AMIR PRO aravuga ibintu atazopfa yibagiye kuri”BOBO PEACE”imbere yukw’apfa amuhinyanyurira”NTABUNDI BUHINGA”bari muri Studio


Haciye iminsi itandatu hamenyekanye urupfu nkuko bizwi kwari ari isanganya ry’umuduga yagize aca ahita arapfa atavuze n’ijambo ntarimwe ryanyu suwundi numwe mu baririmvyi bakomeye cane gose bari basanzwe bagendana ubumuga bwo kutabona“IMPUMYI” agize umurwi PEACE AND LOVE benshi bamutazira BOBO PEACE ariko amzina yiwe y’ukuri yahawe n’abavyeyi biwe ni JEAN BOSCO NIGANZE  nuko urupfu rwiwe rwababaje abarundi n’abarundikazi benshi cane nubu umubabaro ntangere hamwe namarira bikibuzuye aho yagira iryo sanganya hari kw’igenekerezo rya 07/07/2016 mw’ijoro ahitwa mu Kigobe iyo yarasanzwe aba.

Nyakwigendera Bobo Peace yaragize umurwi Peace and Love w’ahano mugihugu c’uburundi kandi yarasanzwe afise ingabirano zidasanzwe zo kuririmba n’ubundi buhinga bwinshi butandukanye yarafisemwo mu gukora indirimbo z’umurwi Peace and Love arikumwe n’umuvukanyi wiwe bari babiri bonyene yitwa Vianey kandi imbere y’uko akora isanganya ry’umuduga ry’umuduga agihita acika“GUPFA”mu kwitaba umuremyi  mu gihe yariko aratwara uwo muduga nuko kwiryo genekerezo nyene niho uwo murwi Peace and Love wari wasohora indirimbo nshasha yabo yitwa” NTABUNDI BUHINGA” niwe yaramaze iminsi abateguza aba fans babo ko izoshobora kubaryohera nawe yaravyishimira cane kwizohitinga.

13654122_915407215272258_6881814143490420858_nMukumvirizwa cane  naba fans ba Peace and Love n’abandi niko vyagenze igisohoka abantu bayumvirije bose bararyohewe cane mu kuyumva ingene itomoye cane gose nubu atakiri kw’isi y’abazima,ikomejwe gukundwa cane gose ninayo ndirimbo abarundi n’abarundikazi bamukunda ukwaririmba bakomeje kumwibukira ko kandi niyo yanyuma twavuga ko yabasezereye mu kumwumva abaryohera  benshi bakomeza bavuga ko umuziki w’uburundi wabuze umuririmvyi wingirakamaro gakomeye cane barababaye cane gose ariko bamusaba ku Mana imwakire mubwami bwayo bamukunda cane muga Imana yamukunze kubarusha.

Indirimbo NTABUNDI BUHINGA ya Peace and Love ariyo yabaye iyanyuma mu kuririmbamwo nyakwigendera Bobo Peace ayipfadikanije n’umuvukanyi wiwe Vianney batazira MICHOU LOVE ,nuko uwashoboye kuyihinyanyurira ni umuhinyanyuzi Amir Pro akorera muri Studio AFRO MUSIC mu Burundi  yabaabaye cane mu kumva ko umwe mu baririmvyi bakomeye mu muziki w’uburundi b’umurwi Peace and Love ko yitavye Imana mugupfa yabaguye nabi ariko kuno munsi tukaba twashoboye kumva ikiri kumutima cumwe murabo bayihinyanyuye iyo ndirimbo yavuze ibintu atazopfa amwibagiye mu bikorwa bakoranye akiri muzima.

