Ntucikwe kuraba NATACHA muri CONCERT LIVE yakoreye kuri Stade Umuganwa Rudoviko Rwagasore


Abanywanyi mu muziki w’uburundi muherutse kumvako igihangange c’umuziki w’uburundi ariwe umuririmvyikazi NATACHA atowe kugira ateramishe abenegihugu b’abarundi kuruwu w’Imana kw’igenerezo rya 17/07/2016,hari kuri Stade Umuganwa Rudoviko Rwagasore iri mugisagara ca Bujumbura ,mu kuhakorera Concert Live y’ateramisha harimwo abakuru bagize igihugu c’uburundi yitiriwe urugendo rw’amahoro mu Burundi.

Baranezerwe cane kumubona uko yaririmba imbere yabo bumviriza cane cane ubutumwa bwari mundirimbo yagenda araririmba nk’iyitwa Amahoro nkuko twashoboye kubamenyesha mu makuru agezweho y’umuziki w’uburundi ingene vyagenze rero kano kanya ntucikwe kuraba Video yiwe ingene bakije umuriro abaririmbira bakaryoherwa cane.

13781762_2148697895408763_7455866532826807776_nUmuririmvyikazi Natacha ntiyarasanzwe kuwo munsi twokumenyesha ko ushaka kubibone neza ingene bateramishije abantu bari bitabiriye ibiriro vyerekeye urugendo rw’amahoro hama rurangiye niho barekeza baja kuri  Stade Umuganwa Rudoviko Rwagasore bahejeje kuzunguruka ico kibuga c’inkino gikomeye mu Burundi.

Niho Natacha baciye bamuha akanya nk’umutumire batoye abateramishe mu kubaririmbira indirimbo zitandukanye ikitibagiwe nco ni abakobwa yakoreshejemwo bamufasha gutamba mu gihe yariko aririmba vyose muraza kuvyibonera ikindi munywanyi mu muziki w’uburundi nuko uwo muririmvyikazi kino gihe asigaye atavyorosha mu kuguma akorana ishaka mubikorwa vy’umuziki mu kubaryohera nko gukora indirimbo nshasha hamwe na Video yazo.

Aho yaheruka gusohora indirimbo nshasha yise” SHIKILIA”ubu igezweho mu kuumvirizwa mubihugu bitandukanye kandi irindiranywe igishika cinshi mu kuzoraba Video yayo kandi uvyitegereje neza birabonekako Natacha aguma yizerwa n’abategetsi b’igihugu c’uburundi bakora ubushikiranganji bw’urwaruka,inkino n’imicokama vy’igihugu c’uburundi bupfatikanije n’abakora mugisagara ca Bujumbura.

Mu gihe bari bamutumira mubiriro vyitiriwe urugendo rw’amahoro vyariko bibera kukibuga c’inkino c’Umuganwa Rudoviko Rwagasore kwari kugira abaryohere mu kubateramisha mundirimbo ziwe zose nkuko yabikoze kuwo munsi ntimutangwe kwirabira iyo Video y’umuririmvyikazi Natacha ukungene vyangeze muri  Concert Live ubu yamaze kuja k’umugaragaro uraza kuryoherwa niwayiraba uno mwanya nyene.

RABA VIDEO Y'UMURIRIMVYIKAZI Natacha UKUNTU VYAGENZI MURI CONCERT LIVE YAKOREYE KURI STADE UMUGANWA RUDOVIKO RWAGASORE YARATEMISHIJE ABATEGETSI B'IGIHUGU C'UBURUNDI BARI BITABIRE IBIRORI VY'AMAHORO
Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s