NATACHA yafashije”DIAMOND”yibutse”LIZER CLASSIC”mu Burundi mudu studio dutoya ntiyamuha indirimbo ayihinyanyure


Umuririmvyikazi NATACHA asigaye ari igihangange kidasanzwe mu muziki w’uburundi aho afise intumbero zo gushika kurwego rukomeye cane mu gukorera umuziki wiwe mu bihugu bigize East Africa nkuko yabitanguye kino gihe amaze iminsi abica bigacika nyuma y’ugusohora indirimbo yiwe nshasha yitwa”SHIKILIA“k’umunsi wi Laidi igakundwa cane gose n’abarundi benshi bagiye barayumviriza ndetse ntabari abarundi niyo ndirimbo yiwe igezweho ubu ikomeje gukundwa na benshi bayakiriye neza cane gose mu kumvamwo ubuhinga budasanzwe kuko yari yavyemereye aba fans biwe ko bamaze ni bayumva bazotegerezwe kuryoherwa niko vyabaye igisohoka nubu imaze iminsi itanu isohotse.

Iyo ndirimbo Shikilia yayikoreye mugihugu ca Tanzania muri Studio Wasafi Records isanzwe yitirirwa DIAMOND PLATNUMZ igihangange gikomeye cane mu muziki w’Africa yose  hama ihinanyurwa numwe mu bahinyuzi babatanzania yigeze gukorera mugihugu c’uburundi yarafise Studio yitwa BUJA RECORDS benshi bamuziki kw’izina rya LIZER CLASSIC kandi imbere y’uko umuririmvyikazi NATACHA ayishikana mu Burundi mu kuyisohora kw’igenerezo rya 05/07/2016 niho yatangura gusamira mu bantu benshi bakunda umuziki w’uburundi bagakunda indirimbo ziwe bayumvirije ku bwinshi benshi baramuteye intege mu kumumbwira ko ashoboye umuziki akomeza kubemeza.

13607025_2144581499153736_2964968878783828409_nUmuririmvyikazi Natacha yashoboye kwishura ikibazo kimaze iminsi  kuv’aho asohoreye indirimbo “Shikilia” bumvise neza ko yayikoreye muri Studio Wasafi Records ya DIAMOND PLATNUMZ baribajije igituma yubahutse gufata indege imukura mugihugu c’uburundi ikamujana mugihugu ca Tanzania gukorerayo iyo ndirimbo yiwe nshasha agasiga ampa Studio benshi cane muziki ingene angana mu Burundi akayirengagiza akagenda gukorera muri iyo Studio WASAFI RECORDS yo muri Tanzania ico kibazo yamaze kugitangira inyishu ku bantu mumaze iminsi mu kimubaza mwongera mwibaza icabitumye.

NATACHA mu kiganiro yashoboye gutanga nuko avuka igituma yashimye kugenda mugihugu ca Tanzania akahakorera indirimbo Shikilia agaheza akayikorera muri Studio Wasafi Records aravuga ngo impamvu zabitumye ashima kugendayo akareka kuyikorera muri Studio zo mu Burundi zikoreramwo abahinyanyuzi batandukanye nuko ataraheza gukorera mubihugu bigize East Africa ni kubera ataraheza gukorera muri cogihugu aracasigaje umuririmvyi umwe gusa avuka muri Tanzania w’igihangange bafitaniye gahunda yo kuzokorana indirimbo nshasha bayikoze niho azoba arangije gukorera mugihigu ca Tanzania hanyuma atandukire ibindi bihugu nka UGANDAN,KENYA akwiragiza hose indirimbo ziwe.

13435382_565843696957196_101237041671840136_nNtiyagarukirije ngaho umuririmvyikazi Natacha mu kubandanya atanga umuco ku bagifise ikibaco cokubona yaragiye muri Studio Wasafi Record kuhakorera  indirimbo Shikilia ngo kuki atoshobora kumufasha DIAMOND PLATNUMZSUPPORT”mu gukorera muri iyo Studio yiwe  ikomeye cane mugihugu ca Tanziana amwereke umutima mwiza wo kumushigikira mu gukora indirimbo Shikilia ikaja murutonde rw’indirimbo zakoreye muri Wasafi Records ikindi ntaco cabitumye nuko yibutse y’uko ikoreramwo umuhinyanyuzi LIZER CLASSIC yahoze akorera muri Studio Buja Records i Bjumbura yaramaze guhinyanyura indirimbo nyinshi.

Kuri Natacha ryabaye imboneka rimwe atwara indirimbo yiwe akazihinyanyurirwa n’umuhanyanyuzi Lizer Classic mu gihe yakoreye mu Burundi imyaka myinshi ntiyari bwubahuke kumubwira ko yoshobora kuza muri Studio amuhinyanyurire indirimbo yiwe ngo ntiyakunda ko yohinyanyura indirimbo ziwe kubera ntarwego rukomeye cane gose yarafise imbere yiwe rwo gusohora kumuha indirimbo yiwe ayihinyanyure yumvirizwe naba fans biwe icabitumye vyose ntiyigeze akorera muri Studio nini cane ikomeye nkiya WASAFI RECORDS nkuko yabikoze mu kumusangayo agaheza akamuhinyanyurira indirimbo SHIKILIA yaranezerewe kubona barakoranye neza igikorwa kigenda neza ubu indirimbo iriko irahitinga cane mu Burundi n’ahandi.

13392312_564563133751919_4838611247618054386_oUmuririmvyikazi Natacha aravuga y’uko kubona yaragiye muri Studio  Wasafi Records ya DIAMOND PLATNUMZ kuhakorera indirimbo Shikilia nuko yumvise kwari Studio nini cane gose nziza igezweho mu gukora neza yongera amwibuka umuhinyanyuzi Lizer Classic kwariyo akorera acahita amukwirikira aho hari haciye imyaka n’iyindi agikorera mugihugu c’uburundi muri Studio nka Buja Records, Africa Sound Records ntiyaribwigere amutumbera amuhe indirimbo nimwe yiwe ayihinyanyure yamubonako akorera mudu Studio dutoya cane gose ariko yumvise ko yamaze kugera kurwego rwogukorera muri Studio iteye imbere aho yahise amukwirira nigonga amuha indirimbo yiwe nshasha yise SHIKLIA arahinyanyura neza cane.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s