RALLY JOE arabahumuriza aracari muzima amafoto mwabonye yiwe amwerekana apfuye sivyo yariko akina ifilime”FILM”


Abanywanyi mu muziki w’uburundi hamwe naba fans b’umuririmvyi RALLY JOE baraye babonye amafoto yiwe amwerekana ko yapfuye niho yabaciye umutima bakibaza vyinshi icoba catumye apfa nkuko ayo mafoto amugaragaza ariko arava amaraso menshi cane gose ndetse vyatanguye ayo mafoto akaba yatanguye gukwiragira kumbuga ngurukana bumenyi zimwe zimwe zimenyesha ko uwo muririmvyi yashoboye kwitaba umuremyi yamaze gupfa muga k’umatohoza hamwe n’ubushakashatsi bwacu duhejeje gukora m’umwanya ajanye nayo makuru avuga ko Rally Joe yapfuye niho urubuga rwa Facebook rwitwa RPA HUMURA BURUNDI kwatangaza ko uy’umuririmvyi yapfuye.

Amatohoza duhejeje gukora ubunyene ajanye nayo makuru akomejwe guvurwa cane yatanguye kubabaza abantu benshi baguma babona amafoto y’umuririmvyi Rally Joe aryamye ava amaraso menshi kumutima aho hariho abatanguye kuvuga ko yamaze gupfa atakiri kw’isi y’abazima muga twaciye hirya no hino mu gutohoza neza nuko uwo muririmvyi wumurundi akomeye cane muvy’umuziki w’uburundi ntiyigeze apfa aracari muzima kandi arahumuriza aba fans biwe ko boreka gucika imitima ahubwo amafoto bashoboye kumubonamwo sivyo ntiyigeze apfa harya yariko arategura ifilime“FILM”nshasha y’abarundi mugice ciwe yakinye abonekamwo ko yababaye cane ameze nk’uwapfuye.

555280_196148587194329_1903928879_nRero banywanyi mu muziki w’uburundi mu kunda cane ibikorwa vy’umuririmvyi Rally Joe mwoba mwatanguye kubona amafoto yiwe amwerekana nk’uwamaze gupfa muhumure ntiyigeze agira ingorane nimwe yatumye ashobora gupfa nkuko mwabibonye ahubwo ni filime”FILM” ariko arakina kino gihe amaze ari mumyiteguro yayo ,aracakomeye arahema neza musubize imitima hamwe hanyuma ngo abantu bamwipfuriza urupfu ngo ntibateshwe bate umunsi wiwe ugeze wo gupfa azoba bareke kumwambika urupfu kandi agiheba abonako abo ari abansi biterambere ry’ibikorwa vyiwe akora  umuziki w’uburundi,ubu ashoboye kwinjira mugukina  amareri“FILM”y’abarundi vuba cane muzoshobora kumubona ayikina.

Niyo batanguye kubona amafoto yiwe amuranga bagaca batanguye gutangaza ko yapfuye atigeze antapfa mu gihe ari ibikino vyiyo ifilime nshasha,turangize tubamenyesha ko umurimvyi Rally Joe humura ni muzima ay’amafoto mubona ni filime yatanguye gukina “FILM”amwerekana yapfuye mbega barundi ,barundikazi kubwanyu bwobarira iki abantu bashobora kuvuga ko umuntu yapfuye kandi akiri muzima atigeze apfa nkuko abantu bakora kurubuga rwa Facebook RPA HUMURA BURUNDI ,bashikirije amakuru y’ububeshi  uwo muririmvyi ni muzima ntiyigeze apfa.

13615502_2146744725604080_1182774855324244565_nAho abakora kurubuga rwa Facebook RPA Humura Burundi batangaje urupfu rwa Rally Joe bavuga ngo“y’arashwe bimwe bikomeye niho guca  bamusimbana Ku bitaro..Imana imwakire HUMURA BUBURUNDI” muguca imitima abanywanyi b’indirimbo ziwe benshi cane gose bagatako bamusabira ku Mana imwakire mu gihe atarivyo agikomeye vyababaje cane gose aba fans biwe  ubu rero abamenyesha ubwiwe Rally Joe ntiyigeze apfa uwo muririmvyi arababeshuza ntiyapfuye bareke kumwipfuriza urupfu kandi umunsi wiwe Imana yamugeteguriye utaragera,arasubiramwo mu kubamenyesha ko yariko arakina ifilime”Film” nshasha.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s