Gusezera ubwa nyuma umuhisi”BOBO PEACE”w’umurwi PEACE AND LOVE wi Burundi bizotangurira kuri”KIRA HOSPITAL” itariki 15/07/2016


Umuhisi JEAN BOSCO NIGANZE batazira BOBO PEACE yaragize umurwi w’abaririmvyi PEACE AND LOVE w’igihugu c’uburundi mu bijanye n’umuziki w’uburundi yarasanzwe akorana numwe muvukanyi biwe Vianney nuko guhera uno munsi wa kabiri igenekerezo rya 12/07/2016 haciye iminsi 4 akoze isanganya ry’umuduga mu gihe yariko arawutwaza ahita acikana mwuwo mwanya nyene yararikoreye ko ikindi bimaze kumenyekana ko y’apfuye vyababaje Abarundi n’Abarundikazi benshi cane gose gushika nuno munsi buzuye umubabaro ntangere n’amarira mu kubura intwari idasanzwe mu muziki wi Burundi.

Nkuko vyari vyamenyeshejwe n’umurwi PEACE AND LOVE umwe mubawusigayemwo umuvukanyi wa nyakwigendera Bobo Peace ariwe Vianney mu kuvuga ngo”ibijanye n’ishingurwa ryiwe hamwe n’ibindi vyerekeye ukumusezerera muzobimenyeshwa vuba cane”ubu hamaze kumenyena umunsi ,itariki ,ukwezi , ibijanye no kumusezeraza irayanyuma hamwe no kumushingurana iteka ridasanzwe uwo muhisi  yari rurangiranwa mu kuririmba yongera akorana ishaka ridasanzwe ibikorwa vy’umuziki w’uburundi rero abashaka kuzoza kumusezera iryanyuma muramenyeshwe aho muzohurira hamwe n’amasaha ingene biteguye vyose.

13654122_915407215272258_6881814143490420858_nAba fans b’umurwi w’abaririmvyi PEACE AND LOVE,abaririmvyi ,abaririmvyikazi,abamenyeshamakuru,abamenyeshamakurukazi mugomba kuzoza gumusezera iryanyuma umuhisi Bobo Peace w’umurwi Peace and Love wi Burundi menya ingene bitunganije ibijanye n’ishingurwa rya JEAN BOSCO  NIGANZE batazira”BOBO PEACE“ibibanza muzohuriramwo aho mumenyeshwa numuryango wiwe KAJAMOIRO PATIENNE hamwe na GATUMBURE y’uko kumusezera iryanyuma Ku buruhukiro (Morgue) bwa Kira Hospital, isaha zibiri zo mu gitondo (8h00).

Kanyuma muvuye kubitaro KIRA hazoca hakwirikira imisa yo kumusezera izobera kuri Paroisse Saint Michel, isaha zitatu zo mu gitondo (9h00) iyo misaha iheze nuko hazoca hakwirikira kumushingurana iteka ridasanzwe kandi musabwe kuzoshika kare kurayo masaha mwamenyeshejekwe uko bitunganije ivyo kumusezera iryanyuma hama iyo misaha iheze niho azoca ashingurwana iteka mw’itongo ry’abapfuye ku Mpanda,nkuko mushoboye kubimenya ibijanye vyose bizoba kw’itariki 15/07/2016 ni k’umunsi wa gatanu muri iyi ndwi ntimuzovyirengagize gusezera igihangange c’umuziki w’uburundi nyakwigendera Bobo Peace yaririmba m’umurwi Peace and Love bamenyekanye cane mundirimbo UBUZIMA” Ic’Imana yifatanije”

13619823_2146259412319278_8197531701146196342_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s