LOLILO ateguza abo mu Nyakabiga kuza mugiteramo yise”FINALY”kuri Saga Recha k’umunsi wi Laidi


Igihangange mu muziki w’uburundi benshi bazi cane nk’umuririmvyi Lolilo canke Lizzo  ubu ngo agiye kubashwaramwo abantu mwese musanzwe muba muntara ya GITEGA araje vuba kubica bicike imbere yanyu kuri Stage aho yabateguriye igiteramo citwa Finaly kidasanzwe yitiriye izina ry’indirimbo yiwe nshasha yakoze uno mwaka wa 2016 ntirasohoka kandi abazoza mwese muzoshobora kuyumviriza icuro yanyu yambere niyo aherutse gukora ku munsi wa gatatu kw’igenerezo rya 26/06/2016 iyo ndirimbo yitwa FINALY ntimuzocikwe kuza muri benshi cane gose.

Nkuko abimenyesha LOLILO LIZZO ngo igiteramo yabateguriye aba fans biwe bose bari muntara ya Gitega mu kuzokwifatanya nawe gusangirira hamwe umunsi mukuru wi LAIDI mu kuzobateramisha muryoherwe cane mwomenya ko imyiteguro ayigejeje kure abateguriye indirimbo nyinshi cane gose zizobanezera mu gihe azoba ariko abateramisha kandi ngo ico giteramo kizobera mukibanza ciswe SAGA RECHA i Gitega aho benshi bamenyereye kwita KWA WENA ibirori bizoba bidasanzwe ukwinjira yabahaye igiciro gitoya cane ni amafaranga 1000Fbu y’amarundi.

loliloAbo mu Nyakabiga  muratewe akamo kuzoza muri benshi cane gose mugiteramo mwateguriwe n’igihangange c’umuziki w’uburundi,Lolilo Lizzo mukunda cane gose ukuntu abaryohera mundirimbo ziwe aho azoba yaje abazaniye ibizobaryohera kuko ntazoza ari wenyene ahubwo azoba arikumwe n’abandi abaririmvyikazi nkuko mubabona kukirangagiteramo murahagariwe kuza kubwinshi muryoherwe hamwe abaririmbira mu kubateramisha muguhimbanza umunsi udasanzwe wi Laidi  wab’isilamu aho aba Muslim  bo kw’isi yose bari bazoba bavuye mumafungo bari bamazemwo ukwezi kose bita RAMADAN .

Mugiteramo Finaly yabateguriye azoza  kw’izina rya LIZZO.COM  azobateramisha gushika aho mudashaka ko ava imbere yanyu kuri Stage ngo azokwatsa umuriro kur’uwo munsi wi Laidi rero abantu bi Gitera arabatuguza kuza mugiteramo yise“FINALY”izobera kuri SAGA RECHA KWA WEMA kizotangura isaha icenda zuzuye uwutazohashika azoba ahovye vyinshi kuko azobereka ico amariye umuziki w’uburundi akora mushimishwa n’ibikorwa vyiwe kandi abantu bo mu Nyakabiga  mwamuheruka kera kumubona yaje kubateramisha hazoca uwambaye abazaniye indirimbo yiwe nshasha yitwa Finaly.

uuuMu kuyibaririmbira amaso muyandi“LIVE”n’izindi nyinshi yabateguriye nkuko y’abateguje kare Lizzo.com,bantu bo mu Nyakabiga muzohishikire muzoryoherwa kuko ngo muzotaha muryohewe cane ikitibagiwe b’abaririmvyikazi azoza bazananye kubateramisha  nabo barabemereye kuzobaryohera bidasanzwe k’umunsi mukuru wi Laidi ahitwa Saga Recha Kwa Wena bazokwatsa umuriro w’indirimbo yinshi mwateguriwe guteramishwamwo.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s