Mbega SWAGGER TEAM+257 barakuryohera mu gukora umuziki woryoherwa bakuzaniye agasiripize?


Umurwi w’abaririmvyi SWAGGER TEAM+257,urimwo n’umuririmvyikazi umwe wagarutse udasanzwe ubategurira ibikorwa bishasha vy’umuziki bizobaranga mwuno mwaka wa 2016 nuko mu kuza baje babaza abantu b’abawukurikirana cane mu kuryoherwa n’indirimbo zabo  bakora umuziki w’uburundi  boba bakuryohera kuvy’ukuri mu gihe batangura basohoreye indirimbo”IMVURA Y’IBI BABY“baheza bayikorera Video yabiciye biracika muba fans babo kandi yarakunzwe cane n’abantu benshi bagiye barayiraba munyuma zabo baciye basubira gusohora indirimbo yitwa IGIPASA,nayo nyene irabica biracika mu bantu bashoboye kuyumviriza,ariko haheze nk’amezi uwo murwi waciye ufasha umuririmvyi CHAPA mu gukorana indirimbo bayita“GOOD TIME”.

Indirimbo Good Time yarumvirije abantu  bararyohewe kandi ngo Swagger Team+257 bari kumwe na Chapa nyene iyo ndirimbo bakaba bari mpumigambi  izobashimisha ntibayishira ahagaragara,mu kuzoyikorera igikorwa gishasha kizobanezera bamaze kugishira k’umugaragaro nubwo batashimye kukivuga izina ryaco uko citwa ariko barabizeza ko ari igikorwa cerekeye umuziki bakora w’uburundi kuzobashimisha vuba cane bakongera bakavuga ko bashaka kumenya ko ivyo bakora vyose m’umwuga bibaryohera hamwe n’ukuntu muvyakira mu gihe babishize k’umugaragaro baravuga nk’indirimbo nshasha canke Video,mbega boba bakuryohera abagize SWAGGER TEAM+257?

13699938_2148442928767593_5059964018523693756_nSWAGGER TEAM+257,ukaba uri mumirwi ikomeye cane gose y’abaririmvyi b’abarundi bakora umwuga w’umuziki w’igihugu c’uburundi bwabarutse basanzwe banafise aba fans benshi baryoherwa cane n’indirimbo zabo ubu uwo murwi uramaze amezi uri mugacerere kadasanzwe ariko ngo nabwo wicaye ntagatoya hariho ibikorwa bariko barategurira abo ba fans babo kugira bizobashimishe vyuzuyemwo udusiripize“SURPRISE”bakavuga ko bazobashimisha cane bikomeye batigiyemwo n’abanywanyi bakurikirana umuziki w’uburundi mu gukunda ibikorwa bakora bakamenyesha ko botangura kuvyitegurira vuba cane.

Umurwi SWAGGER TEAM+257,kino gihe umaze iminsi wemeza abanywanyi mu muziki w’uburundi benshi aho baguma babona bambara impuzu nziza bari ahantu baryohewe cane gose bakibaza ivyo babarimwo muga uravye kurunde wo kwibaza ko hariho igikorwa gishasha bariko barabategurira nkuko twagerageje kurondera abagize Swagger Team+257 tubabaze ivyerekeye amafoto yabo aguma agaragara kumbuga zabo zigatuma aba fans babo bibaza vyinshi nuko twashoboye kubaronka hama bavuze ko ibikorwa bishasha vyo barabifise kandi baracariko barabitegura niho kubaza abasanzwe mubakunda indirimbo zabo.

13700115_2148443282100891_6247109012281886355_nBarabaza abanywanyi mu muziki w’uburundi mwashimishijwe n’ibikorwa babashikirije bijanye mu gusohora indirimbo zabo zitandukanye mwagiye murumviriza harimwo imwe gusa isanzwe ifise Video ariyo IMVURA Y’IBI BABY,barashaka kumenya ibintu bituma mu bakunda mu kumva y’uko bakuryoheye mu gihe mwafashe akanya mu kuzitega amatwi izo ndirimbo hamwe no kuziraba muhejeje kubibambwira nabo barafise vuba agasipize bashasha bazoca babazanira ngo mubitegereze neza ubwambere kurayo magfoto yabo mwibaza ko bariko barakora ibiki nkuko mubabona ari benshi cane gose bashajije huzuyemwo abakobwa menshi nkuko babita ngo n’imvura y’ibi baby.

Nimba bakuryohera mu bikorwa bakora vy’umuziki w’uburundi ntimuvyigumizemwo bibambwire hanyuma bazoheza vuba babandanye bakuryohera munywanyi mu muziki w’uburundi ngo uravye ay’amafoto y’umurwi SWAGGER TEAM+257,uririmba wibaza ko bariko bakora iki nimba ngo ushaka kubimenya bakubajije uburyo bagushimishamwo ukumvako baryoheye canke ubona bashoboye gukora umuziki,hariho ikintu bokongera ko bakomeze gukora ibikorinka buri umwanya mwumvirije indirimbo canke Video bakoze bikakuryohera?,turangize kubarira ko tuzobandanya kubarondera abo baririmvyi bagize uwo murwi benshi basanzwe ari imvukira zo muri komine Bwiza.

RABA AMAFOTO YABO MUBABONA GUTE ABARIRIMVYI HAMWE N'UMURIRIMVYIKAZI BOSE BAGIZE UMURWI Swagger Team+257 NKUKO MUBONAMWO N'UMURIRIMVYI Chapa N'ABANDI BENSHI MBEGA WIBAZAKO BARI MUBIKI?

13697113_2148443235434229_5389868933555730828_n

13731597_2148441015434451_107255476341931285_n

Advertisements

3 thoughts on “Mbega SWAGGER TEAM+257 barakuryohera mu gukora umuziki woryoherwa bakuzaniye agasiripize?

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s