MKOMBOZI umurapere wambere afise ama”AWARDS”ya Rap akundisha HIP POP abategetsi bo mu Burundi


Igihangange mu muziki w’uburundi,umuririmvyi MKOMBOZI asanzwe ari umuraperi rurangiranwa akomeje akundwa n’abantu benshi kubera ivyiyumviro vy’amajambo ahoba aririmba mundirimbo rwiwe nkuko zibamfasha abandi zikabahindura imitima aho benshi nawe arashimishwa cane gose n’ukuntu bazakirana umutima mwiza zikabarwa neza aho twashoboye kuyaga nawe kubijanye n’umuziki akora nico amaze kuwukuramwo nico awuvukako nk’umuraperi wa HIP POP aho yavuze ko ashimira cane gose aba fans biwe ukuntu bamwitaho mu kumwereka urukundo bamukunda mu kumushigikira akavuga ikindi yatwiganiye ibijanye n’ubushimwe bwama AWARDS amaze gutwara kuva akora umuziki w’uburundi.

MKOMBOZI  twaganiye ibijanye n’umuziki wa Hip Pop mu Burundi akora aravuga ama Awards amaze gutwara kubera rap aremeza neza kwariwe umuririmvyi wambere wumurundi wa Rap afise imistari myinshi cane gose kurusha abaririmvyi bose b’abarundi atantumwe avuyemwo kandi ntariko arishima canke yishire hejuru ariko hariho abaririmvyi yemera cane bakoze ibikomeye cane muri Hip Pop yabunguye ko icirwa amazina yabo yatanze yavuze nka BIG FIZZO,T-MAX,ETOIRE DU CENTRE,ONE CITY ONE FAMILLY,gushik ntiyibagiye na nyakwigendera SOSO-K.

12342465_1041212275918342_1626461652289284314_nAbo nibo batumye bamwereka inzira yaho atangurira Hip Pop kandi yabandanyirije aho bari bamaze kuyishika ariko atahukira kuyishikana mubiro vy’umukuru w’igihugu arayikundisha abategetsi kandi biramutangaza cane kubona abaririmvyi biyita best rap ataho bayishikanye na Rap canke bishikane kuntambwe kandi nabahitinze kuri Rap bayihagiza ngo naba best rap mu Burundi biragoye kugira uhitinge kuri rap ariko ugasanga umuririmvyi atararonka nta Awards ya nyumbakumi wiwe akaca avuga ati numu best rap ahambaye ataco arakora muri rap atsindire Awards.

Mwomenyako umuraperi MKOMBOZI kwari we umurapere wambere w’umurundi afise AWARDS nyinshi yongera azana HIP POP mu Burundi mu kuyikundisha abatama hamwe n’abategetsi bakomakomeye bo mu Burundi kuko kera wasanga batayikunda bakongera bakayifata nabi yongera bakavugako ari yaba jeunne bonye bakwiye kuyumva gusa ayikundisha abapasiteri“PASTEUR”n’abategetsi batandukanye bo mu Burundi ico gihe wasanga mugihugu c’uburundi bayifata nabi.

Ariko kuvaho atanguye gukora umuziki w’uburundi asohora indirimbo nyinshi zitandukanye za Hip Pop niho yayibakundishije kuko mu myaka 2013 ntibayemera canke bayisonere ariko kubera izo ndirimbo za Hip Pop baza bazumviriza uko imyaka yagenda yitera imbere gushika barayikunda hip pop.

Uraperi Mkombozi ngo niwe umuririmvyi wambere w’umurundi akora HIP POP yashoboye kuyikundisha abategetsi benshi cane gose bakomakoye b’ihuguu c’uburundi mwamwibarutse twagerageje kumubaza bamwe murabo bategetsi bo mu Burundi bakonzwe kumutima n’indirimbo ZAWADI YA MWAKA yarape muri Hip Pop yavuze ni umutegetsi WILLY NYAMITWE n’abandi benshi yatumye abakundisha Hip Pop kubera imistari y’amajambo y’indirimbo ziwe kandi hari umwaka 2013 ico gihe Mkombozi niwe yari umuririmyari wambere w’umurundi yaratumiwe mukiganiro KABIZI gica kw’iradiyo RAP gikomeye cane c’abategetsi b’igihugu c’uburundi.

