ryabo bikaba bigiye kuzonezereza abantu benshi bazoyiraba sivyo gusa muzobonamwo abantu yakoreshejemwo batandukanye harimwo abigeme benshi cane n’imisore ico atubagiye kugira izoshimishe abazoyiraba ni ikibanza yayikoreyemwo bibonekako yoba yaragiye ahantu hari akaguriro”ISOKA”muraguma hafi cane muminsi irimbere irabashikira muzovyibonera neza n’amaso yanyu ngo muzoryoherwa kurusha.
Mukiganiro twakoranye n’umuririmvyi Lolilo Lizzo benshi abaryohera cane mundirimbo ziwe akorera Video nkuko azoshobora kubandanya abanezera mu kubazanira Video nshasha y’indirimbo yise MAKWEREKWERE ,mu gihe twayaga nawe twamubajije igihe azoyisohora kugira abayinyotewe kuziyiraba mube muramenya ikiringo isigaje isohoke k’umugaragaro nuko atashimye kuhatubarira ariko ngo iri muri Video zizoba zigize Album yiwe nshasha yise”NDATAHUTSE“kandi sikere cane kuko ivyasabwa vyose muri iyo Video yamaze kubiranga hasigaye akazi kuwayifashe amashusho ashore kuyihinyanyura neza aheze ayimushikirize hama muzoca muyiraba ayisohoye.
Mbega munywanyi mu muziki w’uburundi ushimisha n’ibikorwa vy’umuziki Lolilo Lizzo aasanzwe ari igihangange c’uwo muziki ko wumvise y’uko akuzaniye Video nshasha y’indirimbo Makwerekwere witegereje neza ayo mashusho ayiranga n’uburyo yayikozemwo har’ico ubonamwo ubu kizokuryohera cane niyamaze kuyisohora k’umugaragaro ukayira canke womubarira akajambo nyabaki nk’iciyumviro cawe mu kumvako atawuzomukira muri iyo Video Makwerekwere idasanzwe aziko uyirindiranye igishika cinshi ubona womubarira iki co mutera intege ku bikorwa vyiza guma akuzanira ukaryohera?
Uramenyeshwa vuba cane agomba kuzoyisohora utangura kuyiraba uko mwarumumenyeeye muzindi Video siko bigiye kuzoba kubera yashizemwo utuntu n’utundi tuzokuryohera kuraba mu gihe uyikubiseko akajisho icuro yawe yambere reka ube urayirindirana igishika cinshi Video nshasha y’indirimbo MAKWEREKWERE,y’igihangangahe mu muziki w’uburundi mumenyereye nka LOLILO LIZZO,rero ntizobacike ba fans biwe namwe mutari aba fans biwe arabizi neza ko muyishaka kuyira nkuko mutanguye kubona amashusho azobonekamwo n’ibintu bitoroshe yakoreshejemwo bizobarwa neza kumutima.
NTUTANGWE KURABA AMASHUSHO ADASANZWE AZOBENEKAMWO MURI VIDEO NSHASHA Y'INDIRIMBO Makwerekwere Y'IGIHANGANGE MU MUZIKI W'UBURUNDI ARIWE Lolilo Lizzo AZOBA AYIKUZANIYE VUBA CANE UYIRABE.