Abarundi bamukuye ko amaboko ASHLEY bamufashe nk’imaraya yo muri Kenya babonye iy’ifoto yiwe yakwiragiye muma groups WhatsApp


Mugatondo kuno munsi wa kane itariki 14/07/2016 niho hashoboye kuboneka imwe mw’ifoto y’umuririmvyikazi ASHLEY,asanzwe ubu abarizwa mugihugu ca Kenya aho abanywanyi mu muziki w’uburundi bari muma groups WhattsApp atandukanye bayagamwo ivyereke abaririmvyi n’abaririmvyikazi mu guhanahana ivyiyumviro mu makuru baharonkera yabo nuko ngo ubu Abarundi batanguye kumukurako amaboka mu kuvugako atari umurundikazi kuko ibintu yigira mumafoto yiwe ngo bimuraranga ko ari umwe mu bakobwa basanzwe bindandaza imibiri”IMARAYA”bamugereranije nk’imaraya zo muri Kenya bamaze kubona iyo foto yiwe ukuntu bamufotoye atambikije amaguru igisusu kiri inyuma.

Iyo foto ya ASHLEY,ikiba yatanguye gukwiragira muma groups WhattsApp y’abarundi barimwo bayivuzeko ivyiyumviro vyinshi bitandukanye nkuko bamubonye bamwe bamuteye ivyatsi mu kuvugako bamaze kurambika n’inyifato ziwe zidahesha icubahiro abaririmvyikazi b’abarundikazi kuko ngo ariko yitesha agaciro mu bantu aho bamwe bavuze ngo uno Ashley nabwo twebwe dushobora kumushira mugitigira c’abarundikazi iyaba ari umurundikazi ibibintu dushoboye kumubonako kuri iy’ifoto yiwe biramarabaje ntanubwo umwigeme ari umurundikazi yoshobora kuvyibahuka mu kwifoto ifoto nkiyo kubawe kuko ubonye ifoto imeze nkuko icumenyako ari b’abigeme bikina amaporono”PORNOGRAPH”.

Abo barundi bashoboye kubona iy’ifoto yiwe yakwiragiye muma groups WhattsApp menshi cane gose barimwo bose bagenda bagira ico bamuvuzeko bamwe bavuga ko yoshobora kwisubirako akareka ingendo nkiyo yo kwifotoza amafoto yibihagaragaro nkivy’abamaraya bamaze kumukurako amaboko bakavuga ko bamubonako atari n’umurundikazi kuko yabateye ubwoba bimwe bikomeye bamaze kumubona kw’ifoto yiwe yifotoje ari mugihugu ca Kenya abandi bashoboye kuyibona iy’ifoto bavuze ko atakintu ntakimwe cabaye gishasha kuriwe kuko ntakintu ntakimwe gitangaje kuriwe igihari bamuhanura ko yoheba kuza arifotoza amafoto yibihagaragaro vy’abamaraya.

12923335_655918161213546_7930156611856568666_nNgo ashaka bakundE cane ibikorwa vyiwe vy’umuziki nk’umurundikazi bamuhanuye yisubireko mukuraba ingene yifotoza amafoto yagaciro mu bayabona, kandi ngo nabwo bariko bamucira urubanza gusa ico bamuhanuye ntareke kumaramaza abandi baririmvyikazi  bamuciriye umugani uvuga ngo umuryabwa aba umwe agatukisha umuryango eka hariho n’abandi barundi batangaye cane kumubona yarifotojeiyo foto ivyo vyavuze abari muma muma groups WhattsApp barimwo bagiye barabona ifoto y’umuririmvyikazi Ashley yifotoje nkuko bamubonye ko yoba atanagahuzu ko musi yari yambaye“ISLIPE”

Twagerageje gutohoza neza icatumye haboneka iy’ifoto y’umuririmvyikazi AShley yakwiragiye muma Groups WhatsApp yarimwo abarudi bavuze ngo yari atambikije igisusu ciwe yagishinze niho abarundi bamubonye mu gihagararo gihebuje bahita batangura kumutera ivyatsi abandi bamukurako amafoto mu kuvuga ko s’umurundikazi  bamufashe nk’imaraya yo muri Kenya,niho yifotoreje iyo foto yatumye batanguye bamuhanura nkuko mwagiye murabisoma,twasazne ko iy’ifoto yiwe ari muri zimwe zigize amashusho ya Video nshasha ikorewe muri Kenya,babona ko hamwe akomeje kwifotoza amafoto asa nkayo ntaho ashobora kuzokwishikina mu kwitwa umurundikazi aririmba,mugushaka gutera imbere ashigikiwe bamuravye inyifato ziwe.

13669081_2146971208914765_1434795216600675518_n
NGIY’IFOTO Y’UMURIRIMVYIKAZI Ashley IRIKO IKWIRAGIRA MUMA GROUPS WHATSAPP YARIMWO ABARUNDI BAKWIRIKIRANA UMUZIKI W’UBURUNDI

Iyo Video ni y’umuririmvyi wo mugihugu ca Kenya, bamuzi kw’izina rya”CHOPPA”,niyo amatohoza twaronse yiyo foto ya AShley kuno munsi wa kane ikomeje kuvuga ko vyinshi bivanye ukuntu bamubonye ubu iriko irakwiragira muma Groups WhatsApp arimwo abarundi benshi bakwirikirana hafi umuziki w’uburundi ukora abaririmvyi hamwe n’abamvyikazi niho batanguye kumukurako amaboko mu kumukura mu bigeme b’abarundikazi bakora umuziki w’uburundi bihesha agaciro n’icubahiro mukwifotoza amafoto bereka aba fans babo bakagira ico bayavuzeko ariko ngo iy’ifoto yiwe yarenze ihaniro aramaramaje abandi bigeme b’abarundikazi bakora umwuga umwe w’umuziki w’uburundi.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s