Gutora MISS BURUNDI 2016 muri Demi-Final biheze abakobwa beza 6 barenganye uwambere ni Marie-Line


Abarundi n’abarundikazi bakomeje gutora abakobwa beza baciye ubwenge bakunda cane bariko barahiganwa mw’ihiganwa rya MISS BURUNDI 2016 uy’umwaka wa 2016 mugihugu c’uburundi bose hamwe ni abakobwa 18 bariko baritoza mu kibanza cambere kandi bariko baraba ko boja mugice canyuma ciryo higanwa kizoba kw’igenekerezo rya 23/07/2016 ahitwa GARDEN KIRIRI mugisagara ca Bujumbura hazoba haramutse haba FINAL kandi hazorara hamenyekanye umukobwa afise ubwiza aciye ubwenge yiyubaha  mu kwegukana ikibanza ca mbere mu kwitwa MISS BURUNDI 2016.

Umuntu aravye hiryo no hino kumbuga ngurukana bumenyi abarundi n’abarundikazi  bose bashushe cane gose gutora umukobwa mwiza aciye ubwenge babonako bakunze cane kurusha abandi bose bariko barahiganwa rero ivyo gutora MISS BURUNDI 2016 bimaze iminsi ine bariko baratorwa kuri FACEBOOK yitwa Miss Burundi 2016/2017 aho umuntu wese afyonda LIKE/J’AIME.

kw’ifoto y’umukobwa mwiza aciye ubwenge yiyubaha agaheza akamutora kumuha ijwi rimwe“1 VOTE” nkuko vyamenyeshejwe abatunganije ihiganwa ryaba MISS BURUNDI 2016/2017 hama kubatora abo bakobwa b’abarundikazi bahiganirwa kuba Miss Burundi 2016 bikaba biza kurangirana nuno munsi nyene wa kane kubera aho bukera hazomenyekana  abarenganye igice ca kabiri “FINAL“gishira icanyuma mu kuja mugice kigira ca mbere gishira icanyuma ari co bita Final kizoba igenekerezo 23/07/2016.

13522788_1238250752874859_8837125593747792844_oTwashoboye gutemberera urubuga rwa Miss Burundi 2016/2017 nkuko hariko habera amatora yo gutora umukobwa yiyemera kw’afise ubwiza gusumba abandi kandi aciye ubwenge hariko amafoto yabo niho abarundi n’abarundikazi bari mu Burundi ntabatari mu Burundi bariko bafyonda Like kw’ifoto y’umukobwa bashimye gutora ubu kururwo rubuga uravye ukuntu batowe hamaze kumenyekana abakobwa 6 bafise amajwi menshi kurusha abandi aho usanga bafise ama LIKE arenga igihumbi.

Abandi bafise ayarenga ibihumbi biri nkuko bariko baratorwa aho abantu benshi bariko bibaza ko aribo bashbora gutahukana itsinzi ya Miss Burundi 2016 bazohava batangara kuko abo bizeye umengo sibo bariko bamfata ikibanza ca mbere  reka tubereke uko bariko bagenda bakwirikirana mugutorwa abo bakobwa beza baciye ubwenge bahiganirwa kuzoba Miss Burundi 2016 na canecane bashaka amahirwe abashikana mugice ca nyuma “FINAL.

Ab’abakobwa 6 beza baciye ubwenge bariko gutorwa cane kurubuga rwa MISS BURUNDI 2016/2017 uno umunsi wanyuma kuko aho bukera  k’umunsi wagatanu igenekerezo rya 01/07/2016 hazomenyekana abinjiye muri FINAL uko bagiye basumbana mu gutorwa abantu bafyonze LIKE kw’ifoto zabo hariho :

Uwamfashe ikibanza cambere ni MARIE-LINE afise VOTES LIKES 2.4k

13502067_1238267232873211_6247745237657873317_nUwamfashe ikibanza ca kabiri ni CLAUDIA afise VOTES LIKES 2k

13512097_1238261572873777_4142212308879697465_nUwamfashe ikibanza ca gatatu ni SONIA afise VOTES LIKES 1.9k

13501713_1238375612862373_6021864409157188750_nUwamfashe ikibanza ca kane ni BELLA afise VOTES LIKES 1.6k

13510757_1238369339529667_4948173903888968519_nUwamfashe ikibanza ca gatanu ni LALY-LAURRAINE afise VOTES LIKES 1.5

13533079_1238357999530801_6837309660345483118_nUwamfashe ikibanza ca gatandatu ni CHIELLA afise VOTES LIKES 1.2k

13511010_1238255482874386_7894024944106776780_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s