Ihiganwa rya”MISS BURUNDI 2016″bararyiyamiriza ngo Abarundikazi barihiganirwa ntibavura ururimi kavukire


Kuv’aho igihangwa rya MISS BURUNDI 2016/2017 ritanguye mugihugu c’uburundi baryakiranye igishika cinshi abarundi n’abarundikazi gushika rikagere mugica ca kabiri gishira icanyuma”DEMI-FINAL”ubu rigeze ahatemba mugihugu c’uburundi aho abarundi batanguye kuryimamira mu kuritoramwo utunge twahova ngo twonona igihugu abaka bariko barasaba ko abariteguye bureka kugarika ibintu vyo kwibagira abakobwa beza baciye ubwenge bariko bahatanira iryo higanwa ndetse nabo bariko barabiyamiriza rero akanenge kambere batanguye kuritoramwo mu kuryoyamiriza ngo nuko bafashe barikoreshamwo indimi mvamahanga babigaira ko ar’ihiganwa ririko ribera mu Burundi.

Kandi rihiganirwa abarundikazi atari abanyamahanga ivyo bikaba biriko birababaza benshi cane gose kubona abatunganije ivyo higanwa rya MISS BURUNDI 2016 bihaye gushira imbere indimo mvamahanga bagashira inyuma ururimi kavukire rw’igihugu c’uburundi kumva abarundi  benshi mu gihe bariko bakwirikirana uko bahiganwa abo baakobwa b’abarundikazi bagatahura ico abariko baravuga kugira bashoboye kubatora mu kubahunda amajwi bakoresheje ururimi kavukire rw’ikirundi aho umurundi canke umurundikazi ashaka kumutora amenye uko yobigenze rero ngo mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2016/2017 bivugira indimi mvamahanga.

13532791_1241819612517973_3672621146677687278_nIzo ndimi zatumye batangura kuryiyamiriza benshi ko abakobwa b’abarundikazi beza baciye ubwenge aho kuvuga ururimi rw’ikirundi babategetse kuvuga ururimi rw’igifaransa nkuko ngo vyagiye biragaragara muma Video yabo bashize kurubuga rwa FACEBOOK Miss Burundi 2016/2017 benshi bivugira ururimi rwigifaransa gusa conyene bigatuma Abarundi badatahura ivyo bariko baravuga ariko habonetsemwo umukobwa umwe wenyene yashoboye kwimenyekanisha bamutore mu kuvuga ururimi kavukire yitwa BELLA biratangaje kubona abahiganirwa kuba MISS BURUNDI 2016 bivugira ururimi rw’abanyamahanga ari rwo igifaransa.

Ikindi ngo iryo higanwa ririko ribera mu Burundi  rihiganirwa n’abarundikazi ariko ntuzokumva bariko bavuga ururimi rw’ikirundi mu gihe bariko barimenyekanyisha mu kwidondora“PRESENTATION”bambwira abarundi n’abarundikazi ukuntu boshobora kubatora bakabaha amajwi bakaca bivugira ururimi rw’abanyamahanga aho hashoboye kuboneka abarundi benshi basavye ko abatunganije iryo higanwa boreka gukoroniza abakobwa b’abarundikazi bahiganirwa kuba Miss Burundi 2016 bimenyekanishe mu kuvuga ururimi rw’igifaransa rutumva abarundi n’abarundikazi bose.

13529067_1240179902681944_4358114362771116816_nKandi bashoboye kuvuga ururimi kavukire rw’ikirundi ngo biramaramaje birateye isoni kuba ihinganwa ryitirirwa abarundukazi muga bakarigira iryabanyamahanga mu kwivugira ururimi rw’igifaransa rwazanwe n’abanyamahanga mu gihe ihiganwa ryitirirwa iry’igihugu c’uburundi bari bakwiye kuvuga ururimi rw’ikirundi kumva abarundi bose agashavu ni kose ku barundi bamwe bamwe batanguye kuryiyamiriza ihiganwa rya Miss Burundi 2016 bariho kutavuga ururimi rw’ikirundi kumva abanyagihugu bose b’igihugu c’uburundi nkuko ribera mu Burundi badahiganirwa mugihugu c’abanyamahanga.

Mu gihe guhiganirwa kuba Miss Burundi 2016 ntiryitiriwe ihiganwa ry’abanyamahanga kandi ntiririko rihiganirwa abanyamahanga aho boshobora gukoresha indimi zabo ahubwo ngo abariteguye nibarabe ukuntu bisubirako  bagakoresha ururimi kavukire rw’ikirundi abarirwo bavuga,mbega nk’umurundi canke umurundikazi kubwawe wumva vyari bikwiriye ko abakobwa beza baciye ubwenge biyubaha bahiganirwa kuba Miss Burundi 2016 bavuga ururimi rw’igifaransa mu kumenyesha abarundi n’abarundikazi bahahe amajwi mu kubatora kandi badashobora gutahura ivyo bariko bavuga aho kuvuga mu kirundi cumva bose?

Advertisements

2 thoughts on “Ihiganwa rya”MISS BURUNDI 2016″bararyiyamiriza ngo Abarundikazi barihiganirwa ntibavura ururimi kavukire

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s