DJ PRO yamamaye muri Video”KATOTO Remix”yaramaze umwaka n’igice adokora umuziki ubu abazanye iyindi Video


Umuririmvyi DJ PRO yamenyekanye cane mu kwamamara mundirimbo yiwe na Video KATOTO REMIX yabiciye biracika ikunda abarundi benshi bari mu Burundi no hanze y’uburundi baguma bayumviriza bongera bayiraba ariko yaramaze umwaka n’igice adasubiriye kumvikana mu muziki w’uburundi ni kuvuga umwaka uheze wa 2015 adasubiriye kugaragaza ibikorwa vyiwe vy’umuziki nko gusohora indirimbo canke ama Video yazo bishimisha abavyumviriza canke ababiraba ico gihe yaciye agenda mugihugu ca Africa du Sud aratekerejeyo ariko ngo ntiyigeze ahagarika umuziki ahubwo yagumye ategurira igikorwa gishasha aba fans biwe yagomba azobashirize umwaka wa 2016 ubu turimwo yagarutse akibazaniye yahejeje kugikora ico gikorwa c’umuziki w’uburundi akora.

Abanywanyi mu muziki w’uburundi  nkuko muyibuka  Video Katoto Remix y’umuririmvyi Dj Pro yayikoranye n’ibihangange vy’umuziki w’uburundi nk’umuririmvyi MKOMBOZI hamwe n’umuririmvyi SAT-B  uko mwayiraba niko mwavuga ko aru Video nziza bayikoze neza hari umwaka wa 2014 niho yayisohora k’umugaragaro nyuma y’umwaka wa 2015 uheze ashoboye gusohora indirimbo 2 zitwa “MAISHA Na MUZIK”hamwe n’indirimbo NI “VIVUMIKIE “yangirije ko ibikorwa yayisohoye ukwezi kwa gatatu umwaka wa 2016 kuva mwico gihe ntiyasubiriye gukakaza kandi aba fans biwe bari bazakiranye igishika zabaryoheye gose kumviriza ubu ngo mwuno mwaka wa 2016.

12524158_1005232302876888_573338378084219424_nDJ PRO yagarutse gukora umuziki w’uburundi aho yaramaze umwaka umwe n’igice adakoma yibereye mugacerere abategurira igikorwa kizobahimbara kumutima,akavuga ko azi neza y’uko aboba fans biwe bari bamukumbuye  kumwumva akora umuziki w’uburundi no k’uwumubonamwo asohora indirimbo  azikorera Video bakaryoherwa nkuko baherukiye kumubona muri Video Katoto Remix yakoranye na Mkombozi hamwe na Sat-B ubu rero abamenyesha ko abazanye Video nshasha yiwe aheruka guheza gukora y’indindirimbo MAISHA NA MUZIK  ko ariyo Video yiwe akoze m’umwaka wa 2016 ije kubaryohera kuraba kurusha izo mwabonye yakoze mu guhe yayikoreye mugihigu ca Africa du Sud iyo asazwe amazeyo amezi atari makeya ayikoreye mubibanza bitandukanye vyiza cane bizonezereza amaso yanyu.

Uno muririmvyi  Dj akavuga y’uko harya imigisha ntigira  ibangaza nkuko yamubaye ko mu gukora Video nziza cane izobaryohera kuraba y’indirimbo MAISHA NA MUZIK abaraba isango ntabanduka mugume hafi muyurindiriye rigera ryo kuzotangura kuyiraba iyo Video abazanye inyuma y’imyaka 2  iheza  yaherukiye gusohora Video Katoto Remix igasohoka iryohera muri benshi mu kubica bigacika ngo na Video y’indirimbo Maisha Na Muzik yayikoranye ubuhinga bugezweho buzobashimisha kuraba.

13335689_1015963398470445_2249006042784703831_n

Akomeza kubamenyesha aba fans biwe muyitegurire cane kuzoyira azoyisohora k’umunsi wa agatanu igenekerezo rya 08/07/2016 niho azoyirekura abazotangura kuyiraba mwese abamenyesha ko mutotangwa kuyibaraba nkuko y’abibamenyesheje y’uko yayikoreye mugihigu ca Africa du Sud iwabo y’intwari nyakwigendera Madiba Mandela hasigaye iminsi itatu yonyene kuyisohora k’umugaragaro ntimuzokwidoga kubera araziko mwarimunyotewe gusubira kumwumva akora umuziki w’uburundi mu gihe yaramaze umwaka umwe n’igice adakakaza mu gusohora indirimbo na Video tubibutse ko uwo muririmvyi yashoboye kuyikorera igiteramo mugisagara ca Cap Town.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s