VITAL’O F.C vs LE MESSAGER F.C NGOZI bazotana mumitwe muri Coupe du President Final 2016


Ubu mugihugu c’uburundi mu bijanye n’inkino z’umupira w’amagura kuko amakuru abantu bariko baravuga cane ayerekeye urukino rukomeye cane rutoroshe ruzohuza imirwi ibiri umwe wo mugisagara ca Bujumbura uwundi wo muntara hagati ni VITAL’O F.C  na LE MESSAGER F.C NGOZI bazokina ku munsi wa gatandatu urukino rwanyuma rw’ igikombe gikomeye citirirwa umukuru w’igihugu w’uburundi umwaka wa 2016 bavuga mururimi rw’igifaransa ngokino”Coupe du President Final 2016″urwo rukino  ruzobera muntara ya RUTANA iginekerezo rya 25/06/2016 hasigaye iminsi ibiri batane mumitwe bose bariteguye.

Iyo mirwi imaze iminsi yitegurira urwo rukino rwanyuma rwa Coupe du President Final 2016 ngo hakazoca uwambaye hagati y’abakinyi bayikinamwo ubaravye impande zose bariteguye bidasanzwe,aba VITAL’O F.C canke aba LE MESSAGER F.C NGOZI nkuko babimenyesha y”uko bamaze gushika muri yo ntara batanguye imyimenyereza kandi aba fans biyo mirwi yompi bavuga ngo bazorwitabira kubwinshi kuko babarindiranye igishika kuzobashikigira urukino ruzobera ikibuga c’inkino”STADE SOSUMO”yaho munta ya Rutana yubatswe neza cane iracari nshasha.

12647179_555828297924469_5586396887478988656_n
VITAL’O F.C

Urukino rwanyuma rw’igikombe c’umukuru w’ihugu mu Burundi rugiye kuzoba rutoroshe hagati ya VITAL’O F.C na LE MESSAGER F.C NGOZI bazotana mumitwe muri “Coupe du President Final 2016″ngo barizera itsinzi bose bazoyitahana bakegukana ico gikombe kiriko kiravurwa ko vyinshi n’uko abakinyi bayinikira iyo mirwi yompi izotana mumitwe ngaho kukibuga c’inkino c’Intara ya Rutana ngo umuntu abitegereje bose arabona ko biteguye bikwiye nkuko abantu barindiriye kubarore bariko baravuga y’uko batabona uwuzoshobora gutsindira Coupe du President Final 2016 kubera barabonako bizogorana abandi ngo ntubwo aburana babiri hagatsinda umwe.

Amakaru dukesha  VITAL’O F.C umenyesha urukino rwa Coupe du President Final 2016 barwiteguriye neza barizeye itsindi yo kuruyu wa gatandatu itariki 25/06/2016 ubu  baraye bashitse muntara ya Rutana,ku munsi wa gatatu wiyi indwi n’imyiteguro bayitanguye bitwaje abanyezamu 3 “Gardiens”n’abakinyi barenga 20hamwe n’umukanga”docteur”azovura abakinyi bagize ikibazo mur’urwo rukino.

10444349_1537654939832440_4176422544903626352_n
                                                       LE MESSAGER F.C NGOZI

Twagerageje kuronde LE MESSAGER F.C NGOZI bashobore kugira ico ushikirije aba fans babo ariko ico twashoboye kumenya n’uko biteguriye neza urukino rwa Coupe du President Final 2016 barizeye itsindi kuzoyaka  VITAL’O F.C bararemesha aba fans babo hama turangize tubamerera aba fans biyo mirwi mutashoboye kwishikira muntara ya Rutana ahazobera iyo Coupe du President Final 2016,ku munsi wa gatandatu iyi ndiwi.

Tuzoshobora kubamenyesha uwatsindiye ico gikombe c’umukuru w’igihugu mu Burundi c’uno mwaka wa 2016 tubibutse y’uko umwaka uheze catsindiye Vital’o F.c mbega nkumu fans wa VITAL’O F.C na LE MESSAGER F.C NGOZI witegereje ukuntu bose bafise abakinyi  batoroshe mugukina wongeye ukaraba inkono bagiye barakina mw’ihiganwa rya Primus League 1 ubona ar’uwahe umurwi uzotahukana itsindi ugatsindira igiko c’umukuru w’igihugu c’uburundi m’umupira w’amaguru umwaka wa 2015-2016?

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s