Abaririmvyi ba Gospel mu Burundi nabo muri Kenya,Uganda ntibazogucike muri PAMOJA FESTIVAL


Abaririmvyi  bakora umuziki w’uburundi baririmba indirimbo mpimbaza Imana barabamenyesha ko bagutanguyemwo imyiteguro idasanzwe bitegurira igiteramo c’ibitangaza ciswe“PAMOJA FESTIVAL”muzoronkeramwo imigisha,impihezagiro muzoba murikumwe na REDEMPTION VOICE ,PRINCE MSHINDI,BIG ZOE,GN,HEAVENLY MELODIES n’abandi benshi bazoshobora kwipfatanya n’abandi baririmvyi bava mubindi bihugu ari vyo KENYA,UGANDA bazokwatsa umuriro w’ubutumwa bwiza bw’Imana mukubateramisha mundirimbo zabo bariko barabategurira bazoshobora kuririmba.

Abateguye PAMOJA FESTIVAL baratumira abarundi n’abarundikazi kuzoyitabira ari benshi cane gose kuko uwo munsi hazoba hariho impihezagiro myinshi n’imigisha biva ku Mana vyose bizoshobora kuboneka biciye mundirimbo zizoririmba abo baririmvyi benshi b’abarundi basanzwe baririmba indirimbo zihimbaza Imana kandi bazoba hariho n’abandi abaririmvyi mugihugu ca Kenya hamwe n’igihugu ca Uganda ngo murahagariwe kuzoza mwimfatanye nabo mu kubateramisha aho Pamoja Festival izobiriko ibera mugihugu c’uburundi ahitwa“PETIT BASSAM”.

13528933_2142421742703045_1638736811609355586_nKandi  Pamoja Festival izotangura isaha umunani hama irangire isaha nimwe y’ijoro babateramisha mundirimbo za Gospel eka ngo imiyabaga yose y’uburundi muratumiwe kuzohishikiriza muri nco kibanza muririmbirwa indirimbo mpihimbaza Imana muzoba mwateguriwe nabo baririmvyi ba Gospel bo mu Burundi,Kenya,Uganda,bashimye kwiyunga hamwe kugira berekane igikorwa ciza c’Imana babateguriye mu gukwiragiza ubutumwa bwiza nkuko batanguye kuzibategurira muramenyeshwa y’uko hasigaye iminsi mirongo ibiri numwe kugira PAMOJA FESTIVAL ibasharemwo ngaho mu burundi kuri Petit Bassam.

PAMOJA FESTIVAL izoba idasanzwe ngo abaririmvyi bahano mu Burundi bamenyesha y’uko bizoba biryoshe cane gose mu kubateramisha mundirimbo zibahumuriza imitima benshi y’abantu bazoba bishikiye kuri Petit Bassam ibizoba ari k’umunsi w’Imana igenekerezo rya 24/07/2016 aho abaririmvyi bose bava muri vyo bihugu bitatu twabamevuze ari vyo Burundi,Kenya,Uganda,bazoshikira kare batangure kubaririmba indirimbo nyinshi cane zitandukanye zirimwo ubutumwa bwiza bw’amajambo y’Uhoraho hama mumenyeshwa ko bazorihisha kubwinjiriro kuko hariho amatike muzogura“TICKETS”zitandukanye igiciro hazoba hariho iza 3000Fbu na 5000Fbu.

13501996_1779677705602543_1343848219887296783_nBongeye baratumira aba mama bo mu Burundi  kuzoza  guhezagirwa muri PAMOJA FESTIVAL ntimuze mutangwe bizoba biryoshe mu kuririmbirwa indirimbo zihimbaza Imana ziririmba abaririmvyi bagize ivyo bihugu bitatu mu kubateramisha muzoba murikumwe nabo Burundi,Kenya, Uganda nkuko mubona amazina yabo yanditswe kirangagiteramo muhawe ikaze ikibanza izobera kuri Petit Bassam kuva isaha umunani zuzuye ikazoheza isaha imwe y’ijoro.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s