Ngo MIRROR TEAM bafise inguvu zindi mu muziki bakuzaniye indirimbo nshasha


Umurwi w’abaririmvyi MIRROR TEAM bamenyesheje ko bazananye inguvu zindi bazokoresha mu muziki w’uburundi bagume bashimisha abantu benshi ntaho ariho bakivutse mur’uwo muziki batarawumaramwo imyaka myinshi canke umwaka bagomba bazokore ibibashimisha mundirimbo zabo nkuko babikoze mu gikorwa cambere bakozemwo indirimbo nshasha bise”UKIMPE”uy’umwaka wa 2016 yabiciye biracika bakiyisohora ibandanya ikundwa kumvirizwa ntubwo higeze kubaho ikibazo hagati yabagize uwo murwi havamwo umuririmvyi umwe yitwa Landry  Gateka ubu basigaye ari abaririmvyi 4 kare bari 5. 

MIRROR TEAM isezerano basezeranye abanywanyi mu muziki w’uburundi aho mukumenyesha ko bashaka kubandanya babaryohera mundirimbo nshasha ziranga umwaka wa 2016 bazokwama bakora nkuko kw’igenekerezo rya 11/06/2016 bamenyeshejwe ko nyuma y’indirimbo Ukimpe basohoye k’umugaragaro ikaryoheye abantu benshi bayumvirije mu kuvuga koikozwe neza kandi ibaryohera ubu kuno kwezi kwa gatandatu aho abaririmvyi bagize uwo murwi uko ari 4  basubiriye kugaruka babazaniye iyindi indirimbo nshasha yabo baherutse gukora ngo vuba bazoyisohora k’umugaragaro barabizeza ko izoshobora kubaryohera muyirindiranye igishika cinshi irimunzira iracategurwa neza.

13406838_2132112743733945_7495493858699019640_nAbaririmvyi bakiri imiyabaga bagize MIRROR TEAM n’uko gushika batanguye kumenyesha izina ry’indirimbo nshasha yabo bavuga ko bazoyisohora vuba kuko izoba iryoshe cane baguhamagarira munywanyi w’umuziki w’uburundi washoboye kuryoherwa ubwambere mu kumviriza indirimbo Ukimpe ubu naho tangura witegure vuba cane bazoyigushikiriza k’umugaragaro bayikoze uk’ukwezi baramaze no kuyirangiza kuyikora ibagusavye kuyirindirana igishika cinshi cane wumve inguvu zindi nshasha bazananye mu muziki w’uburundi bakora bakunda.

Barabizi y’uko uzonezerwa uyumvise kandi Mirror Team baje gukora umuziki w’uburundi badasanzwe mukwerekana za nguvu  bazanye bashimisha abantu bose bazokumviriza iyo ndirimbo nshasha bimirije kuzosohora babiciye kubuhinga ngurakana bumenyi vuba cane hama bamenyesha ko izoza isumba kukuryohera kurusha indirimbo Ukimpe k’ukuntu mwaryohewe kubera bashaka babereke neza inguvu zindi mu muziki w’uburundi biyemeje gukora batari kumwe n’umuririmvyi Landry Gateka y’abavamwo abasuzuye abereka ko atarimwo batoshobora kwishikana kurundi rwego.

13497556_2139051203040099_2930615868836166519_oIndirimbo nshasha y’umurwi w’abaririmvyi Mirror Team ngo ni vuba uzomva munywanyi muziki w’uburundi kuko bamaze kuyishika k’umugaragaro uzoryoherwa ariko barakumenyesha  izina ryayo izoba yitwa”TUZA” uzokumvamwo ubuhinga bakoresheje mu kuririmba izogushimisha cane murugero rudasanzwe barangiza mu kuvuga ko iyo ndirimbo nshasha yabo ntakiringo kirekire basigaje  bazoyisohore mukuyishira k’umugaragaro kuko barindiriye umuhinyanyuzi wo muri Studio Master Muzik aheze kuyikorera bimwe bita “MIXAGE”.

Kugira izosohoke imeze neza uyumvise ukazerwa cane haba umudiho canke amajambo bakoreshejemwo kandi ngo yahinyanyuwe na MasterLand nawe asanzwe ari umuririmvyi w’umurundi baramushimira kugikorwa yabafashije mukuyikora batibagiwe no gushimira inzu y’ubuhinyanyuzi bwama Video yitwa  GRAND PICTURES bavuze ko ariyo izobakorera Video yiyo ndirimbo nshasha bise Tuza ubu bagomba gutangura guzosohora Audio yayo muminsi irimbere bameza neza ko abantu bose muzoyumviriza izobaryohera  a aho musanzwe  muri hose muzoyumva vuba.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s