PEACE AND LOVE barabashimiye mwese mukomeza kubafata mu mugongo muri bino bihe bigoye barimwo”R.I.P BOBO”


Umuziki w’uburundi usanzwe ukora abarundi n’abarundikazi benshi batandukanye bagishigikiwe naba fans babo haraciye umunsi umwe gusa wa murwi w’abaririmvyi PEACE AND LOVE wahano mu Burundi washoboye gutakaza muvy’umubiri n’impwemu  umwe muri bavukanyi wabo JEANS BOSCO NIGANZA batazira BOBO Peace yitavye umuremyi mu gukora isanganya ry’umuduga nkuko vyakomejwe kumenyeshwa cane kuv’aho arikoreye mw’ijoro ryo kuruwu wa kane igenekerezo rya 07/07/2016 gushika nubu ni umubabaro ntangere hamwe n’abarira bikomeje gutemba mumutima y’abarundi n’abarundikazi benshi cane bakunda cane nyakwigendera Bobo Peace ukuntu yakora ibikorinka arikumwe n’umuvukanyi wiwe Vianney mu kuririmba indirimbo zibaka imitima benshi cane.

Urupfu rwa nyakiwgendera Bobo Peace umwe mu baririmvyi bagize umurwi Peace And Love akomeye cane gose muvyo kuririmba indirimbo ziryohera abantu benshi bazumviriza akiriho muziko bakora umuziki w’uburundi ari abavukanyi babiri urwo rupfu rwababaje abarundi n’abarundikazi benshi cane gose bamwe bakivyumva ko yapfuye nabwo bigeze bavyemera ko yitavye umuremi babibona ko ari inkuru y’ububeshi ariko uko amasaha yagenda niko bagenda babonako arivyo none ntiworaba mugihugu c’uburundi ndetse no hanze y’uburundi abakunda uwo murwi buzuye umubabaro n’agahinda kumutima bitagira uko bigangana.

13585053_1307666762594763_2043920951188003993_oUmurwi w’abaririmvyi Peace and Love nyuma yaho ubuze umuvukanyi wabo BOBO PEACE ahuye n’urupfu rw’isanganya ry’umuduga ubu usigaye ugizwe n’umuririmvyi umwe gusa ariwe VIANNEY akaba yaraye ashoboye kumenyesha itangazo,abanywanyi mu muziki w’uburundi hamwe nabasanzwe bawukora bose aho muri hose mubihugu mutuyemwo canke mubamwo murashimirwa cane gose bimwe bivuye kumutima k’ukuntu mukomeza kwerekana urukundo rudasanzwe mu komeza kuwufata mu mugongo mu kuwuba hafi mwabino bihe bigoye barimwo umuryango wa Peace and Love wabuze uwo bakunda cane gose ariko Imana yamukunze kubarusha eka natwe twakunda cane mu bikorwa yakora cane yitangaza mu muziki w’uburundi.

Nkuko itangazo ryaraye risohohowe numwe agize umurwi PEACE AND LOVE agihumeka impwemu z’abazima mu kumenyesha abarundi n’abarundikazi mu bandanya kuwufata mu mugango mwabino bihe bigoye urimwo kandi ngo murashimiwe cane bimwe vy’umwihariko bivuye kumutima murukundo mukomeje kwerekana kuv’aho BOBO PEACE yitavye umuremyi agapfa ahuye n’isanganya ry’umuduga ahitwa mu Kigobe aho bari basanzwe baba abagiye uwo murwi uko ari abibiri bompi ikindi ngo vuba cane mugiye kuzomenya ibijanye n’ishingurwa ryiwe“GUHAMBWA”ry’iteka ridasanzwe muraguma hafi muzoshobora kubimenya n’ibindi.

13654122_915407215272258_6881814143490420858_n

Iryo tangazo  mwamenyeshejwe n’umuryango wa Peace and Love rijanye n’urupfu gumuvukanyi wabo nyakwigendera Bobo Peace,mwongera mushimirwa ba fans babo hamwe n’umuryango urimwo ugize abakora umuziki w’uburundi ngo ukuntu mukomeza kubafata mu mugongo muri bino bihe bigoye barimwo rivuga ngo“Amahoro neza bakunzi,ni n’umubabaro ntangere twipfuza kubamenyesha y’uko umwe muri twebwe, umuvukanyi wacu Jean-Bosco NIGANZE batazira ‪‎Bobo Peace yaraye yitavye umuremyi.Mwomenya y’uko yagize isanganya ry’umuduga muri rino joro ryaraye rikeye.Turashimiye bimwe vy’umwihariko mwebwe mwese mudahengeshanya kudufata mu mugongo muri bino bihe bigoye.Ibijanye n’ishingurwa ryiwe hamwe n’ibindi vyerekeye ukumusezera, muzobimenyeshwa vuba cane.‪IMANA IMWAKIRE MUBWAMI BWAYO Murakoze.Amahoro n’urukundo bibane namwe.”

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s