Bosco w’umurwi”PEACE AND LOVE”mu Burundi arapfuye ahitanywe n’isanganya ry’umuduga mu KIGOBE


Umwe mu baririmvyi bakomeye cane mu kumenyekana muvy’umuziki w’uburundi yarageze ku ntambwe idasnzwe mu gutera imbere aho yakorana uwo bavukana basazwe bagize umurwi PEACE AND LOVE mu Burundi bamamaye mundirimbo yabo Ic’Imana yifatanirije benshi bamuzi kw’izina rya BOSCO ntitukiri kumwe kw’isi yabazima yamaze kuyisezera ubu umubabaro n’agahinda hamwe n’amarira ni vyinshi mu barundi n’abarundikazi ahitanywe n’urupfu rukomeye cane gose rw’imodoka yahise apfa ubwonyene ntanugusamba  nkuko bimenyeshwa n’abantu bibone neza n’amaso yabo iryo sanganya aho ryabereye mw’ijoro rushira kuruyu wa gatatu.

Kuno mwanya mu makuru y’umuziki agezweho w’uburundi uy’umunsi ababaje cane aho duhejeje kubura uwo muririmvyi akomeye cane gose wo mu murwi PEACE AND LOVE yariko agendesha umuduga wiwe aca ahitanya n’urupfu yarikoreye ahitwa mu Kigobe kw’ibarabara riri kuri AMBASSDE YABANY’AMERICA mugisagara ca Bujumbura kandi uwo murwi urabuze umuririmvyi w’ingakamaro mugihugu c’uburundi yaririmbana neza cane arikumwe na mutoya wiwe azwi kw’izina rya Vianney.

13312854_960553150729341_6555218152145153452_n
R.I.P Bosco

Ub’umubabaro ni mwinshi cane gose ababaje abarundi n’abarundikazi benshi cane bakunda umurwi wiwe yaririmbamwo nkuko twagerageje gukwirikirana hafi abantu benshi kurubu amarira n’umubarabaro nivyo biraranga bakunda umuziki w’uburundi canecane bashimishwa n’indirimbo yakora arikumwe nuwo mutoya wiwe.

Munywanyi mu muziki w’uburundi ubabajwe n’ukumva umurwi PEACE AND LOVE wahano mugihugu c’uburundi uhejeje kubura igihangange gikomeye cane nyakwigendera BOSCO benshi batazira BOBO ku bawe womusabira iryahe isengesho ryiza rimuherekeza murugendo rwiza ashoboye kwitabamwo Imana muguhitanwa n’isanganya ry’umudugu nkuko urupfu rwiwe rukomeje kubabaza benshi cane gose nawe urimwo ushoboye kumusabira iryo sengesho nubwo twamukunda cane twese abakurikirana umuziki w’uburundi bawukora canke abawutangaza.

11221650_795960110521980_4064304351775942934_n
Vianney NA Bosco UWO AHEREZA NIWE YITAVYE IMANA

Tubibutse ko umuririmvyi Bosco w’umurwi Peace and Love ashoboye kwitaba umuremyi baraye basohoye indirimbo yabo nshasha yitwa  NTABUNDI BUHINGA yaritanguwe gukundwa cane gose n’abanywanyi benshi mu muziki w’uburundi rero niyo ndirimbo yiwe yanyuma ashoboye gusezerako mu kuririmba aryohera aba fans b’umurwi wiwe na mutoya wiwe niyo ndirimbo yanyuma abasigiye kuno munsi ahuye n’isanganya ry’umudiho agahitanwa n’urupfu.

Advertisements

7 thoughts on “Bosco w’umurwi”PEACE AND LOVE”mu Burundi arapfuye ahitanywe n’isanganya ry’umuduga mu KIGOBE

  1. Imana yo mwijuru,imuduhere ikibanza ciza ,kuko yari intore agiye akiri muto cne,kdi tukimukeneye,kdi natwe dusigaye abiwe ntituzomwibagira.

    Liked by 1 person

  2. Bosco,iruhukire mubwami bwimana.ntamurundi azokwibagir canecane ababa mugisagara ca bujumbura….mwateramisha beshi…hama naw vianney,rwanira ukuramba kwa peace and love

    Liked by 1 person

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s