Menya amazina y’indirimbo 4 nshasha za FLORIS abazaniye muzitege kuzumva ukwezi kw’umunani muri benshi


Umuhinyanyuzi FLORIS akongera akaba n’umuririmvyi ivyo bikorwa vyose abikora mu muziki w’uburundi kandi birashimisha abantu benshi babikwirikirana bakaryoherwa cane gose hamwe n’indirimbo ziwe akunda gukora kenshi zivuga ivy’urukundo hagati y’umuhungu n’umukobwa rero uno mwaka wa 2016 aheruka ukwezi kw’5 gusohora indirimbo yise USIBAKI KIMIA ayifatanije n’umuririmvyi MAGIC SOLDIER yakiriwe neza cane naba fans biwe ntabatari aba fans biwe bose bararyohewe kuyumva bashimishijwe n’ukuntu yayikoze neza gushika nubu bakibandanya bayumviriza iyo indirimbo imeze neza cane ukaba utari bwayumve munywanyi b’indirimbo z’abaririmvyi b’abarundi ni akanya kawe uyitege amatwi mu kuyumviriza uryoherwe.

Kino gihe amaze iminsi ari mumyiteguro idasanzwe y’ibikorwa vyiwe akora mu kuririmba indirimbo zitandukanye z’umuziki w’uburundi abantu benshi bari batanguye kwibaza iyo yagiye kuko batari bamenyereye kubona ari mugacerere mu gihe akunda gusohora indirimbo ariko aravuga ko nabwo yigeze akajamwo ahubwo yariko arabategurira ibintu bizobaryohera cane mu minsi irimbere akaba yaje dasanzwe kandi n’imbonekarimwe mu baririmvyi b’abarundi bashobora gukora indirimbo zirenga zibiri mukwezi kumwe zigasohokera rimwe mu kumvirizwa naba fans babo nkuko uno muhinyanyuzi akongera kaba umuririmvyi yabikoze nivyo amazemwo iminsi ategura vuba agomba kuzoca ashira k’umugaragaro indirimbo nshasha ziwe zirenga zibiri.

13498009_650700811748259_9219317896140375799_oUmuhinyuzi Floris,akongera akanaba umuririmvyi akundwa cane gose n’abarundi benshi ukwakora umuziki w’uburundi kubera indirimbo ziwe zibaryohera kumva nuko abamenyesha ko yagarutse afise inguvu zidasanzwe mu kuririmba inyuma y’indirimbo Sibaki Kimia aheruka kubashirira k’umugaragaro bakaryoherwa ngo ubu mwakuno kwezi arigutegura indirimbo nyinshi cane gose nshasha zirenga zibiri zose zoshobora kuzisohorera carimwe mukwezi kuza k’umunani akamenyesha ko bozirindirana igishika cinshi canecane aba fans biwe aho muri hose vuba cane mugiye gusubira mumunezero udasanzwe.

Floris ashoboye kuba umuririmvyi wambere mu muziki w’uburundi ndetse n’iyindi myaka yose nkuko mubizi ntanumwe yari bwigere akora indirimbo nshasha zirenga zibiri ca azitegurira aba fans biwe mu gukomeza atera intambwe mu bikorwa vyiwe hamwe no guteza imbere uwo muziki nkuko yabibamenyesheje ngo vuba cane hariho indirimbo ziwe nshasha zose hamwe ni zine rero agiye kuzozisohora ukwezi k’umunani zikazoba zamaze kuja k’umugaragaro batanguye kuzumviriza ziratandukanye mumajambo n’ivyiyumviro vy’imistari yakoreshejemwo mu kuririmba kugira muvyumvise bizobaryohere kandi bizobashike kumutima mu kuryoherwe.

10362531_399409143544095_5891439669327501348_n

Aba fans biwe mu kuzumviriza akabandanya abambwira ko abanywanyi bose bakunda umuziki w’uburundi n’abakunda indirimbo ziwe ntibazotangwe kumva indirimbo 4 nshasha yatanguye kubategurira azigejeje kure zimwe yaramaze kuziheza kuzikora ubu aracaheraheza igikorwa yatanguye ntashobora kukigarukiriza hagati ninayo mpamvu zizoshobora kubaryohera cane bidasanzwe ngo muraba muri benshi cane gose arabizi ko atazobatetereza kuko yazibateguriye neza cane mu gushiramwo ubuhinga budasanzwe yaziririmvyemwo ninabwo bugiye kuzotuma mu ryoherwa cane bidasanzwe umwanya muzoba mutanguye kuzumviriza muri benshi akarangira avuga ko azibaazaniye muzitege kuzumva ukwezi kw’umunani muri benshi.

Ngo amazina yazo yashimye kuyabamenyesha kare mushobora kwibaza igituma yoba yarazihawe ayo mazina bivanye n’ukuntu muzibona zitwa ziratandukanye harimwo iyifise izina yerekana ko ari uy’urukundo izindi zikerekana amazina ajanye n’ubuzima mbega mwibaza ko yaziririmvye ashaka kuva iki mwitegereje neza mugusoma amazina yazo hariho iyitwa:

1.CAMOYONI

2.SAMBAMBA

3.NENO MOJA

4.LIVE YOUR LIFE.

13615329_2145802622364957_1483729329752878129_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s