NATACHA y’atumiye CHANNY QUEEN kuri Hotel du Lac Tanganyika amwereke imbanyi yiwe irakuze cane rab’amafoto bari kumwe inyuma y’umwaka wa 2015 batabonana


Umuririmvyikazi NATACHA muziko ibica bigaci mu gukora umuziki w’uburundi eka na East Africa nuko yaraye ahuye amaso muyandi n’umuririmvyikazi wo mu Burundi  benshi mui kw’izina ry’uburirimvyikazi CHANNY  QUEEN ,babonanye kuruwu wa gatatu igenekerezo rya 20/07/2016 mwomenya ko ba fans babo baririmvyikazi babiri bari bamaze umwaka urenga batari bwabonane amaso muyandi bicaye bayage.

Nuko igihe canyuma baherukana ko kubonana amaso muyandi hari ukwezi kwa gatatu k’umwaka wa 2015 mu gihe bariko barakorana igikorwa kidasanzwe ca  Video y’indirimbo Amahoro mwakunze cane kuraba ubuhinga ikozwe no gushika nubu ibarwa neza.

1469077455507

Umuririmvyikazi Natacha akaba yashimye rero kumuha ubutumire umuririmvyikazi Channy Queen,kuruwu wa gatatu uheze iyundwi turimwo,hari kuva igihe c’isaha zitandatu zo kumurango kuri Hotel Club du Lac Tanganyika,kugira basangire hamwe mu kwerekana urukundo nu’munezero bafitaniye ko bitigeze bihere nubwo hari haciye umwaka wose badasubiriye gukubitana ijisho ,kanatsinda bafise na kahise gakomeye caaane muvy’umuziki w’uburundi eka na kubu.

Umuririmvyikazi Channy Queen,akaba yamenyesheje y’uko yari yaje kuvugana n’umuririmvyikazi Natacha mugenzi we kugira amwereke imbanyi yiwe asigaye afise  ubu icese igezeko ashobore kuyivyaramwo umwana kuko ngo ntiyashaka kwibaruka uwo mwana wiwe atarabonana mu gihe baherukana kera cane.

1469077215424

Natacha we yavuze ko ashaka ko urukundo afitaniye na Channy Queen  rugume rukura caaane rugakomera caane akaba y’amumenyesheje y’uko ngo ni yaramuka yibarutse amahoro umwana wiwe azovuka akavuka ari umukobwa azoca atwara avanse“AVANCE”y’inkwano kugira umuhungu yitwa Julio niyakura azoce amutwara uwo mukobwa wa Channy Queen.

Abo baririmvyikazi babiri nkuko basanzwe ari abagenzi bakaba batumenyesheje ko bagiye kwerekana ubucuti bafitaniye mugukora ibintu bitari bike bavyerekana mu muziki w’uburundi naho batashimye kubitwiganira ivyari vyo.

1469077280439

Turangize tubamenyesha aba fans n’umuririmvyikazi NAtacha , y’uko inyuma y’ubwo butunirw yari yahaye umurimvyikazi Channy Queen amusanze kuri Hotel du Lac Tanganyika kugira amwereke imbanyi yiwe afise ubu agomba kuzoyivyara nuko baciye basezerana mu mahoro n’umunezero hmwe n’urukundo nkuko mubibona mumafoto bagiye barafotorwa bari kumwe n’abana ba Natacha aribo Leilla hamwe na Julio.

Niho uwo muririmvyikazi Natacha yaciye aja kw’iradiyo Scolaire Nderagakura mukiganiro citwa Abaririmvyi Biwacu ,aho yari kumwe n’umumenyeshamakuru Jean Paul mu ntumbero yogushira ahabona indirimbo yiwe nshasha yise “SHIKILIA”isamirana kwiyo radiyo kandi niyo ndirimbo yiwe ubu igezweho mu banuwanyi bakundabumuziki w’uburundi hamqe naba fans biwe ikitibagiwe no muri East Africa.

MURABE AMAFOTO Y'UMURIRIMVYIKAZI Natacha AKORAKO KW'IMBANYI Y'UMURIRIMVYIKAZI Channy Queen BARYOHEWE BARANGWA N'URUKUNDO RWINSHI HARI KURI Hotel du Lac Tanganyika 

1469077586511 1469077527107 1469077346956 1469077405503Fyonda ngaho wumvirize  indirimbo==Shikilia By Natacha

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s