AFISA RAJ.B ati y’abateye ibombe y’imistari BIG FIZZO & WANAJESHI bamaramariye kuri FACEBOOK aho kwinjira muri Studio bamwishure


Ntivyoroshe mu muziki w’uburund hagati y’umuririmvyi BIG FIZZO & WANAJESHI KAMILI, hamwe n’umurrimvyi AFISA RAJ.B bivurwa y’uko abo baririmvyi bompi basigaye badacana uwaka babigaraza kumbuga zabo nkuko mwagiye mura bikurikirana amwe mu makuru agezweho y’umuziki w’uburundi tubashikirije gushika nubu urugamba rukomeza kuba umuriro biboneka boba bafitaniye ibifu.

Muri iyi indwi niho Umuririmvyi Afisa Raj.B y’asohora indirimbo yiwe nshasha yita“RAPMASTER”ayikoreye Umuririmvyi   Big Fizzo n’urwi w’abaririmvyi Wanajeshi Kamili barikumwe afise ubujenerare ntibikiri ivyo kuyirindira bayumve ahubwo ngo y’abatayemwo ibombe  ikaze cane  y’imistari irimwo amajambo yakoresheje mu kuririmba abahamwo ubutumwa bw’amajambo akomeye cane baramaze kuyumva aho yumvikana  mundirimbo yiwe nshasha yigeze kubamenyesha y’uko ayibakoreye,nabo bavuga ko bayirindiranye igishika,imaze gusohoka humvikanyemwo imistari myinshi y’ahambo yambwira arabaririmbira nkuko yizeye neza y’uko bazotegerezwa kumviriza.

13626601_2145336752411544_6720796492296186781_n

Kandi mugitero canyuma abambwira,ntibabura ivyo bazoririmba mundirimbo bamwishura bazoce bamubarira abahe imistari y’amajambo bakuronke ivyo bazomwusguramwo,nuko  naba fans ba Big Fizzo  bumvise iyo ndirimbo icuro yambere barashavuye cane induru iba nyishi.

Afisa Raj.B yitazira”RAMASTER” nyene indirimbo RAPMASTER yemeza kwari ibombe y’imistari iremereye ikaze hanini ngo yayiteye Big Fizzo,kandi yayisohoye kw’igenekerezo rya 10/07/2016.

Ibintu bisankaho vyamaze kuyangara mu bo yashoboye kuyikorera nkuko Afisa Raj.B yabimenyesheje eka ubutumwa bwiwe bwiyo bombe y’imistari yakoresheje mundirimbo Rapmaster bwaramaze kumushikira Big Fizzo n’abagenzi wiwe n’abaririmvyi ba Wanajeshi Kamili nkuko k’umunsi wa gatano kw’igenekerezo rya 15/07/2016 babigaraje kuri FACEBOOK yabo bise Wanajeshi Kamili mu kumenyesha aba fans babo ngo batore Miss Burundi yitwa Afisa,ntivyagarikiye aho ahubwo bikomeje kononekara mu muziki w’uburundi ahati yabo baririmvyi aho abawukurikirana hafi babonako ari ibifu idasanzwe itazohera vuba.

1468739399991

Afisa Raj.B amaze kubona ivyanditswe kuri FACEBOOK Wanajeshi aho nawe kwiryo genekerezo yaciye ambwira Big Fizzo na Wajeshi Kamili bareke kumaramarira kuri Facebook yabo mu kwitwaza amazina yaba Mama arabona ko imbombe nini y’imistari yiwe yakoresheje mundirimbo Rapmaster yabagemye kandi yamutoreye izina nshasha Big Fizzo ngo yitwa MOTHER KAKA.

Ngo indirimboo”Rapmaster “yamukoze ko cane Big Fizzo na Wanajeshi gushika aho baburira ico bamwishura mu kuririmba babuze imistari kugira babone kwinjira muri Studio kandi biratwengeje cane gose batanguye kumaramarira kuri FACEBOOK mu kwandika ivyitwazo y’abagore kuko babuze ingene binjira muri Studio bamwishure mu gukora indirimbo nkuko yabateyemwo ibombe y’imistari ubu arabona y’uko Big Fizzo umugera umugezi mwebwe kubera ya mbome igizwe n’imistari iri mundirimbo Rapmaster.

1468739500683

 Bamwe bamwe mu banywanyi mu muziki w’uburundi bamaze kumviriza indirimbo Rapmaster ya Raj.B bagize ico bavuga ngo  Big Fizzo hamwe na Wanajeshi Kamili tubemera cane barazi kuririmba none ko buvuze ngo Afisa Raj.B ni  Miss Burundi,ahubwo ni binjire muri Studio bamwishure mundirimbo bareke kutwicisha amajambo kuri Facebook ni bakore nkuko Afisa yabaririmvye mundirimbo  Rapmaster,bumve uwukaze kumistari kurusha uwundi.”NANI MKALI ?

FYONDA HANO=Rapmaster By Afisa Raj.b Vs Wanajeshi Kamili UYUMVIRIZE IYO NDIRIMBO

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s