Abibaza SONIA ntiyoba”MISS BURUNDI 2016″ngo afise isura mbi ngo rabe MISS BURUNDI 2012 uko yasa


Abarundi n’abarundikazi benshi bamwe bamwe bakomeje gutera ivyatsi umukobwa SONIA sanzwe ariko ahiganirwa kuba MISS BURUNDI 2016 bakamuhora ngo asa nabi mumaso ntanumwe yoshobora kumutora kubera atabwiza afise mumaso nkuko bavuga ko batoshobora kumutora ivyo biriko bikwiragira kumuga ngurukana bumenyi aho usanga abantu bariko bavugako uwo mukobwa ntiyoshobora gutsindira ihiganwa akitwa MISS BURUNDI aserukiye uburundi bwose mu mwaka 2016 mu bakobwa beza baciye ubwenge kandi biyubaha.

Nkuko SONIA  bariko ngo bamwiyamiriza mu kuvuga ko batoshobora kumutora kubera asa nabi mumaso atabwiza ngo yoba afise arushe abandi bokobwa bose bariko bahiganwa nawe mukuzoba Miss Burundi 2016 ariko ugsanga abandi bariko bavuga ko kuba Miss Burundi bidasaba ubwiza ahubwo bisa ubwenge mu kugira ubumenyi burenze gusumba abandi nico kintu kiranga kuba umu Miss Burundi rero ngo abantu bariko baramwiyamiriza bavuga ko batoshobora kumutora mu gufyonda LIKE kw’ifoto yiwe yashizwe kurubuga rwa Facebook Miss Burundi 2016/2017 uravye siko birako biragenda ahubwo afise amajwi meza cane gose.

10881657_1454116841477382_8345883903275505234_n
SONIA

Twakoze ubushakashatsi mu kumviriza ivyiyumviro vy’abarundi n’abarundikazi haba abari  mu Burundi canke hanze y’igihugu c’uburundi bagiye baragira ico bavuze k’umukobwa SONIA akomeje guhiganira ikibanza cambere mu kuzoba MISS BURUNDI 2016 ntaho hariho abantu baguma bamwiyamiriza kwadasa neza mumaso ngo ntiyaranakwiye guhiganwa n’uko twumvise ivyiyumviro vya bamwe bamwe mura bo barundi n’abarundikazi hariho abashoboye kumutora cane gose bamuha amajwi mu gufyonda Like kw’ifoto yiwe iri kuri FACEBOOK Miss Burundi 2016/2017 bagize ico bambwira bagenzi babo bariko bavuga ko badashobora kumutora kuko adafise mumaso hasa neza rero abariko babivuga ngu mwomutora kuko ubwiza si mumaso ni kumutima no kugira ubwenge ukora ikintu wiyumvire.

Ivyiyumviro vyabo barundi n’abarundikazi bashoboye kuvuga ngo umwana yankwa niwo akura bakavuga ko uwo mwana ari Sonia kubona hariho imitima y’abarundi bariko bamwiyamiriza mu kuvuga ko badashobora kumutora mu kumuhora ngo kubera afise anabi “ISURA MBI” barambwira bateshwe bate kuko bariko barihenda cane gose bazotangara kubera ubwiza ntabwo ari kumubiri ahubwo ubwiza buranga umukobwa mwiza n’uko abafise uciye ubwenge akaba afise umutima mwiza yiha icubahuro bagiriye batanga k’umukobwwa akarore yashoboye kuba MISS BURUNDI 2012 yitwa MELODIE MBONAYO.

12507528_932151413488406_286424211233947029_n
UYU NI Melodie Mbonayo YATSINDIYE KUBA Miss Burundi 2012 HACIYE IMYAKA 4

Miss Burundi 2012,MELODIE MBONAYO ngo yari umukobwa yahiganwa n’abandi bakobwa bafise ubwiza mumaso kumurusha ariko nticabujije ko yegukana itsinzi y’ikibanza cambere muguserukira uburundi bwose nk’umukobwa mwiza aciye ubwenge yiyubaha afise imico myiza none ngo na Sonia arashobora kuzotangaza Abarundi n’abarundikazi benshi bakomeje kuwiyamiriza mu kuvuga ko batomutora kuba Miss Burundi 2016 bamuhora mumaso hiwe ahubwo barabe canecane ubumenyi ntibakwangwe n’ubwiza bw’umuntu afise mumaso barabe umutima uwo bariko baratora ukuntu umeze canke ukuntu bamuzi mpumibereho yiwe.

13501713_1238375612862373_6021864409157188750_n
UWO NI Sonia ARIKO AHIGANIRWA KUZOBA Miss Burundi NGAHO ABEREKA MU MUTORE

Nko kubana neza n’abantu kwerekana urukundo akubaha akaniyubaha nivyo bintu biranga umukobwa mwiza mu buzima ninayo mpamvu haje igihangwa rya Miss Burundi kugira barabe umukobwa mwiza aciye ubwenge aserukire igihugu ciwe nca mwibarutse akagitera iteka mu kuba umwamikazi adasanzwe mu kwitaho abakibayemwo kuko harya ngo Miss Burundi amfasha vyinshi mugihugu ciwe ntazogimfasha kubera ngo afise mumaso heza mu gihe atazi ingene yo gimfasha muguca ubwenge rere umwana yankwa niwe akura ivyo bimbwirwa abantu bariko bavuga ko Sonia adasana neza mumaso ntibomutora ariko ashobora kuzotangaza  benshi babonye atsinze kuba Miss Burundi 2016.

Gushika uno mwanya uravye aho bariko baratora abo ba Miss Burundi bahiganirwa kuzoba Miss Burundi 2016 n’uko SONA niwe aza mukibanza ca mbere mugutorwa cane gose kurusha bandi bose aho amaze kuronka abantu benshi bamutora aho kurubu ageze kubice mirongo ine na rimwe kw’ijina ( VOTES 106)abandi ntibarashobora no gushika kubice icumi canke itatu kw’ijana baracari mubice mirongo ibiri kuduga nkuko mubobina namwe aho gutora biracabandanya.

13501883_2141426762802543_8579207454128383383_n
RABA AHO Sonia KUNO MWANYA AGEZE KURI 106 VOTE ( 41.41% AZA NUKIBANZA CA MBERE 
Advertisements

One thought on “Abibaza SONIA ntiyoba”MISS BURUNDI 2016″ngo afise isura mbi ngo rabe MISS BURUNDI 2012 uko yasa

  1. Ubwiza sibwo budetermina ko ategerezwa kuba Miss Burundi ou pas!
    Haraho mwosanga barya bavuga Ngo ni beza ataco bamurushije
    De ma part, Sonia nimwiza kandi aramerita kuba Miss Burundi 2016

    Liked by 1 person

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s