LOLIANE umugore wa LOLILO aheruka kuvyara umwana w’umuhungu nuko azohimbaza amavuko yiwe itariki 02/07/2016


Mu gihe Umuririmvyikazi LOLIANE asanzwe ari umugore wa LOLILO igihangange c’umuziki w’uburundi aherutse kuvyara umwana w’umuhungu k’umunsi wa gatatu wiyi indwi turimwo hari itariki 28/06/2016,igihe c’isaha indwi n’iminota indwi niho yashoboye kuvyara uwo mwana“NEW BORN BABY Ingabire Salum Nassor “aheza amutorera izina ari kumwe nuwo mugabo wiwe bamwita amazina yabo uko bamwita INGABIRE kurubu amaze iminsi itatu avutse ashitse kuriy’isi yazanywemwo n’umuremyi Imana yo mw’ijuru.

Kuko Imana niyo yashoboye kumubaha uwo mwana w’umuhungu INGABIRE SALUM NASSOR abo bavyeyi biwe bompi bakora umwuga w’umuziki w’uburundi aho bamwakiranye igishika cinshi akivuka nubu kuko bari bamunyotewe kuva amezi icenda yose ari munda ya LOLIANE wari umunezero udasanzwe akivutse nturahera kumuryango waronse ico kibando ndetse abaririmvyi hamwe n’abaririmvyikazi bamwe bamwe bakora umwuga umwe baramaze gutangura kugenda kwibarutsa uwo muryango hadasigaye inyuma aba fans babo baryohewe cane kumva Loliane na Lolilo bashoboye kuronswa ico kibando ciza.

13315754_309879476028158_7348749418015352090_nUmuvyeyi Loliane aheruka kwibaruka aramenyesha ko aho bukera k’umunsi wa gatandatu itariki 02/07/2016 azohimbaza imyaka y’amavuko yiwe mu kwibuka umunsi Imana yamurema kw’isi ,kandi ikimunezera nuko yashoboye kuvyara neza umwana wiwe w’umuhungu asangiye na Lolilo umugabo wiwe araryohewe cane kubona Imana yarashoboye kumuha umwana akavuka neza atakibazo kihabaye acamwita INGABIRE SALUM NASSOR n’umunezero udasanzwe kuri we  hamwe no mumuryango yavyemwo uwo mwana n’iteka ridasanzwe kuronka imfura y’umuhungu ashobora kuzobebera akamaro kadasanzwe mu buzima bwabo bwose.

Ikindi uwo munsi wo guhimbaza imyaka y’amavuko yiwe hazoba umunezero mwinshi  mumuryango w’umuririmvyi Lolilo muziko atavyorosha mu gukora umuziki w’uburundi abaryohera mundirimbo nama Video bibaryohera kumviriza no kuraba kandi imuhira iwiwe hazoba haramutse hahimbazwa isabukuru y’amavuko y’umugore wiwe Loliane asanzwe ari umuririmvyikazi muribuka ko babaryoheye mundirimbo NI EWE bakoreye na Video kandi bitaye ko mu kwigina umunero wokuronka umwana w’umuhungu turangije tubamenyesha y’uko iyo sabukuru  izobera mugisagara ca Bujumbura muri komine Nyakabiga aho basanzwe baba.

13537635_2141920909419795_1035878930165666591_nTwashoboye kuganira na Loliane aravuko ko ubu yamaze kuva mubitaro yavyariyemwo INGABIRE SALUM NASSOR mbega munywanyi mu muziki w’uburundi gira ico uvuze mwipfurije Loliane isabukuru nziza y’amavuko yiwe azoba aramutse yibuka umunsi yavukiye kandi ntiwibagire kumubwira akajambo kawe nkuko ubu ari umuvyeyi  aheruka kuvyara umwana w’umuhungu amusangiye na Lolilo kandi ngo Loliane anezewe kuba yaramuvyaye mu gihe yaramumaranye amezi icenda munda agashimira Imana yashoboye kumushikana amahoro akavuka neza vyose abikeza iyo Mana.

13592574_2141920942753125_3166737824461128781_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s