Niryo n’iteka yateye abaririmvyi b’abarundi bose bakora Hip Pop kubera uwo mwaka Hip Pop ntakibanza ciza yahambwa mu Burundi ntibayikunda abatama bageze muzabukuru ariko kubera indirimbo ziwe zatumye ayibakundisha gushika nuno mwaka wa 2016 uravye mu Burundi ubu abantu bose bakunda umuziki wa rap.

13445576_1153923047980597_9082900262980703921_nUmuririmvyi Mkombozi ngo muri ico kiganiro Kabizi bari bamutumiyemwo bakavuza indirimbo ZAWADI YA MWAKA kimaze guhera  niho umutegetsi Willy Nyamitwe asanzwe akora mubiro vy’umukuru w’igihugu c’uburundi yaciye asaba umumenyeshamakuru SERGE w’iradiyo R.P.A muzi y’uko aremesha ikiganiro Kabizi amuronse inomero za teletephone ya Mkombozi baganire amugirire CD y’indirimbo ziwe aririmvye za Rap ngo buriya umuziki wa Hip Pop uragoye kumvisha abantu yatanze akarorero mu bihe kera vyaba Canco Hamissi nta Rap yarihari ariko arashimira Imina yamuhaye aba fans bafise uruhara runini mundirimbo ziwe akora muri Hip Pop batumye atsindira AWARDS nyinshi ntubwo  zitigeze zikorerwa amapromo kumaradiyo ya RETA y’uburundi ariyo RTNB,REMA,INDERAKURA.

Kandi indirimbo ziwe za rap  icogihe yatsindira ama AWARDS menshi kurusha abaririmvyi bose b’abarurundi ba rap bakora umuziki w’uburundi ariko ngo icatumye ayaronka ni kubera aba fans biwe arabashimira cane ukuntu bagenda bazitora mukiziha amajwi naho ayo amaradiyo 3 ya Leta atigeze amukorera promotion ntivyabijije ko atsinda agatwara Awards vyose abikesha abo ba fans biwe ikindi  amenyesha nk’intwara ya Hip Pop mu Burundi mu gukundisha abarundi benshi umuziki wa Rap vyatumye ngo k’umunsi mukuru wo kwikukira mugihugu  ca R.D.CONGO bamutumira kandi niwe yari umuririmvyi w’umurundi yakora Hip Pop bashoboye kumwiyumvira abategetsi bico gihugu mu kumuhamagaza mubirori abaririmbire indirimbo ziwe zitandukanye zifise imistari y’inkoramutima y’umuziki wa rap w’uburundi.

Igihangange c’umuziki w’uburundi uno muririmvyi Mkombozi twamubajije ashobore kutumbwira zimwe muma Awards amaze gutsindira kubera gukora umuziki wa Rap w’uburundi akunda cane gukora muziko rap iva muri Hip Pop yatumye ayikundisha abatama,abapasiteri b’amashengero benshi hamwe n’abategetsi batandukanye b’abarundi barongoye igihugu c’uburundi bwamwibarutse batanguye kuyikunda mu mwaka wa 2013 bayifata nabi bakavugako badashobora kuyikunda kuyumviriza mundirimbo bivugira ngo yumvirizwa naba n’imiyabaga gusa y’abarundi.

INDUNDI BEAT AWARD =BEST UPCOMING:2009.
 
2010=NAHAWE ITEKA NA MERE CHRISTINE NTAHE (MAMAN DIMANCHE)UMURIRIMVYI AHUMURIZA ABANA BO MW IBARABARA.
 
2011:TEN IN ONE nabaye uwagatatu inyuma ya Rally Joe na Yoya mukuririmba LIVE.
 
2012: SMART MOBILE NETWORK AWARD.
 
2013=JAPAN INTERNATIONAL YOUTH FELLOWSHIP
 
2013-2014= Isanganiro Award.
2013=UMURIRIMVYI WA MBERE,YAHAMAGAJWE MUKIGANIRO KABIZI KURI R.P.A,ICO KIGANIRO NICA ABANTU BAKOMAKOMEYE MUGIHUGU.Niryo n’iteka
Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s