J.MARIE MUCO akora gospel yemerewe na MKOMBOZI bakore indirimbo yitwa”MANA DUTABARE”


Inyuma yaho hasohoreye indirimbo nshasha uy’umwaka,umuririmvyi J.MARIE MUCO ashimira Imana yamukijije indwara ikomeye yashatse kumwica ntivyakunze ko ngo umwansi Satani aumukure mubiganza vy’Uhoraho niho amaze gukira yacafata umwanya ashimira Imana mugukora iyo ndirimbo yitwa’WEWE NI MUNGU’imaze iminsi ikunzwe cane gose n’abanywanyi benshi b’indirimbo zihimbaza Imana “Gospel’ bakamushimira ukuntu yayikoze neza irimwo ubutumwa bwiza bw’Imana kandi aherutse kubaza aba fans biwe koyokora iyindi ikabahezagira nabo barabimwerera ko bayishika hama ntiyatinze kubaha inyishu ko azoyikora.

Umuririmvyi J.MARIE MUCO yaje afise imbagara nyinshi cane gose yahawe n’Imana aho agiye kuzokora indirimbo nshasha vuba cane gose akazoca ayisohora nkuko yaraye agiye kuriha amafaranga izokorwamo muri Studio kenshi akunda gukoreramwo kuko asanzwe aba mugihugu ca Zambie akamenyesha aba fans b’indirimbo ziwe zihimbaza Imana yampa akora zikabahezagira ko uburyo buzokora iyo ndirimbo yiwe nshasha bwamaze kuboneka nawe yatanguye kwitegura akabirya ngo yabazaniye n’uko ntazoyikora ari wenyene ahubwo azoyikorana n’igihangange mu muziki w’uburundi akundwa cane n’abarundi benshi ukuntu aririmba indirimbo zibaryohera kandi zirimwo imistari y’inkoramutima kenshi bararyoherwa bayumvise.

1483303_1698112240446855_7247999809945144419_nBenshi mutari mpumenyereye kumva akorana n’abaririmvyi basanzwe abakora indirimbo za Gospel rikaba rizoba ari icuro yiwe yambere uwo nawe suwundi ni Umuririmvyi MKOMBOZI akomeye cane mu mistari yiwe yo kuririmba ndetse afise aba fans benshi cane bakazoshobora kuryoherwa kuzomwumva ariko arakora indirimbo ihimbaza Imana mu kuririmba imistari ishimagiza uhoraho Imana nkuko batari bamumenyereye muri zondirimbo za Gospel kandi rizoba ribaye imbonekarimwe mu muziki w’uburundi akorana indirimbo n’abaririmvyi ba Gospel Burundi.

Umuririmvyi J.Marie Muco kurubu aratumiye cane gose abanywanyi b’indirimbo ziwe zihimbaza Imana,abamusavye ko yokora iyindi indirimbo nshasha inyuma yiyo aheruka gusohora ngo abaye arabaha ikaze kuzokumviriza iyo ndirimbo yiwe nshasha agiye gukorana  n’igihangange mu muziki w’uburundi ,Umuririmvyi Mkombozi na canecane abemereye ko izobahezagira cane gose akongera akavuga ko abahamagariye kuyumva muri benshi cane hanini mwumvemwo imistari ya Mkombozi azoririmba ahimbaza Imana kare abantu bari bamenyereye kuyumva mundirimbo zindi  ikabaryohera ariko zitari iza Gospel.

12573231_1676360645955348_7787125462450672623_nUy’umuririmvyi J.Marie Muco ngo amfise umunezero mwinshi  kubona yinjira Studio mugukora indirimbo yiwe nshasha ihimbaza Imana ayipfadikanije n’umuririmvyi Mkombozi yumva aryoheye cane gose ikintu kimuryoheye kurusha kuva yagakora indirimbo za Gospel rizoba ribaye iryambere akora indirimbo aryohewe cane gose kandi iyo ndirimbo bazokorana ya Gospel izoba ibaye iyambere akoranye umunezero mwinshi kubera ngo Mkombozi niwe umuririmvyi wambere w’umurundi amwemereye bokorane  igikorwa ciza c’Imana mukuririmba ashiramwo imistari ihimbaza Imana y’amajambo arimwo ubutumwa bwiza ihezagira abantu bose bazoba bariko bayitega amatwi mukuyumva bakanyurwa muguhezagirwa.

Yabandanije avuga y’uko amushimira cane gose kukigoro yamwemeretse mu kwemera bokorane indirimbo nshasha ya Gospel  rero niwe umuririmvyi bavuka mugihugu kimwe c’uburundi ashoboye kumwereka umutima mwiza cane gose kurusha abandi bose hama ngo abanywanyi mu muziki w’uburundi mwakunda ukuntu Mkombozi aririmba imistari ibaryohera ikabahindura imitima ngo nawe arabatumiye kuzoba muri benshi  cane kuyumva iyo mistari yiwe ayishize muri yo ndirimbo nshasha  ihimbaza Imana benshi,bita “GOSPEL”mugiye kuzoyumvamwo neza arongera akabamenyesha ko muzoryoherwa kumva ubutumwa bwiza bw’Imana bazoririmbamwo bukabahezagira kumutima no kubaremesha.

13445576_1153923047980597_9082900262980703921_nTwakoranye ikiganiro n’umuririmvyi J.MARIE MUCO asanzwe akora indirimbo zihimbaza Imana arizo Gospel yahavuye abamenyesha izina ry’indirimbo nshasha yiwe azokora arikumwe n’umuririmvyi Mkombozi yongeye arabatumira abarundi bose n’abarundikazi  mukunda indirimbo za Gospel,muzobe muri hafi mukumva ubutumwa bwiza bw’amajambo y’Imana azobahezagira cane gose hanini mu kumva imistari ya Gospel izoririmba Mkombozi mutari bwumve akora indirimbo  zirimwo ubutumwa bw’amajambo y’imana kare mwamwumva mundirimbo z’ubutumwa bw’ajambo abahindura imitima muri benshi.

J.Marie Muco yabateye akoma mukuvuga ati:"Shalom shalom buca nkora indirimbo mfise umunezero mwishi cane gose yitwa MANA DUTABARE By J.MARIE MUCO Ft MKOMBOZI N'IGIHANGANGE NIWE MURIRIMVYI WAMBERE WO MU BURUNDI ANYERETSE UMUTIMA MWIZA ABENSHI MWAKUNDA IMISTARI YIWE NDABATUMIYE KWUMVA IMISTARI YIWE YA GOSPEL AHUBWO NIGIHANGANGE ABARUNDI MWESE MWITEGE KWUNYUMVA MUNDIRIMBO YANJE MANA DUTABARE AHO  MUZOMWUMVAMWO AHAYE ABANEZERA ABABWIRA UBUTUMWA BWIZA .
Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s