BOBO PEACE yoba yagandadaguwe atar’isanganya nkuko bivurwa ngo”PETERO NKURUNZIZA”asabwa hatangure amatohoza yihuta


Amakuru duhabwa n’umunyagihugu y’ababajwe cane n’urupfu rwa Bobo Peace wo mu murwi Peace and Love, akaba yakurikiranye cane iyo nkuru, uwo munyagihugu ashikiriza ko BOBO y’agandaguwe hama abamugandaguye bagaca bagira irementanya ko yishwe n’isanganya ry’umuduga ngo ashobora kuba y’agandadaguwe atar’isanganya uwo munyagihugu avuga ati, bamaze kwumva iyo nkuru, mu bucagucagu baciye banyarukira aho hantu bavuga ko habereye iryo sanganya,ati twasanze arurupfu“RUTEYE AMAKENGA”,bishoboka ko yoba y’agandaguwe, atar’isanganya,ushitse mu kigobe aho imodoka ya Bobo Peace ihagaze ntiwokwemera ko har’umuntu yoba yahasize
ubuzima.

•Wegereye imodoka urabona ko yononekaye ku ruhande rw’ipine n’itara.
• Uravye ahantu imodoka yasetse, ucubona ubudasa bunini n’ukuntu imodoka yagonze imbere n’inyuma.
•Winjiye mu muduga urabone ikiyo RetroViseur
kir’indani kw’i coussin, hamwe n’ikidengeri c’amaraso.
•Ibiyo hab’icimbere n’inyuma n’ibizima,
•Kandi birahushanye n’umutwe wiwe, wowo bari bawufunze imbavu
n’imbavu n’ijisho rimwe.
•Uravye uruhome yasetse ukaca uraba ikiyo c’imbere ugaca uruba n’umutwe wokwibaza
n’igitangaro Imana yakoze.
Ibisiga bwenge!!!

Ni gute yoba yagonze uruhome, hama imodoka igaca yononekara imbere n’inyuma?
Ko ibiyo vy’imbere n’ivy’inyuma bikomeye, bitanamenetse, ni gute yashikiriwe indani ku vola, hama arakomereka aca arapfa?
Ni igiki camukomerekeje?

13312854_960553150729341_6555218152145153452_n
R.I.P Bosco

Ayo ni amakenga aguma ashikirizwa n’uwo munyagihugu.

Nkuko yabitwiganiye uwo munyagihugu yagiriye atera akamo umukuru w’igihugu c’uburundi  PETER NKURUNZIZA ko yotanguza amatohoza yihuta ajanyene nurwo rupfu rwa Bobo Peace ariko amazina yiwe y’ukuri yahawe n’abavyeyi biwe ni Jean-bosco Niganze uwo munyagihugu twaganiriye  yavuze mu kugaragaza umubabaro wiwe mumajambo yose yagize ngo:”Inkuru y’incamugongo Bobo ashobora kuba yagandadaguwe atar’isanganya nkuko bivurwa mw’ijoro rishira ubucagu cagu niho hasohoka
inkuru y’incamugongo imenyesha ko Jean Bosco Niganza batazira Bobo yitavye imana,nti bwatevye guca tuburabira mu rugi tuja ahabereye iryo bara.

Aho twasanze arurupfu ruteyemakenga bishokako ashobora kuba yagandaguwe atar’isanganya ushitse mu kigobe aho imodoka ya Bobo ihagaze ntiwokwemera ko har’umuntu yoba yahasize ubuzima wegereye imodoka urabona ko yababaye kuruhande rw’i pneu n’itara. Uravye ahantu imodoka yasetse ucubona ubudasa bunini n’ukuntu imodoka yagonze imbere n’inyuma winjiye mu muduga urabone ikiyo RetroViseur
kir’indani kw’i coussin, hamwe n’ikidengeri  c’amaroso ibiyo hab’icimbere n’inyuma n’ibizima igihushane n’umutwe wiwe twahuye bawufunze imbavu n’imbavu n’ijisho rimwe uravye uruhome yasetse ukaca uraba ikiyo c’imbere ugaca uruba n’umutwe wokwibaza n’igitangaro Imana yakoze.

13619967_914780742001572_5592162832882579972_nCanke  ibisiga bwenge turarira tumenyereye mu bwicanyi  i Bujumbura aho umuntu yicwa ukamengo ni bikino nka bamwe biga gukina I film mu minsi yambere bakunze guca umugani mu Kirundi ngo “Urupfu n’impfane birajana” twebwe sivyo twakoze haba namba,twakoze nyabuna umwihwezo mu kurangiza twosaba Ambassade y’Abany’America ifise amasanamu y’ibibera mu kigobe gutanga umuco kur’urwo rupfu,turateye akamo umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza y’ibuke iteka uwo muhisi ya muteye mu kuririmbira no kumutera amashurwe kuvyiza yakorereye abanyagihugu,ko yotegeka nkuko yabikoze ku bihangange vyo mu gisirikare nka Adolphe n’abandi umushingwamanza wa Republica agakora amatohoza yihuta kugira ashirwe ahabona abateguye bongera baragandangura iyo ntore.

Bakoresheje ubwenge buke mu guheraheza turahojeje umuryango wa Bosco, umupfasoni Maragarita Barankitse,umuryango w’abaririmvyi na bacuraranzi ba hano iwacu, hamwe n’umurwi Peace And Love iyo uva ukagera.

13615011_10154314606600763_9041554550170289161_n
Maragarita Barankitse

Tubibutse ko umuririmvyi Bosco w’umurwi Peace and Love ashoboye kwitaba umuremyi baraye basohoye indirimbo yabo nshasha yitwa NTABUNDI BUHINGA yaritanguwe gukundwa cane gose n’abanywanyi benshi mu muziki w’uburundi rero niyo ndirimbo yiwe yanyuma ashoboye gusezerako mu kuririmba aryohera aba fans b’umurwi wiwe na mutoya wiwe.

Advertisements

One thought on “BOBO PEACE yoba yagandadaguwe atar’isanganya nkuko bivurwa ngo”PETERO NKURUNZIZA”asabwa hatangure amatohoza yihuta

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s