Ngo KIDUM na BIG FIZZO nibo bemeza abantu mubiteramo bakorera mu Rwanda n’ibulaya ninde asumba uwundi ubuhinga bwo kuririmba?


Kuno munsi wa gatatu itariki 06/07/2017, dushaka tubambwire amwe mu  makuru agezweho mu muziki w’uburundi twashoboye gutohoza mu kumva ivyiyumviro bitandukanye vy’abantu bakunda kumviriza indirimbo z’abarundi no kwitabira ibiteramo nkuko  vyibonekeza hagati y’ibihangange bibiri basanzwe  kenshi basohora indirimbo zikaryohera abantu benshi bazumvirije ubu baherutse gukora ibiteramo mugihugu c’urwanda ni abaririmvyi kenshi bakunda gutumirwa mubiteramo bakabikorera mu Rwanda nubu baheruka kuhakorera ibiteramo.

Ibindi biteramo vyabo babikorera mubihugu vya Bulaya abo barirmvyi ni KIDUM na BIG FIZZO ngo iyoba bagiyeyo guteramisha abantu baho basiduka iyonka ari benshi cane kandi haraboneka amahera menshi yinjijwe mubiteramo biba bitumiwemwo abo baririmvyi babiri bakomakomeye cane mu kumenyekana mu gukora umuziki w’uburundi bakunda gutumirwa cane mubiteramo bitandukanye uno mwaka bamaze guhira gatatu bakora ibiteramo bakaja kuri Stage bakarorerwa n’abantu benshi cane baranezerwa cane kubobona imbere yabo babaririmbira babica bigacika.

1405127440_11
KIDUM

Nkuko KIDUM na BIG FIZZO babikora ivyo biteramo mugihugu c’urwanda bikitabira abanyarwanda benshi bakavuga y’uko  bateramishwa mu kuririmbirwa indirimbo nyinshi zitandukanye bakumvako abo baririmvyi b’abarundi botoshobora kurangiza igiteramo bakava kuri Stage ngo bahora babemeza cane kubuhinga bakoresha mu kuririmba indirimbo zabo abari LIVE,ivyo bakaba barashoboye kubigaragaza mubiteramo bibiri baherutse gukorera ngaho mu Rwanda hari kumagenekerezo ya 01-02 ukwezi kw’indwi umwaka wa 2016 mugisaga ca Kigali nkuko mwagiye murabona ikiragiteramo barikumwe niko babigenje guteramisha abanyarwanda benshi gushika aho bumvako baryohewe kubona babereka ubuhinga bafise bwo kuririmba.

Kandi ngo Kidum na Big Fizzo ntabwo bakoresha ubuhinga bumwe “EXPERIENCE”bwo kuririmba bahora babura uwo bashobora kuvuga ko yoba yabaryoheye cane mu gihe bahuriye mubiteramo bimwe baririmba kandi no mugihugu c’uburundi bwabibarutse bahakoreye ibiteramo bahora bemeza abarundi benshi ariko ucusanga aba fans babo bariko bavuga ko umwe ariwe yarushije uwundi ubuhinga bwo kubateramisha mu kubaririmbira indirimbo zabo bategurirwa kuwo munsi w’ibiteramo gushika nubu baravuga ko umuziki w’uburundi bakomeza kuwukora neza mubuhinga bubashimisha kandi budasanzwe.

Uy’umunsi munywanyi mu muziki w’uburundi ukunda kw’itabira  ibiteramo bakora Kidum na Big Fizzo,canke indirimbo bikuryohera kumva no kubona babigukoreye mbega witegereje ubu intambwe bagezeko mu kumemyekanisha uwo muziki mubindi bihugu batumirwamwo kuhakorera ibiteramo ndetse wumvirije indirimbo basohora buri umwaka ku bwawe ubona ar’uwahe afise ubuhinga bwo kuririmba kurusha uwundi?

13439086_10153778398508131_8390375961873141509_n (1)Nko gusohora indirimbo k’umugaragaro ukayumvamwo ubuhinga akoreshamwo nindem akomeje kumenyekanisha umuziki w’uburundi akora uko umwak utashe canke mubiteramo abakoreye umwe wese yekerekana ubuhinga bwiwe afise mu kuririmba indirimbo ukumvako ikuryoheye cane igahitinga cane?

Ushobora gushikiziza iciyumviro cawe uko ubona ubuhinga bwo kuririmba afise Kidum canke Big Fizzo  ukumvako ariwe afata ikibanza ca mbere arusha uwundi imbere yawe nkuko udasiba gukurikirana amakuru yiwe agezweho mu y’umuziki  w’uburundi aho uni mwaka wa 2016 bagaragaye bawukorera mugihugu c’urwanda batumiwe mubiteramo n’ibulaya hama uheze uvuge igituma ubona amusumba ubuhinga bwo kuririmba no guteramisha abantu mubiteramo bakaryoherwa cane mu kumwumva abaririmbira  kuri Stage?

1f4e2ed57a149c33e6c25d0d8e91144b
           BIG FIZZO

Mbega hagati y’umuririmvyi KIDUM na BIG FIZZO wemera uwahe afise ubuhinga  bwo kuririmba indirimbo ukaryoherwa azumvise zikagera kurwego rukomeye muguhitinga “KUMENYEKANA” tangura inyishu yawe witonze uvuge n’indirimbo yiwe ikuryoheye cane kumvamwamwo ubuhinga yakoresheje mu kuririmba amajambo y’inkoramutima

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe