Kuruwu wa gatandatu niho GN yaraye aryoheye abantu benshi kuri”ELK”bumva ubutuma bwiza


Umuririmvyi GN akiri umuyabaga akerebutse mu gukorera Imana abicishije mu kuyitazira mubutumwa bwiza bw’amajambo y’uhoraho adasanzwe akoresha mu kuririmba indirimbo nyinshi ziwe zitandukanye nkuko abantu bazumviriza kenshi zibaryohera zikabahezagira nuko yaraye ateramishije igiteramo bari bamutumiyemwo kw’ishure ELK bisobanura mumajambo yose “ELOCE LUMIERE DE KININDO”,hari kuruwu wa gatandatu igenekerezo rya 02/07/2016 bari baramutse bahimbaza umunsi mukuru wahariwe imicokama kuri ryo shure ryo muri komine ya Kinindo bashoboye kumwizera baramutumira koyoza kubateramisha.

Nawe ntiyaretse kuhishikira kuko yaramaze iminsi abitegurira neza mu gutunganya indirimbo nyinshi zihimbaza Imana zitandukanye yari yategekanije ko azobateramishamwo mu kubaririmbira aho yashoboye kuhashika kare cane kuri ELK yaje azanye abatamvyi biwe batamba indirimbo ziwe kuruwo munsi yashoboye kuririmbara ubutumwa bwiza nkuko yaraye abiciye biracika mu kubaryohera birenze cane gose abantu bahishikiye baranyuzwe  ukuntu yavyifashimwe kuri stage aririmba yongera atamba ari kumwe nabo batamvyi bamumfasha kuvyinira Uwuhoraho Imana babiciye mundirimbo.

13599830_2142707122674507_6140595747396017347_nUmuririmvyi GN mu kubica kwiwe biracika mu gushobora gushimisha abantu benshi cane gose bahishikiye aho hariho abanyeshure benshi cane gose barikumwe n’umuyobozi wabo asanzwe ayoboye ishure ELK bararyohewe cane kubona ashobora kubereka ubuhinga budasanzwe bwo gutamba indirimbo ziwe zirimwo ubutumwa bwiza bw’amajambo y’Imana ikindi baryohewe yabakoreye mu kubateramisha nuko yaberetse intambo nshasha batari bamenyereye kubona ku bandi baririmvyi basanzwe bakora indirimbo zihimbaza Imana kandi baraye banezerewe mu kumva ubutumwa bwiza y’abahezagiyemwo baramushimiye cane.

Tuyaga na GN y’abiciye biracika aryohera abanyeshure n’umuyobozi bo kuri“ELK”bahezagira n’ubutumwa bwiza mundirimbo yabaririmbiye aravuga uko yabibonye mu kubateramisha  bari baje mugiteramo agashobora kuririmba bakaryoherwa yongera atambira ari kumwe n’abantamvyi biwe yavuze y’uko baryohewe mu kumva ubutumwa bwiza yabaririmvye barahezagirwa muri makeya ngo ico giteramo cari kimeze neza hari ikintu gikomeye nca baryoheye kumubona ko igituma baryoherwa ni kubera yabaretse intambo nshasha yabatambiye uwo munsi  mundirimbo yiwe atarasohora irimwo ubutumwa bwiza.

13521904_1136892513018633_5051640045452055552_n
IKI NICOGITERAMO BARI BAMUTUMIYEMWO UMURIRIMVYI Gn KWISHIRE RYISUMBUYE RYITWA Lumire RIHEREREYE MURI KOMINE KININDO MUGISAGA CA BUJUMBURA

Gn amenyesha ati vyari bimeze neza umuyobozi n’abanyeshure bo kuri ELK bararyohewe cane kuko ntibari bazi ko umusore asa nkanje yo ririmba ubutumwa bwiza bw’amajambo y’Imana mundirimbo zanje ikindi cabaye igitangaza kuribo mu kunezerwa nuko hari intambo nshasha naberetse mugutamba bararyoherwa y’indirimbo nshasha yanje izosohoka muminsi iza yitwa“UKO WABAYE”,nkuko yabitwihaniye y’uko iyo ndirimbo yiwe nshasha vuba azoyisohora niyo yatumye baryoherwa cane,abo banyeshure n’umuyobozi wabo bakuramwo ubutumwa bwiza kurusha izindi zose kubera intambo nshasha  yabatambiye ari kumwe n’ababatamvyi biwe yari yazananye kuri ELK.

KURIKIRANA MU KURABA AMAFOTO YAMURANZE UMURIRIMVYI Gn MUGITERAMO YATUMIWEMWO KURI"ELK" ARYOHERA ABANTU BENSHI CANE MUKUMVA UBUTUMWA BWIZA.

13528379_2142707029341183_80227611645493680_o

13576726_1139545022753382_3709359278238649932_o

13559095_2142707092674510_1842937689460596489_o
YANTAMBO NSHASHA YABARYOHEYE NIYO MUBONA

13533113_2142706869341199_5643200614828965101_n 13495112_2142707046007848_757253048134214105_n 13516448_2142706989341187_7997886699060531331_n 13603521_2142706969341189_2393903923943248809_o 13580416_2142706949341191_2242690893627012187_o 13603822_2142706902674529_3099952418549943381_o 13576613_2142706842674535_6814161102995220902_o

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s