RABA AMAFOTO 20:_NATACHA yabiciye biracika mugiteramo c’amahoro kuri Stade Umuganwa Rudoviko Rwagasore


Nkuko ari igihangange c’umuziki w’uburundi,uno mwaka ntasanzwe mu kubica bigacika akomeza atera intambwe idasanzwe muvy’umuziki w’igihugu ni Umuririmvyikazi NATACHA yaraye atowe kugira ateramishe abenegihugu b’abarundi kuruwu w’Imana kw’igenerezo rya 17/07/2016,hari kuri Stade Umuganwa Rudoviko Rwagasore iri mugisagara ca Bujumbura yanejereje benshi cane gose bariko bamurorera mu kubateramisha mundirimbo ziwe yari yabateguriye.

Umuririmvyikazi Natacha yerekanye ubuhinga budasanzwe afise mu kuririmba hamwe no gutamba indirimbo ziwe yari yateguwe kubateramisha abenegihugu bari bitabiriye ibirori vyo gutsimbataza amahoro mugihugu c’uburundi vyaraye bibereye kuri Stade Umuganwa Rudoviko Rwagasore kandi yarabemeje benshi ukuntu yabaririmbira hamwe nokwizanira abatamvyikazi babiri b’abigeme barerekanye nabo ubuhinga budasanzwe mugutamba indirimbo ziwe,uno muririmvyikazi uno mwaka wa 2016 asigaye afise ishaka ridasanzwe aho aguma atumirwa mubiteramo bikomakomeye vy’abategetsi b’igihugu c’uburundi.

13775762_2148697658742120_7806886993574772906_nTwobamenyesha y’uko cari igiteramo citiriwe Amahoro nico bari bamutumiyemwo Umuririmvyikazi Natacha yaraye abemeje mu kubaryohera mundirimbo ziwe kandi ivyo birori vyari bitunganijwe n’ubushikiranganji bw’urwaruka,inkino n’imicokama vy’igihugu c’uburundi ikindi bupfatikanije n’igisagara ca Bujumbura nkuko twahishikiye nuko intumbero y’ico giteramo kidasanzwe citiriwe amahor,kwari uguhimiriza urwaruka rw’uburundi ndetse n’abarundi bose kubumbatira amahoro no kuyatsimbataza batibagiye gukomeza umubano mwiza vyari bidasanzwe umudiho w’uburundi wari wose watanzwe nuwo muririmvyikazi niwe yari yaserukiye abandi bose.

Abitavye ivyo birori baragize urugendo rw’amahoro mumazone atandukanye agize komine ya Mukaza ikintu kitari gisanzwe ntagatoya k’umuririmvyikazi Ntacha akomeza gutera amateka adasanzwe mu muziki w’ub urundi mwomenya ko indirimbo yiwe irimwo ubutumwa budasanzwe yitwa”AMAHORO“,nayo yarasamiranye caane mu kuvuzwa muri urwo rugendo rwamahoro bagize bazunguruka yanejereje abenegihugu benshi kandi inyuma y’urwo rugendo yakomeje kunezereza abantu benshi bari kukibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore,yabaririmbiye indirimbo nyinshi zitandukanye yayiririmvye gushika aho abarundi bariho bumva umuzero ubarenze.

Izo ndirimbo ziwe yashoboye kubateramishamwo bakaryohera cane azibaririmbira hariho iyitwa:”Amahoro,Tuungane,Uburundi bwacu,Pokea Moyo Wangu,atibagiye n’indirimbo nshasha aheruka gusohora kuno kwezi benshi muyizi kw’izina rya“SHIKILIA”yaje yabiteguriye bimwe bidasanzwe uravye ukuntu babashuhije amaraso bakanezerwa cane mu gutamba vyari ibirori birimwo umunezero mwinshi nkuko vyitiriwe amahoro kuwo munsi yarabiciye biracika umuririmvyikazi Natacha tubibutse ko indirimbo Shikilia yayikoreye mugihugu ca Tanziania kiri mu bihugu bigize East Africa nkuko yinjiye Studio Wasafi Records izwi cane muri icogihugu.

13781762_2148697895408763_7455866532826807776_nBararyohewe cane abashoboye kuyumviriza icuro yabo yambere iyo ndirimbo Shikilia y’umuririmvyikazi Natacha,ikitibagiwe nuko abanegihugu bariho bagenda bararyoherwa ukuntu yayitambana n’abakobwa babiri yari yazananye muri ico giteramo c’ibiroro vy’amahoro mu Burundi,tubamenyeshe y’uko aba abasanzwe bamuvugiriza Live ibicurangico mu kuvuza indirimbo ziwe bari bambaye udupira twanditseko Logo y’izina“NATACHA“imbere,hama inyuma naho hakandikwako”SHIKILIA By NATACHA“mwomenya ko iyo ndirimbo ubu ifise ikibanza gikomeye caane mu muziki w’uburundi kuva isohotse aho isigaye ivuzwa caaane kumaradio atandukanye yo mu Burundi,ndetse n’ubutambiro butandukanye bwo mugisagara ca Bujumbura.

NTUTANGWE KWIRABIRA AMAFOTO DASANZWE YARANZE IGITERAMO CITIRIWE AMAHORO  CARI CATUMIWEMWO UMURIRIMVYIKAZI Natacha HARI KURI Stade UMUGANWA RUDOVIKO RWAGASOHORA KURUWU W'IMANA UHEZE.

13680499_2148698168742069_229844965207994665_n 13729097_2148698128742073_4285139279374791518_n 13775855_2148697952075424_1625961527689340820_n 13781946_2148698065408746_2331825187637572371_n 13690875_2148697772075442_5310890328335647792_n 13692593_2148697798742106_3905222684198231340_n 13697102_2148698108742075_6416350955920284852_n 13700095_2148697835408769_3018932448700337351_n 13707575_2148697925408760_6911942151235879649_n 13716161_2148698018742084_8221576897317521236_n 13729176_2148698215408731_5918082125546469745_n 13754169_2148697758742110_2186908470072936838_n 13754176_2148697992075420_1945700087547956558_n 13770258_2148697858742100_5653326998152165656_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s