NATACHA ari mu Burundi n’indirimbo nshasha kandi DIAMOND PLATMNUZ yemeye bazokore collabo


Asigaye ari igihangange mu muziki w’uburundi na East Africa kubera ibikorwa vy’umuziki bitandukanye yampa akora ni umuririmvyikazi NATACHA aho aba fans biwe ubu bamwiteguriye bidasanzwe mu gikorwa gishasha yabemereye ko yagiye gukorera mugihugu ca Tanzania n’uko kuri uyu wa kane iyindi ndwi niho yagaruka ava muri cogihugu mugisagara ca Dar es Salaam yaramazeyo iminsi kuhakorera indirimbo nshasha muri Studio ikomeye cane WASAFI RECORD isanzwe ihagarikiwe n’umuririmvyi Diamond Platmnuz rurangiranwa mu muziki wa East Africa ndetse nuwa Africa yose arazwi cane.

Umuririmvyikazi NATACHA agishika kukibuga c’indege ca Bujumbura uno muririmvyikazi Natacha yatwiganiriye  mu kuvuga  ngo ubu ashaka ko ashika mu rwego rukomeye muri kano karere ka Africa y’ubuseruko“EAST AFRICA”mu gukora cane gose bishimishije abanywanyi mu muziki w’uburundi hamwe naba fans biwe nkuko yabibemereye ko azobikora bidatevye muzovyibonera mukuba icamamare yongere abashe guserukira igihugu c’uburundi bwamwibarutse nk’umuririmvyikazi rurangiranwa w’umurundikazi akora neza cane indirimbo nama Video vy’urwego rukomeye cane zizimvye zikorwa neza muhinga bugezweho.

13533249_2138519699759916_9045491513527046092_nUmuririmvyikazi Natacha akaba y’amenyesheje y’uko indirimbo yiwe nshasha aheruka gukorera mugihugu ca Tanzania nkuko abantu benshi muyirindiranye igishika cinshi ngo yamaze kugaruka mu Burundi yaje ayibazaniye yitwa “SHIKILIA”arabemereye y’uko igiye kubica bikacika mukarere kose ka Afrika y’ubuseruko kubera yaryoheye bamwe mu baririmvyi batandukanye bakomakomeye bo muri cogihugu basanzwe bari  muri LABEL ya WASAFI RECORDS uhereye kwa DIAMOND PLATMNUZ,RICHIE MAVOKO,HARMONIZER,RAYMOND,Manage  BABU TALE.

Hamwe n’umuhinyanyuzi LIZER CLASSIC yahinyanyuye iyo ndirimbo bose barashoboye kumubwira y’uko bayishimagije kwiryoshe mwomenye ko igihangange c’umuziki wa Tanzinia na Africa yose ariwe DIAMOND PLATMNUZ yahavuye aravuga ko agiye kuzokorana Collabo y’indirimbo nshasha arikumwe n’umuririmvyikazi NATACHA kuko y’abonye ko ari igihangange ashoboye cane gose umuziki yamwemeje kubuhinga budasanzwe bwiyo ndirimbo yiwe nshasha kandi ko ariko agera kurugero rukomeye cane nkuko y’ayibazaniye  aba fans biwe uwo muririmvyikazi abarizwa mugisagara ca Bujumbura.

13512171_2138519796426573_3883548453439435157_nIndirimbo nshasha yiswe SHIKILIA ya Natacha rero naho yaheze gukorwa ngo ntizoboneka vuba kuko y’amenyesheje y’uko ubu ariko arakora nkumu professionnel igikorwa afise n’uko ariko agirira promotion indirimbo ziwe zasohotse na cane cane Video Utaipenda yafashije Umuririmvyi Gaga Blue bose bakora umuziki w’uburundi kandi irakundwa kurabwa no kumvirizwa kuva igispohoka yabandanije avuga ko  iyo ndirimbo yiwe nshasha yarayikoreye Video nziza caaane ikoreshejwe na Camera igezweho kandi izimvye yitwa Red  nimwe gusa mugihugu ca Tanzania.

Ngo iyo Video y’indirimbo Shikilia y’akoze Director PABLO wo mugihugu ca Tanzania  yigeze gyfata amasanamu y’indirimbo Tuungane yaririmbanye na Banana Zorro wo muri Tanzania nyene kandi umuririmvyikazi Natacha agishika kukibuga c’indege ca Bujumbura yakiriwe n’umuryango wiwe barikumwe n’umugabo wiwe azwi kw’izina Alfredo Frojo amuyobozi wa Hotel du Lac Tanganyika mu Burundi hamwe n’abajejwe umutekano bo kukibuga c’indege basanzwe bakunda caaane indirimbo ziwe.

13509011_2138519653093254_6361686010204647314_nUmuririmvyikazi Natacha yarangije asavye aba fans biwe  n’abanywanyi mu muziki w’uburundi mushimishwa n’ibikorwa mugusohora indirimbo nama Video bibaryohera kumviriza hamwe no kuraba rero  ngo murindirane igishika cinshi cane indirimbo nshasha yiwe yise SHIKILIA y’abazaniye ayisohore ifise Audio & Video kuko izobica bicike arabizeza ko muzoryoherwa cane gose.

KURIKIRANA URABE  AYANDI AMAFOTO Y'UKUNTU BAMWAKIRIYE KUKIBUGA C'INDEGE CA BUJUMBURA

13512164_2138519769759909_3481770953572425589_n

13434943_2138519599759926_3250436103845670969_n

13533051_2138519729759913_8863603623736324254_n

GAGA BLUE Ft NATACHA - Utaipenda [Official Video]
Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s