MKOMBOZI ari Ugandan abandanyiriza urugendo mugihugu c’urwanda mbega agiyeyo gukorayo ibiki?


Igihangange c’umuziki w’uburundi ariwe umuraperi w’umuririmvyi MKOMBOZI,akomeye cane mu muziki wa Hip Pop nuko abarundi bari mugihugu c’uburundi baramukumbuye cane kumubona mubiteramo bitandukanye ariko ntibarashobora kuronka amakuru abibamenyesha ko yoshobora kugaruka mugihugu akabaryohera mundirimbo yoshobora kubateramisha ziwe zigiye zibahindura imitima ndetse gushika ubu amakuru agezweho tumaze kuronka yuwo muririmvyi rurangirwanwa hamaze kumenyekana ko kuruwu wa mbere igenekerezo rya 18/07/2016 niho  yashoboye gushika mugihugu ca Ugandan ashikira kuri Ambassade y’uburundi isanzwe iri mugisagra ca Kampala mwico gihugu nyene.

Nkuko twama tugerageza gukora ubushakashatsi bitandukanye mu baririmvyi n’abaririmvyikazi bakora umuziki w’uburundi nuko bamwe mu basanzwe bamwegereye Umuririmvyi Mkombozi akumbuwe n’abarundi benshi bamubone amaso mu yandi abateramisha mubiteramo bitandukanye abikorera mugihugu c’uburundi bwamwibarutse inyuma y’imyaka ishika kuri 2 yose batarasubira kumubona nuko twashoboye kumvako ashobora kuzoza mu Burundi kuhakorera ibiteramo bitandukanye nubwo hataramenyekana neza ko azoza,ibi bikaba biriko biravurwa cane nabo bamwegereye.

13692584_1174461159260119_8701613306778556843_nInyuma yaho bumvise ko  uno munsi wa kabiri ashobora kuba yamaze gushika mugihugu kibanyi c’urwanda  akazoba avuye mugihugu ca Ugandan yarayemwo.ntiharashobora kumenyekana ikintu kizoba kimujanye mu Rwanda kandi twagerageje kumurondera shobore gutanga umuco mu ba fans biwe bari Rwanda abambwire ico azoba yaje kuhakora nimba ar’igiteramo canke kuhasohorera indirimbo ivyo,vyose ntanakimwe kirashobora kumenyeka twahavuye tumuronka igihangange mu muziki w’uburundi akundwa n’abantu benshi mu kubashimisha mundirimbo ziwe nuko atashimye kutumbwire.

Ikimujanyeyo muri ico gihugu kibanyi c’urwanda akaba yeyemereye abarundi batiyo ko vuba zobamenyesha igikorwa kimuzanyeyo atibagiye nabari mu Burundi nabo yarabamenyesha ko ivyo kuza ntarashobora kumenya neza muga aremeza ko iyibuka ry’umunsi mukuru wo guhimbaza imyaka y’amavuko yiwe azowusangira hamwe naba fans biwe ntazosubira kuyisangira hamwe n’abanyamahanga ahubwo ngo arazi ahantu bari abarundi bazoyisangira hamwe aho hantu ntiyashimye kubavuga ariko amakuru dukura mubamwegereye bavuga ko ashobora  kuzoyisangira nabari mu Rwanda canke mu Burundi ntiharamenyekana igihugu ,aho yavuze ngo anje igira igere,kandi ubu sinzoyisangiza nabanyamahanga,ejo ndaza aho nobona abarundi tugasangira.” ngo anje igira igere,kandi ubu sinzoyisangiza nabanyamahanga,ejo ndaza aho nobona abarundi tugasangira.”

Mukiganiro twakoranye n’umuraperi Mkombozi tumubaza ibijanye n’urugendo rwiwe rwo kuja mugihugu c’urwanda aravuga ko ikimujanyeyo ntarashima kugihira k’umugaragaro ariko ngo aza gushika kuno munsi wa kabiri akazoca amenyesha abarundi bariyo igikorwa kimuzanyeyo bishoboka ko ariho azosangira isabukuru ry’amavuko yiwe n’abarundi babayo ikindi yavuze nuko indirimbo yiwe nshasha yise KUKI?,ishobora kuzosamira kuwo munsi udasanzwe kuri we hazoba hari kw’igenekerezo rya 24/07/2016,tubamenyesha aba fans biwe ko ay’amakuru tuzoyabandanya kuyabashikiriza gushika aho muzomenya igikorwa camujanye mu Rwanda.

13754328_1174827192556849_6521035884037884149_n
Mkombozi ARIKUMWE NA Dj Adil KURI AMBASSADE Y’UBURUNDI i Kampala

Canke ko azoca agirako aza mugihugu c’uburundi bwamibarutse kubateramisha mubiteramo muraguma hafi mbega aje mu Burundi mwomakirirana igishika kigana gute hoho muramukumbura? gira ico mumumariye araheza abibone harigihe mwosanga araje kubera akamo kanyo mwomenya ko abashimira cane ukuntu mwama mumusengera nivyo ngo bituma aba umuririmvyi mwiza rurangiranwa kubera ibisabisho vyanyu mumusabira ku Mana.

Advertisements

One thought on “MKOMBOZI ari Ugandan abandanyiriza urugendo mugihugu c’urwanda mbega agiyeyo gukorayo ibiki?

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s