BIG FIZZO azokora”CONCERT”mugihugu ca Sweden ateramisha aba fans biwe yateguye manager wiwe KIYOYO JUMA


Umwe mu bihangange vy’umuziki w’uburundi akunda gukorera cane Concert mubihugu vya bulaya benshi bamuzi nk’umuririmvyi abaryohera cane gose mundirimbo ziwe abateramishamwo canke abasohoye zibarwa neza suwundi ni Umuririmvyi BIG FIZZO nkuko buri umwaka utangurana,ukwezi kwa mbere gushika ukwezi kwa cumi na kabiri kurangiza umwaka wose akora ibikorinka buri Concert ahamagajwemwo guteramisha aba fans biwe n’abanyamahanga ubu ngo uk’ukwezi kw’7 afise Concert idasanzwe azokorera ibulaya inyuma yiyo yakoreye mugihugu c’ubwongereza ukwezi guheze kwa gatano.

Umuririmvyi BIG FIZZO asanzwe ari igihangange c’umuziki w’uburundi yashoboye guhamagazwa numu manager wiwe azwi kw’izina rya KIYOYO JUMA akunda kumutegurira ama Concert akorera mubihugu vya bulaya n’ahandi ateramishamwo aba fans biwe nabo barazitabira kubwinshi kubera ubuhinga akoreshamwo mu kubaryohera na canecane ngo baryoherwa nukumva indirimbo abariko abaririmbira mumwanya wa Concert rero Manager wiwe ukumuhagaza kwiwe nuko uk’ukwezi kwa gatanu bamuteguriye Concert idasanzwe azobica bigacika azoshobora kumujana mugihugu citwa SWEDEN nkuko abimenyesha yagaraje ko bizoba bidasanzwe aba fans ba Big Fizzo mubayo mutangure kwitegura kare.

535097_10204257409395549_3871900002352316526_n
MANAGER Kiyoyo Juma

Big Fizzo azoba ari kumwe naba fans biwe bo mugihugu ca Sweden kubica bigacika imbere yabo mundirimbo nyinshi cane yabateguriye kuzobateramisha aho Manager wiwe KIYOYO JUMA yagaragaje kukiranga Concert izina ry’indirimbo igezweho yamaze guhitinga cane ariyo azoshobora kubaririmbira cane bakaryoherwa nkuko ari iyo ndirimbo abonako izobaryohera cane kurusha gose kuko rizoba ribaye iryambere kuba fans biwe hamwe n’abanywanyi mu muziki w’uburundi bari Sweden mu kuzoshobora kumubona ayibaririmbira Live amaso muyandi bizoba bikomeye cane arabamenyesha ko mutazocikwa kuzoshika mubiroro iyo ndirimbo yitwa”INDORO”yakoranye n’abahanzikazi Charly & Nina b’igihugu c’urwanda.

Uno muririmvyi Big Fizzo adasanzwe mu gukora umuziki w’uburundi aryohera cane abarundi n’abarundikazi hamwe n’abandi abantu benshi bo mubindi bihugu ubu ngo azoba yishikiye mugihugu ca Sweden igenekerezo rya 30/07/2016 azoba atanguye kubateramisha aba fans biwe muri Concert sikirera vuba nkuko yateguye manager wiwe KIYOYO JUMA mwibukeko azoza abazaniye indirimbo nshasha aherutse gusohora zimaze iminsi n’ukwezi mu kubica bigacika mu bantu benshi bazumviriza buri umwanya izo ndirimbo nk’iyitwa“MY “BABY”hamwe na ” FOREVER Remix”iyo Concert izotangura igihe isaha icumi na zibiri”18″hanyuma ihere isaha imwe“19H”.

13606559_10205018601824884_8252291253101025021_nHama kwinjira ni 150 SEK ,200 SEK muri V.I.P,ikibanza izoberamwo aderese 73451 Kolbackshammar “ADRESS 73451 Kolbackshammar”  ngo ntimuzotangwe azobaryohera cane gushika mwuzure umunezero nyaburya muzomarana isaha imwe yonyene murumvako azoba yabateguriye indirimbo nyinshi cane zizotuma zibanezera mutamba isanga ni itariki 30/07/2016 aba fans biwe muba Sweden umwanya uzoba arirwanyu wo kuryoherwa muzoba muri kumwe na Big Fizzo abamare inkumbu ngo ntimuzocikwe hasigaye indwi imwe n’imisi hejuru hashobore kugera abashwaremwo bateramisha muri“CONCERT”yateguye Manager wiwe Kiyoyo Juma.

Kandi muramenyeshwa y’uko uwo munsi azobateramisha mugashika aho hazoba hariho naba DJS nka Dj Saido wo mugihugu ca Belgique hamwe na Dj Landryne waho mugihugu canyu ca Sweeden nkuko mubazi kwari aba djs rurangiranwa nibo bazoba bari kubuhinga bwivyuma bavuza indirimbo ziwe mu karyoherwa azibaririmbira  uwurahishikira muri benshi nkuko ico gihangange c’umuziki w’uburundi mu kunda cane mwaheruka kera kumubona kuri Stage abateramisha ariwe umuririmvyi Big Fizzo ico mumenyeshwa nuko abiteguriye kuzobemeza mundirimbo nyinshi yabategekanije kuzoririmba muri kumwe mpumubona amaso muyandi abanezereza rero muri shikirira mumwibonera vuba cane yabashikiriye.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s