CYCY azokwemeza abantu benshi mumudiho wa Zouk batazira”KIZOMBA”vuba bazowumva


Nta mwaka urahera havutse umuririmvyikazi mushasha mu muziki w’uburundi yitwa CYCY asohoye indirimbo yiwe yambere ayita MFISE IRUNGU yabiciye biracika mu bantu benshi bamwumvise mucuro yiwe yambere batanguye kumumenya nk’umuririmvyikazi atanguye umwuga w’ukuririmba benshi bararyohewe cane gose kumva uko yakoze iyo ndirimbo baguma bamubarira akomeza umuziki atoca acika intege ntahe umwiga wo kuririmba kuko bumvise kwashoboye no kuzobandanya abereka n’ibindi bikorwa vyiwe bibanezera arivyo gusohora indirimbo hamwe nama Video yarumvise akomo bamuteye nubu arabandanya akora umwuga w’umuziki mu Burundi mukwitegura gukora izindi ndirimbo z’uno mwaka.

Umuririmvyikazi CYCY rero kuvaho asohoreye indirimbo Mfise Irungu ayikoranye n’umuririmvyi Patrickson ikakirwa neza n’abantu benshi yaharonkeye aba fans hari ukwezi kwa gatatu itariki 03 umwaka wa 2016 niho yatanguye kumvikana muziki w’uburundi agaterwa intege zokubandanya akora n’izindi indirimbo bakaryoherwa ariko kuva mwuko kwezi ntiyasubiriye gusohora indirimbo aho yaramaze amezi atatu atumvikana muga ngo yarari mumyiteguro idasanzwe mu kubandanya ategura indirimbo zikwirikira k indirimbo Mfise Irungu yariyo yatanguriye ko ubwambere mu kuyishira k’umugaragaro igakundwa.

13559047_1745132015771932_5985211680170947532_oUbu Cycy yagarutse mu muziki w’uburundi azananye inguvu nyinshi abereka y’uko ashoboye gukora umwuga wo kuririmba mugukora umuziki w’uburundi mu gihe yaramaze amezi atatu adasohora indirimbo ikumvikana kumbuga ngurukana bumenyi n’ahandi guhera uy’umwana yaje yazikenye mu kubazanira  indirimbo nshasha vuba izobaryohera gose yayikoze neza mumudiho uryoheye ugutwi kubazowumva aririmbamwo amajambo aryoshe kandi bidatevye azoyisohora muminsi ya vuba cane kuko yamaze kw’injira muri Studio yitwa AGAPE kuyikorerayo isantiyarangiye hasigaye ayibashikirize mwese mukomeza kumushikira.

13569821_518059578386815_586902001_oUmuririmvyikazi CYCY mu kugaruka kwiwe  yaje kubaryohera no kwerekana ubuhinga asigaye afise bwo kuririmba  imbere y’abantu benshi bakunze indirimbo yiwe yise Mfise Irungu ngo uno mwaka wa 2016 azanye kandi indirimbo yiwe nshasha iryoshe ije kw’izina rya” BIVEMWO “azayararangiye kuyikora ngo hasigaye ah’umuhinyanyuzi aheze kuyikorera bimwe bita“MIXAGE”arayibemereye vuba kuyishora uwo muririmvyikazi ntimuzotangwe kuzoba muri abantu benshi kuyumviriza kandi azobemeza abanywanyi mu muziki w’uburundi muri benshi muzofate akanya ko kuyumva iminsi igiye kuza isohotse.

Mu kubereka ko amezi mwamaze mutumva igikorwa gishisha akoze mndirimbo agikoze mu gashima uburyo aririmba abaryohera arabemnyesha y’uko yayikoze mumudiho wa Zouk uzobaryohera kumvamwo benshi mutari bwamenyere kuwumva uzoba witwa KIZOMBA niko abawutazira kandi si abaririmvyikazi bose bamaze kuwukora nkuko rizoba ribaye iryambere ushoboye gukorwa n’uwo muririmvyikazi azobmeza abantu benshi muri yo ndirimbo yiwe nshasha yise Bivemwo ayikoze umwaka wa 2016 azoririmbamwo amajambo ivy’urukundo.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s