13645117_2144599189151967_6323366413914143448_nUmuhinyanyuzi Amir Pro yahinyanyuye NTABUNDI BUHINGA ya PEACE AND LOVE avuga ibintu yaramuzi ko BOBO PEACE atazopfa amwibagiyeko mu gukora cane ibikorwa vy’umuziki w’uburundi mu gihe yashaka amuhinyanyurire indirimbo ngo BOSCO yari umuntu yitanga cane akora naho yaba amuhaye gahunda ingana imeze gute ijanye no kuza muri Studio Afro Music kuhakorera indirimbo yashika umwanya yabariwe kwazako ico ni ikintu cambere camuranga mukwerekana ko azi ibikorwa cane barakorana indirimbo igahera akagenda ashatse akagaruka gushika aho yumvako indirimbo yiwe yahinyanyuwe neza nkuko ashaka.

AMIR PRO abandany’avuga umunsi baherukana ko guhura amaso muyandi na nyakwigendera Bobo Peace w’umurwi Peace and Love wo mu Burundi ngo hari k’umunsi wa mbere kw’igenekerezo rya 04/07/2016 niho yamukubita ijisho ryanyuma gushika ubu uwo muhinyanyuzi yumva akibabaye yibutse ivyabaye kwa Bobo Peace bimusubiza inyuma k’umunsi wa mbere barikumwe muri Studio gutora iyo ndirimbo baharira kukantu yashaka kwashiramwo ico kintu bariko baharirako ashiremwo camaze amasha abiri niho kumubarira ngo ntakareke bakabikire iyi indirimbo yahavuye amutahura muga ngo iyo bagashiramwo kari kuba karyoshe cane sumba.

IMG-20160407-WA0002
UMUNYANYUZI Amir Pro WO MU BURUNDI

Ngo Bobo Peace ari umuntu yaha ikintu umwanya munini cane kuko yabifata nk’akazi kiwe kaminsi yose naho yamumbwira ati guhera k’umunsi wambere gushika k’umunsi windwi  bagende muri Studio nuko yakwirikiza gahunda zose yamuha ikindi amwibukira n’ubutumwa“MESSAGE”bandikiranye bwerekeye indirimbo NTABUNDI BUHINGA mu gihe bari bayimaranye indwi yose,bandikiranye ngo<“BOBO PEACE”harya hariho ibintu twumvisemwo,”AMIR PRO”ni mukuririmba ,”BOBO PEACE”oya mukuririmba ni sawa ni mukuvuza kuko ikintu kizotwica>

Uwo muhinyanyuzi yavuze ngo ico gihe Peace and Love baguma bamusubiza muri Studio gusubiramwo indirimbo Ntabundi Buhinga yabonako bariko bamugora muga kubera yabonako ari ikintu cobateza imbere ntiyigeze abima umwanya wo kugaruka bashiremwo ivyo bashaka kandi ngo ijambo ryanyuma amwibukirako nyakwigendera,imbere y’uko apfa,yamumbwiye ati“umwaka wa 2017,nzoba mfise studio yiwanje”kandi ngo aba PEACE AND LOVE mu gukora indirimbo zabo bafata umwanya ukwiye ntibihuta ikindi ngo apfuye Bobo Peace bari bafitaniye umugambi na AMIR PRO ko azohinyanyura indirimbo 10 nshasha zuno mwaka wa 2016 za Peace and Love.

Arinze yitaba Imana  bakoze indirimbo 7 ntamwanya wijana baguma bakora bisigura y’uko indirimbo imwe yabatwara amezi 2 icabituma nuko bashaka gusohora indirimbo yabo babanje kuyemera y’uko hamwe yosohoka ishobora kuryohera abarundi n’abarundikazi benshi rero bayiha umwanya kandi sinkabamwe bafata umunsi umwe canke itatu bagaca basohora indirimbo siko Bobo Peace na Vianney babikora bavuka ko bayikunze n’abandi bategerezwa kuyikunda ,umuhinyanyuzi Amir Pro yarangije avuga ikintu canyuma amwibukira ko atazopfa amwibagiye ko nicerekeye kwama muri Studio umwanya wose yaguma yiyumvira akantu kandi akiyumviriye baguma bumva karyoshe.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s