Kuv’aho G-BO asohoreye Video”MAMA KABIBI”ubu abazaniye indirimbo nshasha iryoshe kumviriza


Umuririmvyi G-BO asanzwe akora umuziki w’uburundi aherutse gusohora Video nshasha y’indirimbo MAMA KABIBI ikakiranwa igishika cinshi cane gose aho aba fans biwe baryohewe cane gose mu kuyiraba haraciye indwi zishika zibiri ayishize k’umugaragaro kandi ikomeje gukundwa cane gose nkuko yakoreshejemwo ubuhinga budasanzwe mu gushiramwo utuntu n’utundi tuyiryosha atibagiye n’umwamikazi wayo yashizemwo w’umukobwa ariwe yitirirwa izina Mama Kabibi nawe suwundi ni umukobwa benshi mumenyereye muma Video y’abaririmvyi benshi batandukanye b’abarundi azwi kw’izina rya NICK DIVI.

Abantu benshi bamubonye bavuga y’uko arakaze cane ayiryosha agukoresha udusha twinshi dutandukanye gushika nubu bamwe mu ba fans biwe bakomeza kuvuga ko ari Video nziza yabaryoheye kuraba batarambirwa kuraba rero uwo muririmvyi ntaraheza kubanezereza aracabandanya mu gukomeza akora nizindi Video nziza muzoshima muzibonye amaze guheza gukora indirimbo aba yatanguye kubategurira bakayumva bakaryoherwa nkuko abivuga y’uko bidahindutse vuba cane arasohora iyindi indirimbo nshasha y’umwaka wa 2016.

13615112_2143156192629600_2762794448408944995_nUno muririmvyi G-Bo akabandanya amenyesha abanywanyi mu muziki w’uburundi ko inyuma yiyo Video Mama Kabibi ntiyigeze yicara areke kuguma abategurira indirimbo zibandanya kubaryohera kumviriza hamwe no kuraba aho ngo kuno munsi wa mbere yashoboye kwinjira muri Studio gukora indirimbo nshasha yitwa“SIONI”akabizeza ko muzorypherwa cane gose ni mwamara kuyumviriza muminsi irimbere ndetse yabamenyeshe itariki muzoshobora kuyumva ko niho azoba aramutse ayisohora mu kuyishira k’umugaragaro vuba cane irabashikiriza.

G-Bo nkuko abibamenyesha aba fans biwe bose ko iyo ndirimbo nshasha yise SIONI izoba ije inyuma y’indirimbo MAMA KABIBI muheruka kuraba Video yayo mukaryoherwa kurubu yasubiye muri Studio kubandanya abategurira ibizobaryohera kumvamwo mundirimbo yiwe nshasha agomba kuzoca ayirekura muyumve tukaba twashoboye kumubaza ikiringo boshobora kuyirindira nuko yatwishuye ko azoyisohora itariki  20/07/2016 aho rero ngo muzoba muhawe ikintu ciza cane gose kizobaryohera kumvamwo aririmba.

13603653_2143044952640724_3626416534855489630_oAravuga ko azobemeza cane no kubandanya akora ukwashoboye mugutera intabwe idasanzwe mu muziki w’uburundi yateguyemwo ibikorwa vyinshi bizobaryohera mwuno mwaka wa 2016 kandi yaramaze kubitangura mu kubereka ya Video Mama Kabibi ngo banywanyi mu muziki w’uburundi namwe ba fans b’umuririmvyi G-BO ngo kw’igenekerezo rya 20/07/2016 ntimuzotangwa kuguma hafi kuruwo munsi uzoba udasanzwe niho azoca ayisohora murare muyumvirije  nkuko abibamenyesha ko izoba imeze neza cane arabona y’uko muzoyikunda cane kurusha uko avyizeye mwisango yayibateguriye ko azoyishora.

Advertisements

2 thoughts on “Kuv’aho G-BO asohoreye Video”MAMA KABIBI”ubu abazaniye indirimbo nshasha iryoshe kumviriza

  1. Mama kabibi best song and first in 2016 you are the best my brother congratulations and keep up we are behind you much love

    Like

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s