ASHLEY,THITY LOVE,AKES,DJ RAPHA ntaco bibatwaye kuririmbwa mundirimbo WACHANE ya Bienv-Fizzo


Kuvaho haraye hasohotse indirimbo nshasha yitwa WACHANE y’umuririmvyi BIENV-FIZZO yaririmba adoma urutoke abaririmvyi/kazi,abamenyeshamakuru/kazi hamwe n’umukinyi w’umupira w’amaguru w’Intamba Murugamba bose bavuka mugihugu c’uburundi aho aririmbamwo abaza aba fans biwe ko ashobora kubatabura abo yavuze amazina muri iyo ndimbo ntubwo bimeze uko abanywanyi bakunda umuziki w’uburundi benshi ntibayakiriye neza bamumbwira ko yabuze ico aririmba abandi ngo yakopinze“COPY” ibiti“BEAT” y’umu Artist RAYMOND wo mugihugu ca Tanzania yaririmvye indirimbo yitwa NATAFUTA KIKI.

Nkuko abanywanyi mu muziki w’uburundi benshi batakiriye kumwe iyo ndirimbo WACHANE y’umuririmvyi BIENV-FIZZO  bavuga y’uko ntakintu yaririmvye bumvamwo gushika ubu bagifise agashavu kenshi kubera y’aririmvyemwo abaririmvyi hamwe n’abaririmvyikazi basanzwe bashigikira ibikorwa vyabo,abandi nabo bayakiriye neza bakavuga ko ari indirimbo nziza cane gose y’abaryoheye,uravye benshi bakomeza kuyitera ivyatsi mukuvuga ko yatukanye ariko nawe akabumvisha ko atigeze atukana ahubwo yariko arabaza ngo NDABATABURE “NI WACHANE”

13509126_1751871335051140_3591771673689747476_nIndirimbo WACHANE  y’umuririmvyi BIENV-FIZZO ikomeje kwatsa umuriro mu ba fans bamwe bamwe bakunda ibikorwa vy’abaririmvyi n’abaririmvyikazi yashoboye kuririmbamwo nka  BIG FIZZO,LOLILOTEAM SATURA ya SAT-B , TEAM WAKA WAKA ya AKES ,DJ PRO,KOOK-K,BEST LIFE,NATACHA,ASHLEY,THITY LOVE,n’uko twashoboye kubarondera bose tubabaze ico bayivugako ingene bavyakiriye kumva y’arashoboye kubaririmba abadoma ko urutoke ariko ntitwashoboye kubaronka bose twaronse batatu hamwe n’umumenyeshamakuru umwe nibo baduhaye ikiganiro.

Mukiganiro twakoranye nabo tubabaza ukuntu bavyakiye kumva  Bienv-Fizzo abaririmba  mukubaza aba fans biwe ntimba yoshobora kubatabura“NIWE WACHANE” abotwaronse ni ASHLEY, THITY LOVE,AKES ayoboye Team Waka Waka, DJ RAPHA bose batanze inyishu zitandukanye kubibazo twababajije vyerekeye iyo ndirimbo Wachane aho umwe wese yishuye ngo ntaco vyabambwiye mukwiyumva mundirimbo Wachane cangwe bagire ico bayivuze ko vyinshi tukumbwire uri umu fans wabo urahumurizwa ko bitogutera ikibazo kuko nabo ntakibazo bibateye kubona yarabaririmvye.

12003187_580201215451908_5839495879229250323_n
                                   ASHLEY

Twamubajije umuririmvyikazi ASHLEY ati mbega wumvise indirimbo ya Bienv-Fizzo y’akudomye ko urutoke wewe na NATCHA?ntimba warayumvise iyo ndirimbo ubivuze kw’iki kuba yarakuririmvye?yatwishuye y’uko bisanzwe kandi ntanakimwe bimumbwiye canke bimutware yavuze ati narayumvise kandi jewe ntaco bintwaye n’ukuri. Duhejeje kuyaga nawe twarondeye umuririmvyikazi THITY LOVE nawe twamubajije ikibazo nkico nyene yatwishuye avuga ngo ntaco bintwaye kuko ntiyandirimvye nabi.

Bienv-Fizzo yayiririmvye avuga y’uko ko atawe yatutse rero abanywanyi mu muziki w’uburundi bamutahure kubera ngo yariko arabaza aba fans biwe hamwe abatabuye hoba iki? n’uko munyuma twaronse umuririmvyi AKES asanzwe ayoboye TEAM WAKA WAKA nawe tamubajije ikibazo kimeze nkico twabajije Ashley, Thity Love niho kutwishura avuga ngo gusa ntakintu kinini noyivugako ataruko no bambwira abantu y’uko je na Sat-B ntaco dupfa kiretse ko aba fans biyita aba Waka Waka n’abiyita Satura batumvikana babicishije mubikorwa vyanje na Sat-B.

12654403_1133568163329176_5127260945785700898_n-1
THITY LOVE

Mu gihe twaheza kuyaga na Akes twaciye turonka umumenyeshamakuru DJ RAPHA akora kw’iradiyo na Tv Salama twamubajije ikibazo ati none iyo ndirimbo uyivuze kw’iki?yaciye atwishura ngo ntaco ndabivuzeko yobaye ari nka BIG FIZZO canke KIDUM ntari kugira ico mbivuzeko.Yashatse kuvuga ko iyaba ari Big Fizzo canke Kidum bashoboye kumuririmba bamudomako urutoke mundirimbo yabo yari kugira ico ayivuzeko ariko ngo ntiyashimye kuvuga ico yayivuga ko indirimbo WACHANE.

12961648_1723560701223782_8284206281948681075_n
AKES
11061728_1588010798126088_4339124419818131662_o
                                                                  DJ RAPHA

Turangize tubamerera abanywanyi mu muziki w’uburundi y’uko ay’amakuru y’indirimbo nshasha WACHANE ya Bienv-Fizzo bamwe muri mwebwe mutashoboye kuyakira neza tubambwire ko tuzobandanya tubaronderera nabo bandi mwumvisemwo badomye ko urutoke abaririmba bagire ico bayivuze ko canke ukuntu bavyakiriye mu kumva y’uko y’abaririmvye abaza aba fans biwe yoshobora kubatabura.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s