TROUPE AMAGABA ndangakaranga k’uburundi wabiciye biracika k’umunsi mpuzamakungu wahariwe umuziki


Umurwi w’abaririmvyi TROUPE AMAGABA uririmba indirimbo ndangakaranga k’uburundi uryohera abarundi n’abarundikazi benshi cane aho bri mubihugu bitandukanye kubera indirimbo zabo bakora zimwo ubutumwa buryoshe bw’amajambo ndangakaranga k’igihugu wabitanguye kuvyerekana cane gose birenze mwuno mwaka aho indirimbo Vumera,ifise na Video yayo bakomeza kuyikunda cane gose kubuhinga burimwo bakoresheje ahaba mukuririmba canke mugutamba n’ibindi vyinshi birimwo muri yo Video vyashimishije benshi kandi niwo murwi ndangakaranga k’uburundi ukomeje gukora neza no kumvikana cane mu muziki w’uburundi aho iyindi bisankuko yamaze kuzimangana itacumvikana.

Uno murwi w’abaririmvyi TROUPE AMAGABA ndangakaranga k’uburundi ukaba washoboye guterwa iteka rikomeye cane gose mugutumirwa mugiteramo cari categuwe n’abafaransa bahano mu Burundi basanzwe bakorera mugisagara ca Bujumbura batunganya kenshi ibijanye n’ibiteramo ndetse harigihe abaririmvyi bahora baje gukorera mukibanza cabo ahitwa IFB ex-CCF muri Ville rero uwo murwi w’abaririmvyi baririmba indirimbo ndakaranga bari batumiwe na IFB ex-CCF kuza kuremesha igiteramo hamwe n’abandi baririmvyi baririmba iyindi midiho mvamakungu vyari biryoshe cane gose kumpande zose.

13438816_2142319092713310_3176904462075086840_nTROUPE AMAGABA ukaba washoboye kubica biracika muguteramisha abantu bari baje kubwinshi mu kwitabira ibiro hari kuwa gatandatu itariki 25/06/2016 haramutse hahimbazwa umunsi udasanzwe mpuzamakungu wahariwe umuziki mu Burundi kandi abaje bararyohewe cane gose n’ukuntu bumvirije indirimbo zitandukanye z’umurwi ndangakaranga baziririmba Live bikaba vyari bihimbaye cane gose barawushimiye birenze kuko baryohewe kurusha uko bateramishije n’abandi abaririmvyi bari batumiwe kuwo munsi  mpuzamakungu wahariwe umuziki batashe batidoga kuko barahimbawe n’indirimbo za Troupe Amagaba.

Mukiganiro twakoranye n’abaririmvyi bagize umurwi Truoe Amagaba ndangakaranga k’igihugu c’uburundi baratwigaiye ivyasabwa vyose kugira bashobore guteramisha abantu bari bshikiye kurorera ibirori vy’umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umuziki mu Burundi aho baririmvye indirimbo zose bazivuza Live atavyama Cd bakoresheje ninaco catumye baryohera abariho bashimishijwe n’ingene bateramishijwe cane gose mu gihe twaganira nabo bamenyesha ngo kuri IFB ex-CCF aho twateramishije abantu benshi bakaryoherwa cane twabaririmbiye Live nkuko hariko hahimbarizwa umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umuziki.

13532826_2142319132713306_8982236036043572217_nHama uwo munsi haparticipa abari batowe muguserukira imirwi yose nkuko umurwi wacu Troupe Ndangakaranga twari twawuserukiye ikindi hari imidiho yose ariko amategeko yarahari kwari kuririmba Live mumidiho myinshi nka raeggae,hip hop, zouk, goospel, jazz, blooz, hamwe na traditionnel Burundais kira mudiho wose kuriyo waririmbwa n’umurwi umwe bivanye nuwo basanzwe baririmbamwo twebwe twaririmvye Live ya traditionnel Burundais hama batanga iminota mirango itari k’umurwi wose waja imbere ukaririmba Live iheza bakabisa uwundi.

13438816_2142316572713562_6282736595873230109_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s