BIG FIZZO amuhaye AFISA RAJ.B izina ry’abakobwa amwise”DADA AFISA”


Inyuma y’iminsi ibiri yonyene Umuririmvyi AFISA RAJ.B amenyesheje ko ariwe umwigisha w’umuziki yigisha Umuririmvyi Big Fizzo mu kumwandikira indirimbo zishika kuri zitandatu zose hamwe akanamenyesha ko hariho indirimbo nshasha yakoze azomukubitisha inkoni ya Rapmaster kubera yamwihakanye ko atamuzi mu gihe bakoranye indirimbo kandi ariwe yampa yamwandikiye imistari y’indirimbo WHAT’S MY NAME amukuye mu gihe yaratanguye kuzimangana mu muziki w’uburundi.

Imubabaje kubona amwihana imbere y’isinzi ry’abanywanyi b’umuziki w’uburundi ngo akibagira kwariwe yamukuye habi mundirimbo What’s My Name hamwe n’izindi indirimbo zitano atashimye kuvuga amazina ziri muri Album Fizzology nawe yashimye kwinjira muri Studio gukorerayo indirimbo nshasha iidasanzwe mu kuyimuririmbira BIG FIZZO ariko yabanje kubimumenyesha abishije kuri Facebook amubwira ati mu gihe ukoshereje umwigisha igikwirikira akurahana canke akavukubita inkoni uri wamusazi.”Mwenda wazimu”

11062817_413065848853896_8413157690888267062_o
            AFISA RAJ.B

Amumbwira arindire vuba kumviriza kuko azomuhamwo indero idasanzwe amwereke ko umwigisha yampa ari umwigishika twobamenyesha y’uko iyo ndirimbo nshasha ya Afisa Raj.b yayikoreye mugihugu ca kenya iyo asanzwe ubu aba ahamaze amezi atarimakeya kandi abantu benshi bayirindiranye igishika cinshi kumviriza ukuntu ngo yamuhanye mukumukubita inkoni ikaze y’imistari.

Ubu biguma bikomera cane aho umuririmvyi Big Fizzo yamaze kumva ubutumwa yahawe n’umuririmvyi AFISA RAJ.B ko yorindira indirimbo yiwe nshasha yamuririmbiye mukumuhana nk’umwigisha wiwe w’umuziki akanamubarira ko yoyirindirana igishi cinshi akayumviriza ukuntu yamuhanyemwo ntubwo itarashobora gusohora mwomenye y’uko yashoboye kumwishura aramutorera izina rishasha ryatwengeje abantu benshi bashoboye kuribona yarimwise kubuhinga ngurukanabumenyi TWITTER na FACEBOOK bikoresha Big Fizzo .

Kandi ngo indirimbo nshasha   yiwe yavuze ko azomuririmbira ayirindiranye igishika cinshi mu kuzoyumva ukuntu yamuhanye inkoni ubu vyabonetse neza ko Big Fizzo ntiyashoboye kumwihanganira Afisa Raj.B yamwishuye ko iyo ndirimbo yiwe nshasha yavuze ko azomuririmbira nawe aramwishura amumbwira ngo ayirindiranye igishika cinshi kandi y’ahavuye amutorera izina ry’abakobwa amumaramaza imbere yaba fans biwe nkuko bashoboye kuribona ari mwise bamwe batwenga cane bumvise y’uko Afisa Raj.B yahindutse umukobwa aho Umuririmvyi Big Fizo yabamenyesha avuga ngo turarindirane igishika cinshi  indirimbo nshasha y’amushikiwacu AFISA arondera kumenyekana”

img_0059-4
                                BIG FIZZO

BIG FIZZO rero yishuye AFISA RAJ.B amuha izina ry’abakobwa amwise mushiki wiwe kandi bizwi ko ari umuhungu atari umukobwa niho aba fans ba Big Fizzo bashoboye kumva akamo yabateye ko kurindirana igishika cinshi indirimbo nshasha ya Afisa Raj.B kandi yamubariye ko ashaka kurondera kumenyakana aciye iwiwe,ni kuvuga yoba agomba kumenyekana aciye kw’izina  FIZZO,abantu bakamumenya kw’umuririmvyi akora umuziki w’uburundi nkuko vyabonetse abimenyesha aba fans biwe amwita rya zina ry’abakobwa b’abafise abahungu bavukana aho usanga umuhungu bahagaye umukobwa ngo ni mushikiwe wiwe.

Umuririmvyi Big Fizzo yarimuhaye mu kumuhagara Afisa Raj.B m’ururimi rw’igiswahili aryohewe antwenga avuga ati”Dada Afisa, Acha kutafuta kiki😄. Fanya kazi”tugerageje kubibasobanurira mu kirundi y’amubariye ati”Mushika wanje AFISA reka kurondera kumenyakana kora akazi “yashatse kumumbwira ngo areke kurondera kumenyakana muvy’umuziki aciye kw’izina Big Fizzo ahubwo akore akazi k’umuziki aheze amenyekana,eka ntigarukirije aho yasubiriye amumbwira aba fans biwe ngo:“Tunasubiri kwa hamu ngoma mpya ya dada yetu Afisa…anatafuta kiki😄”mukurindi tubisobanuye yavuze ati”Turindiranye igishika cinshi indirimbo nshasha ya mushiki wacu Afisa…arondera kumenyekana.”

13466323_10153722240898786_1705697253696563877_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s